Ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami—Umuce uhambaye mu murimo mweranda
1. Ni ibiki bimaze kurangurwa mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami, ariko none, hoba hariho ibigikenewe?
1 Kuva porogarama y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami itanguye muri Nyakanga 1999, Ingoro z’Ubwami 555 zarubatswe 21 na zo zirahindurwa izindi 35 zirasanurwa mu turere two mu Burundi, muri Kenya, muri Tanzaniya no muri Uganda. Turakenguruka bimwe bivuye ku mutima igikorwa kitoroshe caranguwe n’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami be n’abitanga gukora bavyishakiye hamwe n’abo bose babashigikiye. Naho igikorwa kinini cane kimaze kuranguka, haracari vyinshi vyo gukora mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Ni gute twese twoshigikira uwo muce uhambaye w’umurimo mweranda turangurira Yehova?—Ivyah. 7:15.
2. Twoshigikira gute ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami mu buryo bugaragara?
2 Tugire umutima ukunze: Nimba uri umwamamaji yabatijwe, turakwinginze kwitegurira kuja gukorana n’imigwi y’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami (Zab. 110:3). Abashaka bose gukora bavyishakiye bategerezwa kuba ari abakozi bafise umutima ukunze, bafise kandi n’agatima ko gusenyera ku mugozi umwe n’abandi (Zab. 133:1). Naho woba udafise ubuhanga mu vy’ubwubatsi, urashobora guterera rwose agacumu k’ubumwe, iyo poroje y’ivy’ubwubatsi ikagenda neza. Urashobora kandi kumenyerezwa bikazotuma ugira akamaro kanini gusumba muri kazoza.
3. Ni mu bundi buryo ubuhe dushobora kwerekana ko dushigikiye iyo ntunganyo?
3 Nimba udashoboye gukora uri umwishakire, woshobora kwerekana ko ushigikiye ico gikorwa mu kuremesha abandi bashoboye kugira uruhara muri iyo ntunganyo. Urashobora gufasha mu kurangura ibikorwa vyo mw’ishengero vyari bijejwe abagiye gufasha. Abakurambere bategekanije ibintu imbere y’igihe, barashobora kwiyemeza ko ishengero rizokwitwararikwa neza mu gihe bamwebamwe bazoba bariko barakora muri poroje y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Nta gukeka, Yehova arahimbarwa igihe dukora dusenyera ku mugozi umwe kugira duteze imbere ivyungura Ubwami.—Heb. 13:16.
4. Ni gute twokomeza abagira uruhara mu maporoje y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami?
4 Tube abaremesha: Kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo bisaba umwanya munini be n’ugukora cane. Birumvikana rero ko abazotumirwa kuja gufasha mu maporoje y’ubwubatsi bazomara igihe batari mu mashengero yabo. Nimuze twihutire gukeza no kuremesha abitanga mu vy’ubwubatsi, bakora bagatama ku bw’iki “gikorwa”!—Ivyak. 6:3; Rom. 14:19.
5. Ni gute abitanga mu vy’ubwubatsi boshobora kugira uburimbane?
5 Tugire uburimbane: Kwamamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana ni umuce nyamukuru w’igikorwa cacu ca gitewokarasi (Mrk. 13:10). Kubera imigwi y’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami ifise ico kintu mu muzirikanyi, irihatira gutunganya ivy’amaporoje kugira ngo abitanga gukora bavyishakiye ntibibe ngombwa ko bava mu mashengero yabo bidakenewe. Nk’ukwo nyene, abitanga mu vy’ubwubatsi barakwiye kwihata bakagira uburimbane ku bijanye n’ukurangura amabanga atari make bajejwe. Baratunganya ibintu kugira biyemeze neza ko ibikorwa bashinzwe mw’ishengero bizokwitwararikwa igihe bazoba atari ho bari.
6. Ni igiki kirangurwa mu gihe abagize ishengero bose basenyeye ku mugozi umwe mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri?
6 Intumwa Paulo yadondoye abagize ishengero nk’abakorera hamwe mu bumwe “kugira habe ugukura kw’umubiri kugira ngo wiyubake mu rukundo” (Ef. 4:16, NW). Urukundo dukunda Yehova be n’urwo dukunda ugusenga kw’ukuri bizodusunikira gusenyera ku mugozi umwe kugira twamamaze inkuru nziza, rwongere rutume dushigikira ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami.