Woba uburanira Ijambo ry’Imana?
1 Mw’isi isiga iceyi Bibiliya, abakirisu b’ukuri baraburanira Ijambo ry’Imana babigiranye umwete. Kubera ko twajijutse yuko “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana” turashigikira Yezu Kristu, uwemeje mw’isengesho yatuye Yehova ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri” (2 Tim. 3:16; Yoh. 17:17). Twoshobora gute kuburanira Ijambo ry’Imana mu buryo ngirakamaro?
2 Niwige Ivyanditswe: Nta nkeka ko Yezu ubwiwe yiga Ijambo ry’Imana ashirutse ubute. Ivyo vyatumye ashobora kwigisha akoresheje Ivyanditswe mu gihe cose c’ubusuku bwiwe (Luka 4:16-21; 24:44-46). Dushobora gute gushira mu bwenge ivyanditswe vyinshi vyodufasha? Twobishobora mu gusoma Bibiliya buri musi maze tugaca tuzirikana ku canditswe ahanini twabonye ko kiremesha canke ko codufasha mu busuku turangura. Igihe turiko turategura amakoraniro, dukwiye kuraba ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo maze tugaca tubisoma muri Bibiliya, kumbure tukanategura insasanuro ishingiye kuri vyo. Igihe turi mu makoraniro dukwiye gukurikira muri Bibiliya yacu igihe umushikirizansiguro asoma ivyanditswe. Kwiga ivyanditswe vyo muri Bibiliya bizodufasha ‘kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’.—2 Tim. 2:15.
3 Reka Bibiliya abe ari yo yivugira: Igihe turi mu busuku, turakwiye kureka Bibiliya ikaba ari yo yivugira. Nk’akarorero, niba bishoboka bivanye n’ukuntu ibintu vyifashe, turakwiye kugerageza gusomera uwo dusanze ku muhana icanditswe maze tukakiganirako. Niba abajije ikibazo canke avyuye ibihari, biraba vyiza kuruta dukoresheje Bibiliya mu kwishura. Igihe uwo munyamuhana afatiriwe, na ho nyene twoshobora gushira ahabona iciyumviro co muri Bibiliya mu kuvuga duti: “Imbere yuko ngenda, nkundira dusomere hamwe iki canditswe kimwe”. Igihe cose bishoboka, nusome muri Bibiliya ku buryo n’uwukwumviriza mujana mu gusoma.
4 Igihe umuntu umwe yerekwa ivyanditswe vyerekana ko inyigisho y’Ubutatu atari yo, yavuze atangaye ati: “Kuva mvuka namye nja mu misa, ariko mvugishije ukuri sinari nzi ko Bibiliya ivuga ivyo bintu!”. Yaciye ubwo nyene yemera kwiga Bibiliya. Yezu yavuze yuko intama ziwe zokwumvise ijwi ryiwe (Yoh. 10:16, 27). Uburyo bwiza kuruta bwotuma abantu b’imitima nziraburyarya batahura ukuri ni uko ukwo kuri bokwibonera mu Vyanditswe. Ku bw’ivyo rero, nimuze tuburanire Ijambo ry’Imana ry’ukuri!