“Aha inkomezi abadendebukiwe”
1 Twese rimwe na rimwe turaruha. Uwo muruho woshobora kuba udaterwa gusa n’akazi dukora canke ikindi gikorwa gisaba inguvu, ariko ushobora no guterwa n’ingorane zidushikira muri ibi “bihe bigoye” (2 Tim. 3:1). Twebwe abasavyi ba Yehova, turonka gute inkomezi zo mu vy’impwemu zikenewe kugira ngo ntiduhororokerwe mu busuku turangura? Tuzironka mu kwiheka kuri Umwe afise ‘inkomezi nyinshi’, Yehova (Yes. 40:26). Arazi ivyo dukeneye kandi aritwararika vy’ukuri kudufasha.—1 Pet. 5:7.
2 Ivyo Yehova adufashisha: Yehova aradukomeza abicishije ku mpwemu yiwe yera, akaba ari ya nguvu nyene itananirwa yakoresha mu kurema ijuru n’isi. Impwemu y’Imana iradufasha “[kw]iyubura mu nkomezi nsha” igihe turushe cane (Yes. 40:31). Niwibaze rero uti: ‘Ni ryari mperutse gusenga ndomako nsaba impwemu yera kugira ngo indonse inkomezi zo kurangura amabanga ya gikirisu njejwe?’.—Luka 11:11-13.
3 Mu gihe buri musi dusoma Ijambo ry’Imana ryahumetswe tukongera tukarizirikanako ku musi ku musi, be no mu gihe twigaburira mu vy’impwemu mu kwiyigisha ibitabu vyacu vya gikirisu tudahorereza, duca tuba nk’ “igiti [ciza] gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyum[e]”.—Zab. 1:2, 3.
4 Yehova arakoresha kandi abo dusangiye ukwizera bashobora kutubera “imfashanyo ikomeza” (Kol. 4:10, 11, NW). Baradukomeza ku makoraniro biciye ku biyago vyubaka, ku nsasanuro batanga be no ku nsiguro bashikiriza (Ivyak. 15:32). Abakurambere bakirisu ni bo canecane badufasha mu vy’impwemu bakongera bakaturemesha mu buryo buruhura.—Yes. 32:1, 2.
5 Ubusuku: Igihe wumvise ko urushe, ntuce ureka kwamamaza. Mu buryo butandukanye n’ibindi bikorwa vyose, kugira uruhara mu busuku tudahorereza biraturuhura vy’ukuri (Mat. 11:28-30). Kwamamaza inkuru nziza biradufasha kuguma duhanze amaso Ubwami bw’Imana no kugumiza mu bwenge kazoza kamaho be n’ivyiza katubikiye.
6 Hariho vyinshi vyo gukora imbere yuko iyi si mbi isangangurwa. Turafise imvo zumvikana zo kuguma dushikamye mu gikorwa cacu tubifashijwemwo n’ “ubushobozi Imana itanga” (1 Pet. 4:11). Yehova adufashije tuzosozera igikorwa cacu kubera ko ari we “aha inkomezi abadendebukiwe”, ni ukuvuga abarushe.—Yes. 40:29.