Akarorero ku bato n’abakuze
Yari afitaniye n’Imana ubucuti burangwa igishika kandi bwa somambike. Yahebeye ubuzima bwiwe gukora ivyo Yehova agomba. “Yagendana n’Imana” kandi yarahezagiwe kubera ico. Uwo yari Nowa, akaba ari akarorero kabereye kwiganwa n’abato be n’abakuze (Ita. 6:9). Ya Videwo ivuga ngo: Noé:il marchait avec Dieu (Nowa Yagendana n’Imana) izogufasha kwiha ishusho y’ukuntu ubuzima bwa Nowa bwari bumeze, igituma yari abereye guhezagirwa na Yehova hamwe n’ukuntu ushobora kwigana kamere ziwe nziza. Aho amavidewo ataboneka, kwihweza Itanguriro ikigabane ca 6 gushika ku ca 9 bizoturemesha gukurikiza akarorero keza Nowa yasigiye abakirisu b’ukuri muri iyi misi y’iherezo.
Akadisiki kitwa DVD k’iyo videwo ya Nowa karimwo ibibazo, dusanga aha hepfo, vyo gusuzuma ubumenyi (Video Quiz). Nurabe iyo videwo, canke nimba itaboneka aho iwanyu, nusome ivyanditswe vyatanzwe bikuwe mw’Itanguriro ikigabane ca 6 gushika ku ca 9 uheze usuzume ubumenyi bwawe mu kwibaza utu tubazo: (1) Ni ikintu kitari ciza ikihe abamarayika bakoze, kandi Abanefili bari bande? (Ita. 6:1, 2, 4) (2) Ni kubera abantu bacitse abanyakibi bigera iyo hose, kandi vyatumye Imana yumva imerewe gute? (Ita. 6:4-6) (3) Nowa yari atandukaniye he n’abandi bantu? (Ita. 6:22) (4) Abanyakibi basanganguwe gute? (Ita. 6:17) (5) Ubwato bwangana gute? (Ita. 6:15) (6) Ni ikindi kintu ikihe Nowa yakoze, kandi abantu bavyakiriye gute? (Mat. 24:38, 39; 2 Pet. 2:5) (7) Mu bwato hariyo ibikoko bingahe bingahe ku bwoko bwose bw’igikoko? (Ita. 7:2, 3, 8, 9) (8) Imvura yamaze igihe kingana gute iriko iragwa, kandi isi yamaze igihe kingana gute irengewe n’amazi? (Ita. 7:11, 12; 8:3, 4) (9) Ni kubera iki Nowa n’umuryango wiwe barokotse? (Ita. 6:18, 22; 7:5) (10) Ubwato bwahagaze hehe? (Ita. 8:4) (11) Nowa yamenye gute ko hageze kuva mu bwato? (Ita. 8:6-12) (12) Nowa asohotse ubwato yakoze iki? (Ita. 8:20-22) (13) Umunywamazi ugereranya iki? (Ita. 9:8-16) (14) ‘Kugendana n’Imana’ bisobanura iki? (Ita. 6:9, 22; 7:5) (15) Dusabwa gukora iki kugira ngo tuze tubone Nowa mw’Iparadizo? (Mat. 28:19, 20; 1 Pet. 2:21)
Iyo nkuru yo muri Bibiliya ivuga uwo mugabo Nowa w’intahemuka kandi agamburuka, yakwigishije iki ku vyerekeye ukuntu nawe woshobora ‘kugendana n’Imana’ kandi ukizigira ubushobozi Yehova afise bwo kurokora abasavyi biwe bo muri iki gihe?—Ita. 7:1; Imig. 10:16; Heb. 11:7; 2 Pet. 2:9.