ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/06 rup. 3-6
  • Urutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2007

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2007
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Udutwe
  • Ibikurikizwa
  • URUTONDE
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 10/06 rup. 3-6

Urutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2007

Ibikurikizwa

Mu mwaka wa 2007 ibikurikira ni vyo biringanijwe ngo bizokurikizwe igihe Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rizoba ririko rirarongorwa.

ISOKO RY’AMAYAGWA: Bibiliya Yera, Umunara w’Inderetsi [w], Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi [be], “Ivyanditswe vyose”—ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro [bsi06-bsi07] na Imitwe yo Kuganirako Ishingiye Kuri Bibiliya [td].

Ishure rikwiye gutangura KU GIHE, rigatangurwa n’ururirimbo, isengesho be n’amajambo magufi y’ikaze, maze mukabigenza mu buryo bwerekanywe aha hepfo. Ikiganiro kimwekimwe cose kirangiye, umucungezi w’ishure azoha ikaze uwushikiriza ikiganiro gikurikira.

KAMERE Y’IVY’UKUVUGA: Iminuta 5. Umucungezi w’ishure, umuhanuzi w’inyongera canke uwundi mukurambere abishoboye azoca irya n’ino kamere y’ivy’ukuvuga ishingiye ku gitabu c’Ishure ry’Ubusuku (Mu mashengero afise abakurambere bakeyi, abakozi b’ishengero babishoboye boshobora gukoreshwa.)

IKIGANIRO NO. 1: Iminuta 10. Ico gikwiye gushikirizwa n’umukurambere abishoboye canke umukozi w’ishengero abishoboye, kikazoba kandi gishimikiye ku Munara w’Inderetsi, ku gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi canke ku gatabu “Ivyanditswe vyose”—ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro. Ico kiganiro gikwiye gushikirizwa nk’insiguro ncishabwenge y’iminuta cumi. Intumbero ntikwiye gusa kuba iyo guhetura ayo mayagwa, mugabo ikwiye no kuba iyo gukwegera ivyiyumviro vy’abantu ku gaciro ngirakimazi k’amakuru ariko ararimburwa, hagashimikwa ku vyorushiriza gufasha ishengero. Umutwe-shimikiro werekanywe ni wo ukwiye gukoreshwa. Vyitezwe yuko abavukanyi bashingwa iyo nsiguro biyubara ntibarenze umwanya. Impanuro yo mu mwiherero yoshobora gutangwa mu gihe bikenewe.

IVYIYUMVIRO BIKURUBIKURU VYO MU GISOMWA CA BIBILIYA: Iminuta 10. Mu minuta itanu ya mbere, umukurambere abishoboye canke umukozi w’ishengero abishoboye akwiye guhuza ayo mayagwa n’ibikenewe iwanyu. Yoshobora kugira ico avuze ku gihimba ico ari co cose c’igisomwa ca Bibiliya catanzwe muri iyo ndwi. Ivyo ntibikwiye kuba gusa incamake y’igisomwa catanzwe. Intumbero nyamukuru ni iyo gufasha abumviriza gutahura igituma be n’ukuntu ayo mayagwa ari ay’agaciro. Umushikirizansiguro akwiye kwiyubara ntarenze ya minuta itanu yagenewe igice gitangura. Akwiye kuraba neza iminuta itanu isigaye akayihebera vya bibazo bibazwa abumviriza. Akwiye gusaba abumviriza gutanga insasanuro ngufingufi (amasegunda 30 canke adashika) ku vyiyumviro vyabashimishije mu gisomwa ca Bibiliya be n’akamaro vyabagiriye. Umucungezi w’ishure azoca arungika abanyeshure bagenewe kuja mu yandi masomero.

IKIGANIRO NO. 2: Iminuta 4 canke idashika. Ico ni igisomwa gishikirizwa n’umuvukanyi. Umunyeshure akwiye gusoma amayagwa yatanzwe atarinze gushikiriza intangamarara canke insozero. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane gufasha abanyeshure gusoma batahura ivyo basoma, kuvuga borohewe, gushimika mu buryo bubereye, guhindagura ijwi, kuruhuka mu buryo bubereye be no kumera uko basanzwe bameze.

IKIGANIRO NO. 3: Iminuta 5. Ico kizoshingwa umuvukanyikazi. Abanyeshure bashingwa ico kiganiro bazohabwa ikiringo bafatirako canke batore kimwe mu bitondetse ku rupapuro rwa 82 mu gitabu Ishure ry’Ubusuku. Umunyeshure akwiye gukoresha umutwe-shimikiro watanzwe kandi akawerekeza ku muce w’umurimo wo mu ndimiro werekeye ibintu bishika koko kandi wokoreshwa mu cibare canyu. Igihe haterekanywe aho umunyeshure yokura amayagwa, azokenera gutororokanya amayagwa akoresha ku bw’ico kiganiro mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vyacu. Abanyeshure bashasha bakwiye guhabwa ibiganiro bifise amarabiro. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane uburyo umunyeshure aca irya n’ino ayo mayagwa be n’uburyo afasha uwo asanze ku muhana kuzirikana ku Vyanditswe no gutahura ivyiyumviro nyamukuru vy’ico kiganiro. Umucungezi w’ishure azogena umufasha umwe.

IKIGANIRO NO. 4: Iminuta 5. Umunyeshure akwiye guca irya n’ino umutwe-shimikiro watanzwe. Igihe haterekanywe aho umunyeshure akura amayagwa, azokenera gutororokanya amayagwa akoresha ku bw’ico kiganiro mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vyacu. Igihe ico kiganiro gishinzwe umuvukanyi, gikwiye gushikirizwa nk’insiguro, uwuyishikiriza akayishikiriza yiyumvira abari mu Ngoro y’Ubwami. Igihe gishinzwe umuvukanyikazi, gikwiye kwama gishikirizwa nk’uko vyerekanywe ku kiganiro No. 3. Umucungezi w’ishure yoshobora guha umuvukanyi ikiganiro No. 4 igihe cose abona ko bibereye. Muramenye yuko imitwe y’ibiganiro iriko akamenyetso k’akanyenyeri ikwiye kwama ishingwa abavukanyi bakayishikiriza bwa nsiguro.

IMPANURO: Umunuta 1. Umucungezi w’ishure ntazomenyesha imbere y’igihe kamere y’ivy’ukuvuga umunyeshure aza gukorerako. Inyuma y’ikiganiro No. 2, No. 3, na No. 4, umucungezi w’ishure azokeza umunyeshure ku muce munaka w’insiguro yakozeko neza. Intumbero yiwe si iyo gupfa kuvuga ngo “wakoze neza”, ahubwo riho, ni iyo kwerekana imvo zitomoye zatumye uwo muce w’ivyo gushikiriza insiguro ushika ku ntumbero yawo. Hakurikijwe ivyo umunyeshure wese akeneye, izindi mpanuro zubaka zoshobora gutangirwa mu mwiherero ikoraniro rirangiye canke ikindi gihe.

UMWANYA: Nta nsiguro n’imwe ikwiye kurenza umwanya canke ngo amajambo y’umuhanuzi awurenze. Ibiganiro bihera ku No. 2 gushika ku ya 4 bikwiye guhagarikwa bigiranywe ubugenge igihe umwanya wabigenewe urangiye. Mu gihe abavukanyi bashikiriza insiguro itangura ishingiye kuri kamere y’ivy’ukuvuga, ikiganiro No. 1, canke ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya barengeje umwanya, bakwiye guhabwa impanuro mu mwiherero. Bose bakwiye kutarenza umwanya. Porogarama yose hamwe izomara iminuta 45, hatarimwo ururirimbo be n’isengesho.

URUKARATASI RW’IMPANURO: Ruri mu gitabu.

UMUHANUZI W’INYONGERA: Inama y’abakurambere yoshobora gutora umukurambere abishoboye nimba ahari, akaza yiyongera ku mucungezi w’ishure, kugira abe umuhanuzi w’inyongera. Nimba mw’ishengero hari abakurambere benshi, ico gihe abakurambere babishoboye barashobora kuza barakurakuranwa muri iryo banga uko umwaka utashe. Umuhanuzi w’inyongera azoba ajejwe gutanga impanuro mu mwiherero igihe bikenewe, akaziha abavukanyi bashikiriza ikiganiro No. 1 be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya. Si ngombwa ngo yame atanga impanuro inyuma y’imwimwe yose muri izo nsiguro zishikirizwa n’abakurambere bagenziwe canke zishikirizwa n’abakozi b’ishengero.

ISUBIRAMWO RIGIRWA KU MUNWA: Iminuta 30. Uko amezi abiri ahaciye, umucungezi w’ishure azoza arayobora isubiramwo rigirwa ku munwa. Imbere y’iryo subiramwo, hazorimburwa kamere y’ivy’ukuvuga be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya, bikazogirwa nk’uko vyerekanywe aho haruguru. Iryo subiramwo rizoba rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mw’ishure mu mezi abiri aheruka, dushizemwo n’iyo ndwi iberamwo iryo subiramwo. Mu gihe ishengero ryanyu ryoba rifise iteraniro ry’umuzunguruko mu ndwi iberamwo isubiramwo rigirwa ku munwa, ico gihe iryo subiramwo (hamwe n’igice ca porogarama gisigaye co mu rutonde rwo muri iyo ndwi) rikwiye kwungururizwa ku ndwi ikurikira, hanyuma porogarama yobaye muri iyo ndwi, ikagirwa mu ndwi iberamwo nya teraniro ry’umuzunguruko. Mu gihe ishengero ryanyu rizoba ryagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko mu ndwi iberamwo isubiramwo rigirwa ku munwa, muri ico gihe ururirimbo, insiguro ya kamere y’ivy’ukuvuga hamwe n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya bikwiye gushikirizwa nk’uko biri ku rutonde. Insiguro ncishabwenge (imwe ishikirizwa inyuma y’insiguro ya kamere y’ivy’ukuvuga) ikwiye kuba iyo ku rutonde rwo mu ndwi ikurikira. Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu ndwi ikurikira rizoba rigizwe n’insiguro ya kamere y’ivy’ukuvuga hamwe n’ivyiyumviro bikurubikuru nk’uko biri ku rutonde, hace hakurikira isubiramwo rigirwa ku munwa.

URUTONDE

1 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 24-28 Ururirimbo rwa 33

Kamere y’ivy’ukuvuga: Insobanuro ngirakimazi y’ukuntu amayagwa yokurikizwa (be rup. 158 ing. 2-4)

No. 1: Gutegura ibigabu umunyeshure ahabwa mw’ishure (be rup. 43 ing. 1–rup. 44 ing. 3)

No. 2: Yesaya 26:1-18

No. 3: Ni bande bazozurwa? (td 21A)

No. 4: Dushobora gute “[k]wambara Umwami Yesu Kristo”? (Rom. 13:14)

8 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 29-33 Ururirimbo rwa 42

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gufasha abandi gutegera (be rup. 159 ing. 1-4)

No. 1: Gukorera ku mutwe w’ikiganiro be no ku kiringo gifatirwako (be rup. 44 ing. 4–rup. 46 ing. 2)

No. 2: Yesaya 30:1-14

No. 3: Abapfuye bazozukira hehe? (td 21B)

No. 4: Ikitwereka ko Yehova Imana akunda abana

15 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 34-37 Ururirimbo rwa 222

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutoranya amajambo (be rup. 160 ing. 1-3)

No. 1: Nutsimbataze ukubona ikibi n’iciza nk’uko Yezu yabibona (w05 1/1 rup. 9-10 ing. 11-15)

No. 2: Yesaya 34:1-15

No. 3: Uburyo bwo gutsimbataza urukundo nyakuri

No. 4: Shetani yoba ari umuntu abaho koko? (td 22A)

22 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 38-42 Ururirimbo rwa 61

Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo itagoye gutahura (be rup. 161 ing. 1-4)

No. 1: Ntuhungabanywe n’ukurwanywa (w05 1/1 rup. 15 ing. 16-18)

No. 2: Yesaya 38:9-22

No. 3: Shetani ni we mutegetsi ataboneka w’isi (td 22B)

No. 4: Igituma twokwirinda kwiyumvira abandi ukutariko

29 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 43-46 Ururirimbo rwa 113

Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo irobetse kandi itarimwo amahinyu (be rup. 161 ing. 5–rup. 162 ing. 4)

No. 1: Igituma twemera imanza za Yehova (w05 1/2 rup. 23-24 ing. 4-9)

No. 2: Yesaya 45:1-14

No. 3: Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye abamarayika bagararije (td 22C)

No. 4: a Igituma abakirisu birinda kwigereranya n’abandi mu buryo bw’uguhiganwa

5 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 47-51 Ururirimbo rwa 79

Kamere y’ivy’ukuvuga: Amajambo yumvikanisha inguvu, inyiyumvo, n’uburyohe bw’ururimi (be rup. 163 ing. 1–rup. 164 ing. 2)

No. 1: Ijambo rya Yehova rituma tuguma tudahumanye rikongera rikadufasha kuba intahemuka (w05 15/4 rup. 11-12 ing. 5-11)

No. 2: Yesaya 50:1-11

No. 3: Imana si yo itera amagorwa yugarije isi (td 23A)

No. 4: Bibiliya yoba ibuza ivy’uguhanahana ingabire?

12 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 52-57 Ururirimbo rwa 139

Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo ikurikiza amategeko y’indimburo (be rup. 164 ing. 3–rup. 165 ing. 1)

No. 1: Ijambo rya Yehova riraturonsa umutima rugabo (w05 15/4 rup. 12-13 ing. 12-14)

No. 2: Yesaya 55:1-13

No. 3: Kugira ubuzima bwo kwitanga ni ngirakamaro

No. 4: Igituma Imana yabaye iraretse ububisha (td 23B)

19 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 58-62 Ururirimbo rwa 189

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha urucacagu (be rup. 166 ing. 1–rup. 167 ing. 1)

No. 1: Igitabu ca Yesaya—Igituma ari ngirakamaro (bsi06 rup. 31-32 ing. 34-39)

No. 2: Yesaya 60:1-14

No. 3: Ni kubera iki kuba abagurano b’Imana bihimbaye?

No. 4: Imana iragaragaza ikigongwe cayo cinshi (td 23C)

26 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 63-66 Ururirimbo rwa 141

Kamere y’ivy’ukuvuga: Tondeka neza ivyiyumviro vyawe (be rup. 167 ing. 2–rup. 168 ing. 1)

Isubiramwo rigirwa ku munwa

5 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 1-4 Ururirimbo rwa 70

Kamere y’ivy’ukuvuga: Nugume woroheje urucacagu rw’insiguro yawe (be rup. 168 ing. 2–rup. 169 ing. 5)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Yeremiya (bsi07 rup. 3 ing. 1-5)

No. 2: Yeremiya 3:1-13

No. 3: Agahimbare nyakuri kava ku ki?

No. 4: Ubwami bw’Imana ni wo muti wonyene (td 23D)

12 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 5-7 Ururirimbo rwa 159

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza amayagwa mu buryo bwumvikana (be rup. 170 ing. 1–rup. 171 ing. 2)

No. 1: Gutegura insiguro zishikirizwa ishengero (be rup. 47 ing. 1–rup. 49 ing. 1)

No. 2: Yeremiya 5:1-14

No. 3: Umuntu nta kintu kidapfa kiri muri we (td 24A)

No. 4: Ingene mu gihe cacu twoshira mu ngiro icigwa dukura muri Kuvayo 14:11

19 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 8-11 Ururirimbo rwa 182

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza amakuru mu buryo bwumvikana (be rup. 171 ing. 3–rup. 172 ing. 5)

No. 1: Gutegura ibiganiro vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo be n’izindi nsiguro (be rup. 49 ing. 2–rup. 51 ing. 1)

No. 2: Yeremiya 10:1-16

No. 3: Tuzi gute yuko Aburahamu, Yobu hamwe na Daniyeli bemera izuka?

No. 4: Imana itanga agakiza biciye gusa kuri Kirisitu (td 25A)

26 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 12-16 Ururirimbo rwa 205

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha gusa amayagwa bijanye (be rup. 173 ing. 1-4)

No. 1: Incungu irashira ahabona ubugororotsi bw’Imana (w05 1/11 rup. 13-14)

No. 2: Yeremiya 12:1-13

No. 3: Imvugo ngo “mu gihe ukijijwe uba ukijijwe ibihe vyose” ntishingiye ku Vyanditswe (td 25B)

No. 4: Ni mu buryo ki umukirisu akwiye kwishimira ico ari?

2 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 17-21 Ururirimbo rwa 30

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza insiguro ataho uyisoma (be rup. 174 ing. 1–rup. 175 ing. 5)

No. 1: Gutegura insiguro zishikirizwa icese (be rup. 52 ing. 1–rup. 54 ing. 1)

No. 2: Yeremiya 20:1-13

No. 3: Imvugo ngo “Ubukiriro bw’isi yose” ntishingiye ku Vyanditswe (td 25C)

No. 4: b Dukwiye kubona gute impanuro?

9 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 22-24 Ururirimbo rwa 184

Kamere y’ivy’ukuvuga: Niwirinde kugwa mu mitego iri mu gushikiriza insiguro ataho uyisoma (be rup. 176 ing. 1–rup. 177 ing. 2)

No. 1: Ingingo zifatwa n’umushikirizansiguro (be rup. 54 ing. 2-4; rup. 55, uruzitiro)

No. 2: Yeremiya 23:1-14

No. 3: Igituma kugira uruhara mu busuku bituzanira umunezero

No. 4: Igituma Yehova adashobora kuba mu co bita Ubutatu (td 26A)

16 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 25-28 Ururirimbo rwa 27

Kamere y’ivy’ukuvuga: Igihe abandi badusavye gusobanura (be rup. 177 ing. 3–rup. 178 ing. 3)

No. 1: Nutsimbataze ubuhanga bw’ukwigisha (be rup. 56 ing. 1–rup. 57 ing. 2)

No. 2: Yeremiya 26:1-15

No. 3: Umwana ntangana na Se (td 26B)

No. 4: Ni mu buryo ubuhe ivu ryavumwe? (Ita. 3:17)

23 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 29-31 Ururirimbo rwa 148

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvuga nk’uwuyaga (be rup. 179-180)

No. 1: ‘Nutandukanye ibintu’ (be rup. 57 ing. 3–rup. 58 ing. 2)

No. 2: Yeremiya 31:1-14

No. 3: Ni kubera iki ubukuru bwa Yehova butagira akarimbi?

No. 4: Ukuntu Imana na Kirisitu bari umwe (td 26C)

30 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 32-34 Ururirimbo rwa 100

Kamere y’ivy’ukuvuga: Ijwi rimeze neza (be rup. 181 ing. 4)

Isubiramwo rigirwa ku munwa

7 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 35-38 Ururirimbo rwa 165

Kamere y’ivy’ukuvuga: Hema neza (be rup. 181 ing. 5–rup. 184 ing. 1; rup. 182, uruzitiro)

No. 1: Nuremeshe abumviriza kwiyumvira (be rup. 58 ing. 3–rup. 59 ing. 3)

No. 2: Yeremiya 36:1-13

No. 3: Impwemu yera si umuntu (td 26D)

No. 4: Abakirisu bashobora gute gutsinda ugukekeranya?

14 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 39-43 Ururirimbo rwa 56

Kamere y’ivy’ukuvuga: Niworoshe imitsi iranze (be rup. 184 ing. 2–rup. 185 ing. 2; rup. 184, uruzitiro)

No. 1: Niwerekane insobanuro wongere utange akarorero keza (be rup. 60 ing. 1–rup. 61 ing. 3)

No. 2: Yeremiya 39:1-14

No. 3: Ubuzima budahera si indoto (td 27A)

No. 4: c Igituma abakirisu b’ukuri bihatira kureshanya mu buryo butarimwo uguhumana

21 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 44-48 Ururirimbo rwa 122

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwitwararika abandi (be rup. 186 ing. 1-4)

No. 1: Uburyo bwo kuryohora ubuhanga bwo kuyaga (be rup. 62 ing. 1–rup. 64 ing. 1)

No. 2: Yeremiya 46:1-17

No. 3: Ukwihenda ari ko kwibesha ni iki, kandi twokwirinda gute?

No. 4: Ni bande baja mw’ijuru? (td 27B)

28 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 49-50 Ururirimbo rwa 95

Kamere y’ivy’ukuvuga: Niwumvirize witonze (be rup. 187 ing. 1-5)

No. 1: Uburyo bwo kubandanya ikiyago (be rup. 64 ing. 2–rup. 65 ing. 4)

No. 2: Yeremiya 49:14-27

No. 3: Igitigiri c’abazoronka ubuzima budahera kw’isi, ntikizwi (td 27C)

No. 4: Igituma abavyeyi bakwiye gusomera abana babo

4 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 51-52 Ururirimbo rwa 166

Kamere y’ivy’ukuvuga: Nufashe abandi batere imbere (be rup. 187 ing. 6–rup. 188 ing. 3)

No. 1: Igitabu ca Yeremiya—Igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 3-4 ing. 36-39)

No. 2: Yeremiya 52:1-16

No. 3: Kutisunga Imana ni ubupfu

No. 4: Imigisha izozanwa n’Ubwami bw’Imana (td 28A)

11 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Gucura intimba 1-2 Ururirimbo rwa 129

Kamere y’ivy’ukuvuga: Nusahirize abandi mu buryo buboneka (be rup. 188 ing. 4–rup. 189 ing. 4)

No. 1: Intangamarara y’igitabu co Gucura intimba (bsi07 rup. 4-5 ing. 1-7)

No. 2: Gucura intimba 2:1-10

No. 3: Ubwami butangura kuganza mu gihe abansi ba Kirisitu bakiriko barakora (td 28B)

No. 4: Igituma ubuntu nyakuri atari ubugoyagoye

18 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Gucura intimba 3-5 Ururirimbo rwa 140

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwubaha abandi (be rup. 190 ing. 1-rup. 191 ing. 1)

No. 1: Igitabu co Gucura intimba—Igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 5-6 ing. 13-15)

No. 2: Gucura intimba 4:1-13

No. 3: Ubwami bw’Imana ntibuza biciye ku twigoro tw’abantu (td 28C)

No. 4: d Igituma abakirisu b’ukuri bataja mu vya politike

25 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 1-5 Ururirimbo rwa 1

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuraba ryiza umuntu ubigiranye icubahiro (be rup. 191 ing. 2–rup. 192 ing. 1)

Isubiramwo rigirwa ku munwa

2 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 6-10 Ururirimbo rwa 26

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza insiguro mu rupfasoni (be rup. 192 ing. 2–rup. 193 ing. 2)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Ezekiyeli (bsi07 rup. 6-7 ing. 1-6)

No. 2: Ezekiyeli 7:1-13

No. 3: Ibisabwa kugira umuntu yiyegereze Yehova (Yak. 4:8)

No. 4: Ugukizwa kwo mu buryo bw’Impwemu gufise akamaro akahe? (td 29A)

9 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 11-14 Ururirimbo rwa 112

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvugana ubujijutsi (be rup. 194 ing. 1–rup. 195 ing. 2)

No. 1: Nturambirwe no gukora ivyiza (w05 1/6 rup. 29-30)

No. 2: Ezekiyeli 11:1-13

No. 3: Biciye ku Bwami bw’Imana ni ho abantu bazokizwa rimwe rizima mu buryo bw’umubiri (td 29B)

No. 4: Amajambo ari mu Vyahishuriwe Yohana 17:9-11 dukwiye kuyatahura gute?

16 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 15-17 Ururirimbo rwa 29

Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingene wogaragaza ubujijutsi (be rup. 195 ing. 3–rup. 196 ing. 4)

No. 1: Nurwanye ivyiyumviro bitari vyo! (w05 15/9 rup. 26-28)

No. 2: Ezekiyeli 16:1-13

No. 3: Bisobanura iki kuba umunyamakenga (Imig. 13:16)

No. 4: Ugukiza ku gitangaro kugirwa mu gihe ca none ntikuva ku Mana (td 29C)

23 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 18-20 Ururirimbo rwa 193

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvugana ubugenge ariko ushikamye (be rup. 197 ing. 1-3)

No. 1: Nutegere ico nyene kubaza yiyumvira (be rup. 66 ing. 1–rup. 68 ing. 1)

No. 2: Ezekiyeli 18:19-29

No. 3: Kuvugishwa mu zindi ndimi coba ari ikimenyamenya ntakekeranywa c’uko umuntu atoneshwa n’Imana? (td 29D)

No. 4: Ibimenyamenya vyerekana yuko Ubwami bw’Imana atari umugani

30 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 21-23 Ururirimbo rwa 35

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvugana ubugenge igihe ushinga intahe (be rup. 197 ing. 4–rup. 198 ing. 5)

No. 1: Numenye ingene ukwiye kwishura (be rup. 68 ing. 2–rup. 70 ing. 3)

No. 2: Ezekiyeli 23:1-17

No. 3: Igituma Imana itemera ivy’ugusenga aba kera (td 30A)

No. 4: Ni gute umuntu yobona ubukuru mu buryo bubereye?

6 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 24-27 Ururirimbo rwa 37

Kamere y’ivy’ukuvuga: Amajambo abereye mu gihe kibereye (be rup. 199 ing. 1-4)

No. 1: Kuganira biciye mu makete (be rup. 71-73)

No. 2: Ezekiyeli 24:1-14

No. 3: Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Musa ari akarorero keza cane ku bakirisu?

No. 4: Abantu barashobora guterwa iteka, ariko Imana yonyene ni yo ikwiye gusengwa (td 30B)

13 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 28-31 Ururirimbo rwa 123

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvugana ubugenge iyo turi kumwe n’abo mu muryango be n’abandi (be rup. 200 ing. 1-4)

No. 1: Tera uja imbere, wunguruze (be rup. 74 ing. 1–rup. 75 ing. 3)

No. 2: Ezekiyeli 28:1-16

No. 3: Mariya yari nyina wa Yezu ntiyari “nyina w’Imana” (td 31A)

No. 4: Mu Vyanditswe, imvugo ngo “mwanke” isobanura iki?

20 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 32-34 Ururirimbo rwa 215

Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibiyago vyubaka kandi vyeza umutima (be rup. 202 ing. 1–rup. 203 ing. 2)

No. 1: Koresha ingabirano ufise (be rup. 75 ing. 4–rup. 77 ing. 2)

No. 2: Ezekiyeli 34:1-14

No. 3: Impwemu y’Imana idufasha gute?

No. 4: Bibiliya irerekana ko Mariya “atagumye ari isugi” (td 31B)

27 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 35-38 Ururirimbo rwa 94

Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo yawe igume ari iyubaka (be rup. 203 ing. 3–rup. 204 ing. 1)

Isubiramwo rigirwa ku munwa

3 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 39-41 Ururirimbo rwa 194

Kamere y’ivy’ukuvuga: Igihe uyaga n’abo musangiye ukwemera (be rup. 204 ing. 2–rup. 205 ing. 4)

No. 1: Ni kubera iki twokunda cane Ijambo ry’Imana? (w05 15/4 rup. 15-16 ing. 3-6)

No. 2: Ezekiyeli 40:1-15

No. 3: Abantu boba vy’ukuri bashobora kunezereza Imana?

No. 4: Kuja hamwe kw’amadini si yo nzira y’Imana (td 32A)

10 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 42-45 Ururirimbo rwa 77

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusubiramwo kugira ngo ushimike (be rup. 206 ing. 1-4)

No. 1: Igihe ubusaza buba ‘igitsibo c’ubwiza’ (w05 15/1 rup. 8-9)

No. 2: Ezekiyeli 43:1-12

No. 3: Amadini yose yoba ari meza? (td 32B)

No. 4: e Dushobora gute kumenya ‘ijwi ry’ab’ahandi’? (Yoh. 10:5)

17 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 46-48 Ururirimbo rwa 164

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusubiramwo mu busuku bwo mu ndimiro, be n’igihe ushikiriza insiguro (be rup. 207 ing. 1–rup. 208 ing. 3)

No. 1: Igitabu ca Ezekiyeli—Igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 7-8 ing. 29-33)

No. 2: Ezekiyeli 47:1-14

No. 3: Kirisitu ntagaruka abantu bamubona n’amaso (td 33A)

No. 4: f Igituma iragi rihambaye ryo mu vy’impwemu ari yo ngabirano nziza kuruta izindi abavyeyi bashobora guha abana babo

24 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 1-3 Ururirimbo rwa 179

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwubakira ku mutwe-shimikiro (be rup. 209 ing. 1-3)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Daniyeli (bsi07 rup. 8-9 ing. 1-6)

No. 2: Daniyeli 2:1-16

No. 3: Igituma igitigiri 144.000 gifatwa nk’uko kiri (Ivyah. 7:4)

No. 4: Ukugaruka kwa Kirisitu kumenyekanira ku bintu biboneka biba (td 33B)

1 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 4-6 Ururirimbo rwa 14

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha umutwe–shimikiro ubereye (be rup. 210 ing. 1–rup. 211 ing. 1; rup. 211, uruzitiro)

No. 1: Ni ryari gushavura vyoba bifise ishingiro? (w05 1/8 rup. 13-15)

No. 2: Daniyeli 4:1-17

No. 3: Dushobora gute kwigana kamere nziza za Mefibosheti?

No. 4: Igituma abakirisu b’ukuri bankwa (td 34A)

8 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 7-9 Ururirimbo rwa 34

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushira ahabona ingingo nkurunkuru (be rup. 212 ing. 1–rup. 213 ing. 1)

No. 1: Reka “Ijambo” rya Yehova rikurinde (w05 1/9 rup. 28-31)

No. 2: Daniyeli 7:1-12

No. 3: Umugore ntakwiye kureka ngo umugabo amutandukanye n’Imana (td 34B)

No. 4: Ni umunezero udasanzwe uyuhe umuntu aronka igihe yama agira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro?

15 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 10-12 Ururirimbo rwa 210

Kamere y’ivy’ukuvuga: Ntushiremwo ingingo nkurunkuru umurengera (be rup. 213 ing. 2–rup. 214 ing. 5)

No. 1: Igitabu ca Daniyeli—Igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 9-10 ing. 19-23)

No. 2: Daniyeli 11:1-14

No. 3: Ingene ukwicisha bugufi gushobora kudufasha kurengera ukutumvikana ukutari ko

No. 4: Umugabo ntakwiye kureka ngo umugore wiwe amubuze gusukurira Imana (td 34C)

22 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Hoseya 1-7 Ururirimbo rwa 66

Kamere y’ivy’ukuvuga: Intangamarara ivyura ugushimishwa (be rup. 215 ing.1–rup. 216 ing. 5)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Hoseya n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 11-12 ing. 1-8, 14-17)

No. 2: Hoseya 5:1-15

No. 3: Umuntu ntiyandikiwe ibimushikira (td 35A)

No. 4: Uburyo butari bumwe abakirisu b’ukuri bagaragaza ukwihangana

29 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Hoseya 8-14 Ururirimbo rwa 59

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukwegera ivyiyumviro vy’abantu igihe uri mu murimo wo mu ndimiro (be rup. 217 ing. 1-4)

Isubiramwo rigirwa ku munwa

5 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Yoweli 1-3 Ururirimbo rwa 166

Kamere y’ivy’ukuvuga: Nutomore umutwe w’ikiganiro cawe mu ntangamarara (be rup. 217 ing. 5–rup. 219 ing. 2)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Yoweli n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 13-14 ing. 1-5, 12-14)

No. 2: Yoweli 2:1-14

No. 3: Ico bisobanura kugira “urukundo ruhīngūwe” (1 Yoh. 4:18)

No. 4: Umubano w’ababiranye utegerezwa kuba uwuteye iteka (td 36A)

12 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Amosi 1-9 Ururirimbo rwa 211

Kamere y’ivy’ukuvuga: Insozero ishika ku nyota (be rup. 220 ing. 1-3)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Amosi n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 14-16 ing. 1-6, 13-17)

No. 2: Amosi 2:1-16

No. 3: Igituma kwigira ku bidushikira atari bwo buryo bwiza cane kuruta ubundi

No. 4: Abakirisu bategerezwa kwubahiriza ya ngingo ngenderwako y’ububemutwe (td 36B)

19 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Obadiya 1—Yona 4 Ururirimbo rwa 220

Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibintu vyo kugumiza mu muzirikanyi (be rup. 221 ing. 1-5)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Obadiya n’ica Yona n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 16-17 ing. 1-5, 10-14; rup. 17-19 ing. 1-4, 9-12)

No. 2: Yona 1:1-17

No. 3: Ibanga abavyeyi bajejwe ku bana (td 36C)

No. 4: Igituma iparadizo yo mu vy’impwemu ari yo ikwiye kubanza kuhaba imbere y’uko habaho iparadizo kw’isi

26 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Mika 1-7 Ururirimbo rwa 18

Kamere y’ivy’ukuvuga: Mu busuku bwo mu ndimiro (be rup. 221 ing. 6–rup. 222 ing. 6)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Mika n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 19-21 ing. 1-8, 16-19)

No. 2: Mika 2:1-13

No. 3: Ico bisobanura kuba umuntu atekereza

No. 4: Abakirisu bakwiye kwubakana gusa n’abakirisu (td 36D)

3 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Nahumu 1—Habakuki 3 Ururirimbo rwa 137

Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvuga inkuru ata mahinyu (be rup. 223 ing. 1-5)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Nahumu n’ica Habakuki n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 21-23 ing. 1-7, 11-12; rup. 23-24 ing. 1-5, 12-14)

No. 2: Habakuki 1:1-17

No. 3: Abakirisu b’ukuri ntibaharika (td 36E)

No. 4: Igituma ubuzima budahera butazoba burambira

10 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Zefaniya 1—Hagayi 2 Ururirimbo rwa 78

Kamere y’ivy’ukuvuga: ‘Kugumya ijambo ryo kwizerwa’ (be rup. 224 ing. 1-4)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Zefaniya n’ica Hagayi n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 25-26 ing. 1-6, 10-12; rup. 27-28 ing.1-7, 13-16)

No. 2: Zefaniya 3:1-17

No. 3: Gehinomu, si ikibanza co kubabarizwamwo kirimwo umuriro nya muriro (td 37A)

No. 4: g Kamere y’ivy’impwemu igira ico ikoze gute ku mubano w’abubatse?

17 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Zekariya 1-8 Ururirimbo rwa 209

Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusuzuma yuko amakuru atagiramwo amahinyu (be rup. 225 ing. 1-3)

No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Zekariya (bsi07 rup. 28-29 ing. 1-7)

No. 2: Zekariya 7:1-14

No. 3: Iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi ryarangutse gute?

No. 4: Umuriro ni ikigereranyo c’ukuzimanganywa (td 37B)

24 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Zekariya 9-14 Ururirimbo rwa 202

Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo itahurika ku bandi (be rup. 226 ing. 1–rup. 227 ing. 1)

No. 1: Igitabu ca Zekariya—Igituma ari ngirakamaro be n’intangamarara y’igitabu ca Malaki n’igituma ari ngirakamaro (bsi07 rup. 29-30 ing. 23-27; rup. 31-32 ing. 1-6, 13-17)

No. 2: Zekariya 10:1-12

No. 3: Inkuru y’umutunzi na Lazaro si co kimenyamenya c’uko hariho ukubabazwa ibihe bidahera (td 37C)

No. 4: Dushobora gute kwitegurira uruhamo?

31 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Malaki 1-4 Ururirimbo rwa 118

Kamere y’ivy’ukuvuga: Sigura amajambo atamenyerewe (be rup. 227 ing. 2–rup. 228 ing. 1)

Isubiramwo rigirwa ku munwa

[Footnotes]

a Gishingwe abavukanyi gusa.

b Gishingwe abavukanyi gusa.

c Gishingwe abavukanyi gusa.

d Gishingwe abavukanyi gusa.

e Gishingwe abavukanyi gusa.

f Gishingwe abavukanyi gusa.

g Gishingwe abavukanyi gusa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika