ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/07 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 10/07 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Gitugutu: Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe hari abashimishijwe, mubashikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Igitabu Ubumenyi coshobora gushikirizwa. Munyonyo: Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Niba abantu bavuze ko ata bana bafise, nimushikirize ka gatabu Mwame mugavye! Kigarama: Hazoshikirizwa igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu mwoshobora gushikiriza igitabu Niwiyegereze Yehova canke igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo.

◼ Kubera yuko ukwezi kwa Kigarama kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.

◼ Ya videwo ivuga ngo “Soigner sans transfuser:besoins et droits du patient” (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa) izorimburwa mw’Ikoraniro ry’umurimo rimwe ryo muri Nzero. Nimba bikenewe, amakaseti y’iyo videwo yoshobora gusabwa n’ishengero vuba bishoboka.

◼ Inyongera yo muri iyi nomero y’Igikorwa dukorera Ubwami ni “Urutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2008”. Umuntu rero akwiye kuruzigama kugira ngo azoze ararukoresha mu mwaka wose wa 2008.

◼ Turabasavye mumenye yuko umuvukanyi ashikiriza ikiganiro ca nyuma c’Ikoraniro ry’umurimo ari we akwiye gutanguza ururirimbo rwo gusozera. Mu nyuma, uwo muvukanyi canke uwundi akwije ibisabwa yagenywe imbere y’igihe ni we azoshikiriza isengesho ryo gusozera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika