Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Gitugutu: Nimushikirize ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe hari abashimishijwe, turabasavye mubashikirize agatabu Mwame mugavye!, kugira mutume barushiriza gushimishwa na Bibiliya. Munyonyo: Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abo muganiriye bavuze ko badafise abana, nimubashikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?, canke akandi kabereye cabure igitabu Ubumenyi. Kigarama: Hazoshikirizwa igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mwoba mudafise ico gitabu mwoshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. Nzero 2007: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 casohowe imbere yo mu 1991 kirashobora gushikirizwa. Igitabu Ubumenyi canke agatabu Mwame mugavye! birashobora gushikirizwa na vyo nyene.
◼ Kubera yuko ukwezi kwa Kigarama gufise impera z’imishamvu zitanu zuzuye, kuzoba ari ukwezi kwiza cane kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Inyongera yo muri iyi nomero y’Igikorwa dukorera Ubwami ni “Urutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2007”. Umuntu rero akwiye kuruzigama kugira ngo azoze ararukoresha mu mwaka wose wa 2007.
◼ Ya videwo irimwo ibiganiro vyo kurorera ivuga ngo “Pas de sang:la médecine relève le défi” (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso) izokwihwezwa kw’Ikoraniro ry’umurimo rimwe ryo muri Nzero, mu turere ayo mavidewo ashobora kuboneka. Nimba hari abakeneye akadisiki kitwa DVD canke ikaseti vy’iyo videwo, bakwiye kubisaba biciye kw’ishengero vuba bishoboka.
◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2007 izoshikirizwa ku w’iyinga igenekerezo rya 15 Ndamukiza. Umutwe w’iyo nsiguro uzomenyeshwa mu gihe kiza. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu, azoshikirizwa iyo nsiguro ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 15 Ndamukiza 2007.