Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 14 Ruhuhuma
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama tugirwa ku rupapuro rwa 8 (niba bibereye mu cibare canyu) kugira mugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero. Nimusubiremwo muri make ukuntu uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa bwoshobora guhuzwa n’ibikenewe mu cibare canyu.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005, urupapuro rwa 8.
Imin. 35: “Ikiringo c’Icibutso ni igihe c’ibikorwa vyiyongereye”.a Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Igihe muganira ku ngingo ya 6, shiremwo insasanuro zishingiye kuri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nyakanga 2004, urupapuro rwa 12-13. Nutangaze abasavye kuba abatsimvyi bafasha. Nuvuge ayandi makoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro yatunganijwe. Remesha bose kuraba ukuntu bokwongereza ibikorwa vyabo vyo mu vy’impwemu muri iki kiringo c’Icibutso.
Ururirimbo rwa 14 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 21 Ruhuhuma
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimusubiremwo ivyiyumviro nyamukuru vyo mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 6 ruvuga ngo “Bafashe basubire kubwirwa ubutumwa”. Remesha bose kwuzuza badatebaganye, igihe bibaye nkenerwa, ka gakaratasi kavuga ngo Turabinginze muringanize ivy’uko umwamamaji abishoboye agendera uyu muntu (S-70).
Imin. 20: “Dushime ubuntu-mvarukundo bwa Yehova”.b Numenyeshe igihe Icibutso kizoberako, aho kizobera be n’izina ry’uwuzoshikiriza insiguro y’Icibutso hamwe n’ayandi makuru ayo ari yo yose bijanye. Igihe muganira ku ngingo ya 4, nimugire umwerekano mugufi aho umwamamaji atumira ku Cibutso umuntu asanzwe ashira ibinyamakuru. Udupapuro tw’ubutumire bw’Icibutso dukwiye gutangwa inyuma y’ikoraniro niba tutari bwatangwe.
Imin. 15: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere—Igice ca 6”.c Nimushiremwo umwerekano w’iminuta ine aho umutohoji wa Bibiliya abaza igituma abantu bakeyi gusa mu baba bitavye Icibutso ari bo bihereza ku mukate no ku muvinyu. Uwumugirira inyigisho amushimire kubona abajije ico kibazo, acandike, maze amusabe ko bokiyaga barangije kwiga ivyo muri iyo ndwi. Barangije kwiga, uwo amugirira inyigisho yerekeze ivyiyumviro vy’uwo mutohoji ku mayagwa ari munsi y’ikibazo kivuga ngo “Qui est en droit de participer au pain et au vin?” (Ni nde afise uburenganzira bwo kwihereza ku mukate no ku muvinyu?) ari mu gitabu Comment raisonner, urupapuro rwa 243-244 (mu co mu giswahili ni urupapuro rwa 354-355). Barayasomera hamwe maze nya mutohoji agaca akenguruka ku nyishu itomoye aronse ku kibazo yari yabajije.
Ururirimbo rwa 21 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 28 Ruhuhuma
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro wo muri Ruhuhuma. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 (niba bibereye mu cibare canyu), nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Mu gusozera umwe muri iyo myerekano, nya mwamamaji aratumira uwo bayaga kuza ku Cibutso, akoresheje igipfukisho c’inyuma ca Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ntwarante, canke akoresheje agapapuro k’ubutumire bw’Icibutso.
Imin. 20: Niwitwararike abagoyagoya (Ivyak. 20:35). Umaze kugira intangamarara y’umwanya udashika umunuta, nuce urongora ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2004, urupapuro rwa 17-18, ingingo ya 12-16, ubigenze kurya nyene bigenda mu nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Nutegekanye ivy’uko umuvukanyi azi gusoma neza asoma ingingo. Nushimike ku kuntu ayo makuru ashobora gukurikizwa ku bijanye n’Icibutso be n’insiguro idasanzwe vyimirije.
Imin. 10: Shikiriza ka gatabu Mwame mugavye! Nimuganire mwongere mugire imyerekano y’uburyo bwo gutanguza ibiyago bwoshobora gukoreshwa mu gushikiriza ako gatabu muri Ntwarante. Uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005, canke ubundi buryo bwoba ari kirumara mu cibare canyu, bwoshobora gukoreshwa.
Ururirimbo rwa 72 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 7 Ntwarante
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze ivyiyumviro nyamukuru vyo mu ruzitiro ruvuga ngo “Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso”.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Nushikirize ibinyamakuru mu busuku bwawe”.d Igihe muganira ku ngingo ya 3 n’iya 4, niwerekane ukuntu ayo mayagwa yoshirwa mu ngiro aho iwanyu. Nubaze muri make ibibazo umwamamaji umwe canke babiri bavyifatamwo neza mu gushikiriza ibinyamakuru mu bibanza birangurirwamwo imirimo yo mu biro n’ivy’ubudandaji, mu mabarabara, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, canke igihe bashinga intahe akaryo kizanye. Basabe basigure ingene bashikiriza ibinyamakuru mu bihe nk’ivyo. Nihagirwe umwerekano mugufi w’uburyo bwo gutanguza ibiyago canke hagirwe agakino gasubiramwo ivyabaye.
Ururirimbo rwa 192 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.