ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/05 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 14 Munyonyo
  • Indwi itangura ku wa 21 Munyonyo
  • Indwi itangura ku wa 28 Munyonyo
  • Indwi itangura ku wa 5 Kigarama
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 11/05 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 14 Munyonyo

Ururirimbo rwa 220

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama ziri ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Gitugutu. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Muri umwumwe muri iyo mwerekano, nimwerekane uburyo butandukanye umuntu yokoresha kugira ngo yishure ku majambo yo guhagarika ikiyago avuga ngo “Ndifitiye idini ryanje”.—Raba agatabu Uburyo bwo gutanguza no kubandanya ibiyago, rup. 10.

Imin. 15: Intererano zinezereza umutima w’Imana. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2005, ku rupapuro rwa 26-30. Nimba uwo Munara w’Inderetsi utaraboneka, nimukoreshe ikiganiro kivuga ngo “Woba uzi agahimbare kazanwa n’ugutanga?” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2004, ku rupapuro rwa 19-23.

Imin. 20: “Dutangaze ubuninahazwa bwa Yehova”. Igihe murimbura ingingo ya 4, nusabe abumviriza bavuge muri make ivyabonywe vyerekana ukuntu ukwigenza neza bishobora gutuma umuntu ashinga intahe.

Ururirimbo rwa 24 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 21 Munyonyo

Ururirimbo rwa 40

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi.

Imin. 20: Yehova numugire Imana yawe. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku 1 Ndamukiza 2005, ku rupapuro rwa 25-28. Nuvuge ukuntu ivyigwa dukura ku karorero ka Aburahamu, ka Dawidi be n’aka Eliya vyoshirwa mu ngiro mu buryo ngirakamaro.

Imin. 15: “Twitwararike abandi mu kuba abantu bazi kwihweza”.a Nimushiremwo umwerekano w’umwamamaji yihweza neza ikintu cerekana ivyo uwo bariko bayaga akunda, ace ahuza ico kiyago n’ivyo uwo muntu amubwiye.

Ururirimbo rwa 67 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 28 Munyonyo

Ururirimbo rwa 7

Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo muri Munyonyo. Nimukoreshe inama ziri ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Nucishemwo ibijanye na ya ntunganyo yo gutanga intererano.

Imin. 15: “Twofasha gute?”. Ni insiguro. Nuvuge uburorero bukeyi bw’utwigoro abasavyi ba Yehova bagize kugira ngo batabare abo basangiye ukwizera bari n’ivyo bakeneye mu buryo bwihutirwa (Raba inomero ya Réveillez-vous! yo ku wa 8 Myandagaro 2003, rup. 10-15; iyo ku wa 22 Munyonyo 2002, rup. 19-24; be n’iyo ku wa 22 Gitugutu 2001, rup. 23-27. Woshobora gukoresha ayandi marabiro.). Nimuce muganira ku vyiyumviro nyamukuru bikuwe mu kiganiro kiri ku rupapuro rwa 7 rw’iki Gikorwa dukorera Ubwami. Nushimike ku vy’uko abo ari bo bose bipfuza gutanga intererano zo gutabara imbabare canke gufasha abamerewe nabi, vyoba vyiza bazishize mu ntererano zigenewe igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

Imin. 18: Gushikiriza inkuru nziza muri Kigarama. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Mu nsiguro y’intangamarara y’iminuta itanu, nusubiremwo muri make ivyiyumviro bikuwe mu kiganiro kivuga ngo “Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa” dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005, ku rupapuro rwa 8. Ivyo vyiyumviro na vyo ni ibi bikurikira: (1) Mu bisanzwe, birarushiriza kutugendera neza igihe dutanguje ikiyago mu majambo yacu bwite. (2) Dutegerezwa kuba abantu bazi kuraba neza ibintu maze tugatanguza ibiyago duhuje n’ibisanzwe vyemewe aho hantu. (3) Turakeneye kurimbura ivyo abantu bo mu cibare cacu bakuriyemwo be n’ivyiyumviro vyabo. (4) Dukwiye gusoma twitonze ikiganiro canke ikigabane dutegekanya kwerekana tukongera tukarondera ivyiyumviro vyoshobora kuvyura ugushimishwa. (5) Ntitubwirizwa gukoresha gusa burya buryo bwo gutanguza ibiyago duhabwa. Nimuce muganira ku kuntu ivyo vyiyumviro muzobishira mu ngiro igihe muzoba muriko muratanga ibisohokayandikiro bishikirizwa muri Kigarama. Mwoshobora gukoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago bwatanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005 canke ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bwoba ngirakamaro aho iwanyu. Nimugire umwerekano umwe canke ibiri.

Ururirimbo rwa 123 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 5 Kigarama

Ururirimbo rwa 38

Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.

Imin. 20: “Ingene twotera iteka Yehova mu buzima bwacu–Igice ca 1—Mu muryango”.b

Imin. 20: “Ubusuku bwacu bushika ku biki?”c Igihe murimbura ingingo ya 5, nushiremwo insasanuro zishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2004, ku rupapuro rwa 32.

Ururirimbo rwa 26 n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika