ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/05 rup. 1
  • Twitwararike abandi mu kuba abantu bazi kwihweza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twitwararike abandi mu kuba abantu bazi kwihweza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Twitwararike abandi mu kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwitwararika uwo muganira
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Nufashe uwo muyaga kuzirikana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Dufashe abantu ‘bikangure bave mw’itiro’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 11/05 rup. 1

Twitwararike abandi mu kuba abantu bazi kwihweza

1 Yehova Imana na Kirisitu Yezu nta we bagereranywa mu vyo kumenya ibintu binaka abantu bakeneye no mu vyo kubafasha (2 Ngo. 16:9; Mrk. 6:34). Igihe tubonye ivyo abantu duhura mu busuku bakunda be n’ibibaraje ishinga, twoshobora kubihuza n’uburyo dushikiriza inkuru nziza.

2 Mu kwihweza neza ibintu bitobito: Yezu yari umuntu azi kwihweza (Mrk. 12:41-43; Luka 19:1-6). Na twebwe nyene, igihe twegereje ku muryango w’uwo tugendeye, maze tukabona ibisharizo bifitaniye isano n’idini, ivyivugo vyanditse ku miduga, canke udukinisho tw’abana turi ku mbuga, twoshobora guca turondera ukuntu twokwamamaza inkuru nziza mu buryo ngirakamaro.

3 Ukuntu umuntu usanze asa mu maso be n’ukuntu usanze ameze vyogira ico bikweretse ku bijanye n’ukuntu uwo muntu amerewe (Imig. 15:13). Kumbure yoba yarabuze uwiwe canke hakaba hari ikindi kintu catumye yumva ko akeneye guhumurizwa. Igihe dusuzumiye hamwe na we ivyanditswe bimwebimwe bibereye, vyoshobora kumuhimbara (Imig. 16:24). Woba uhuriranye n’uko uwo usanze ku muhana asohotse yihuta canke ariko arahendagiza umwana? Nimba usanze ari ukwo bimeze, vyoba vyiza utunganije ivy’ugusubira kumugendera ikindi gihe. Mu gihe tubaye abantu bitwararika abandi kandi ‘bababarana’, vyotuma umuntu atwumviriza igihe tugarutse kumugendera.—1 Pet. 3:8.

4 Ivyo uvuga nubihuze n’uko ibintu vyifashe: Intumwa Paulo yaritegereje arabona ko igisagara c’i Atenayi gifise igicaniro c’ “Imana itazwi”. Ivyo vyaragize ico bikora ku kuntu yashikirije inkuru nziza, kuko yavuze ati: “Iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira”. Kuba Paulo yakoresheje ubugenge vyaratumye bamwe mu bari bahari baha agaciro ubutumwa bwerekeye Ubwami yariko arabashikiriza, maze barizera.—Ivyak. 17:23, 34.

5 Muri ubwo buryo nyene, kuba turi abantu bazi kwihweza biradufasha kubona ivyo umuntu akeneye maze bigatuma duhuza ikiganiro cacu n’uko ibintu vyifashe. Nidukoreshe ibibazo vyofasha uwo muntu guserura iryo agona. Nitwiyumvire Ivyanditswe vyoshobora gukoreshwa kugira uwo muntu abandanye ashimishwa (Imig. 20:5). Tubaye abantu bazi kwihweza kandi tukitwararika abandi ata buryarya, bizodufasha kuganira na bo ivyerekeye inkuru nziza tubigiranye ubuhanga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika