Umusi wa Yehova uri hafi
1 Abakirisu barahahamiye ukuza kw’umusi wa Yehova, uwo azosangangurirako uru runkwekwe rw’ibintu maze rusubirirwe n’isi nshasha irimwo ukugororoka (2 Pet. 3:12, 13). Kubera ko tutazi neza na neza igihe uwo musi uzozirako, dutegerezwa kuguma tugavye kandi tugafasha abandi kubigenza gutyo (Ezk. 33:7-9; Mat. 24:42-44). Ukuzirikana kw’Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana bizotuma turushiriza kujijuka yuko “umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi”.—Zef. 1:14.
2Ugukurakuranwa kw’intwaro nganzasi: Nk’uko vyanditswe mu Vyahishuriwe 17:9-11, intumwa Yohani iravuga ivyerekeye “abami indwi” bagereranya intwaro nganzasi indwi zagiye zirakurikirana. Yohani aravuga kandi ivyerekeye umwami ‘agira umunani’, ubu akaba agereranya Ishirahamwe Mpuzamakungu O.N.U. Twoba dukwiye kwitega ko haba izindi ntwaro nganzasi zoseruka? Oya, ubwo buhanuzi buvuga yuko uwo mwami agira umunani “[aja] kuranduka” kandi, nta wundi mwami wo mw’isi yongera kuvugwa inyuma y’ivyo. Ubwo buhanuzi bwoba bugufasha kubona aho tugeze mu rukurikirane rw’ibihe?
3 Muri Daniyeli 2:31-45 haradufasha gutegera ukuza kw’umusi wa Yehova. Muri ubwo buhanuzi, igishushanyo amahero cabonywe na Nebukadineza mu ndoto kigereranya intwaro nganzasi uko zagiye zirakurikirana. Imwe yose muri izo ntwaro yaramaze guseruka. None muri iki gihe, tugeze ku yihe ntwaro nganzasi? Turi mu kiringo cagereranijwe n’ibirenge vy’ico gishushanyo. Ubwo buhanuzi buradondora bimwe bikomeye ibizoca bishika mu nyuma. Intwaro z’abantu zizokomvomvorwa ubutagisubira kubaho, ivyo bicire inzira “ubgami butazokwigera buhangūra”. Woba ubona ukuntu ivyo vyerekana ko umusi wa Yehova uri hafi?
4 Ikindi kimenyamenya: Turiko turibonera ikindi kimenyamenya c’uko umusi wa Yehova uri hafi. Turibonera iranguka ry’ivyo intumwa Paulo yari yaravuze ku biraba inyifato z’abantu “mu misi y’iherezo” (2 Tim. 3:1-5). Kandi turiko turashinga mw’isi yose intahe itegerezwa gushingwa imbere yuko umuhero ushika (Mat. 24:14). Turipfuza ko ubusuku bwacu bwo ku mugaragaro bubandanya kugaragaza ko ivyo wa mumarayika yatangaje vyihutirwa. Yatangaje ati: “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse”.—Ivyah. 14:6, 7.