Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 14 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza be na Réveillez-vous! yo muri Ndamukiza.
Imin. 20: Gushigikira igikorwa c’Ubwami aho iwanyu no kw’isi yose. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba ikigabane ca 12.
Imin. 15: “Aha inkomezi abadendebukiwe”.a Niba umwanya ubigukundiye, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo.
Ururirimbo rwa 1 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 21 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze Inyishu ku bibazo vyanyu.
Imin. 15: Urashobora kwiga urundi rurimi! Insiguro ishingiye kuri Réveillez-vous! yo muri Ntwarante 2007, ku rupapuro rwa 10-12. Nushimike ku gaciro ko kwiga urundi rurimi umuntu afise intumbero yo guteza imbere ubutumwa bwiza.
Imin. 20: “Woba uburanira Ijambo ry’Imana?”b Nushiremwo insasanuro ukuye mu nzitiro ziri ku rupapuro rwa 143-144 mu gitabu c’Ishure ry’ubusuku.
Ururirimbo rwa 202 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 28 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro wo muri Rusama. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza be na Réveillez-vous! yo muri Ndamukiza.
Imin. 20: Muri Ruheshi hazoshikirizwa igitabu Créateur canke Agahimbare mu Rugo. Nimuvuge imice imwimwe y’ivyo bitabu ihuje n’igihe tugezemwo mwongere mugire umwerekano w’ukuntu igitabu kimwekimwe cose coshikirizwa mukoresheje uburyo bwo gutanguza ibiyago bwoba ngirakamaro mu cibare canyu. Nimba umwanya ubibakundiye, nimusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyiza vyavuye mu gushikiriza ivyo bitabu abo bazinanyi canke abo mu muryango.
Imin. 15: Ivyabonywe mu ndimiro. Nimwigane ivyabonywe n’abatsimvyi bafasha be n’abandi bamamaji igihe bongereza umwanya bamara mu gikorwa co mu ndimiro mu mezi ya Ntwarante, Ndamukiza na Rusama. Nimwigane kandi ivyabonywe n’ababandanije kugendera abo basigiye ibinyamakuru bafise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Icabonywe kimwe canke bibiri bidasanzwe vyoshobora gusubirwamwo mu buryo bw’agakino gasubiramwo ivyabaye.
Ururirimbo rwa 21 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 4 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami be n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Nimwigishe abana banyu gushemeza Yehova”.c Igihe muganira ku ngingo ya 4, nimushiremwo insasanuro zikuwe mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Mukakaro 2005, urupapuro rwa 7.
Ururirimbo rwa 169 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.