Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Dukwiye kwitaho gute ivyo dushingwa mw’ishengero?
Kugira ngo ishengero ry’abasavyi ba Yehova rikore mu buryo buri ku rutonde, biva ku twigoro tuba twashizwe hamwe (1 Kor. 14:33, 40). Iyumvire ibintu bikorwa kugira ngo ikoraniro rimwe gusa ry’ishengero ribe. Turetse porogarama ubwayo, hari vyinshi bikorwa imbere y’uko ikoraniro riba be n’inyuma yaryo, igihe abavukanyi n’abavukanyikazi bitaho ibikorwa bitandukanye baba bashinzwe. N’ibindi bikorwa birangurwa ariko bikaba bitabonwa na bose, na vyo nyene birahambaye. None umwumwe wese muri twebwe ashobora gute kugira ico aterereye kuri iyo ndinganizo?
Nuronkeke. Abafise umutima w’ugushaka bazoronka ibintu vyinshi bakora (Zab. 110:3). Erekana ko witwararika abarwaye n’abageze mu zabukuru. Nusahirize mu bijanye n’isuku ry’Ingoro y’Ubwami. Turashobora gukora ibikorwa vyinshi vy’ingirakamaro batarinze kubidusaba. Dukeneye gusa kuba dufise icipfuzo co gufasha.
Nukorere abandi wifashe ruto. Abantu bifata ruto barahimbarwa no gukorera abandi (Luka 9:48). Ukwifata ruto kuzoturinda kwihanga ibirengeye ivyo dushoboye koko gukora. N’ikindi kandi, ukwifata ruto kuzotuma tutarenga akarimbi ngo dukore ivyo tutajejwe.—Imig. 11:2.
Nube umwizigirwa. Musa yaremeshejwe gutoranya “abagabo b’abizigirwa” ngo bashingwe amabanga muri Isirayeli ya kera (Kuv. 18:21, NW). Iyo kamere nyene irakenewe muri iki gihe. Nukore ico bagushinga cose ubishizeko umutima (Luka 16:10). Niba udashoboye gukora ico baba bagushinze, niwitwararike kugira indinganizo zibereye z’uko hagira uwundi abikora mu gihe utahari.
Niwitange uko ushoboye kwose. Abakirisu bahimirizwa gukorana umutima wabo wose no mu vy’akazi (Kol. 3:22-24). Hariho imvo irushirije kuba iyikomeye yo gukora nk’ukwo nyene igihe umuntu aba ariko akora kugira ateze imbere ugusenga kw’ukuri. Naho igikorwa coba kiboneka nk’aho gikengeretse canke ko ata co kivuze, kiragira ico kimariye ishengero iyo gikozwe neza.
Ico dushingwa cose kiraturonsa akaryo ko kugaragaza urukundo dukunda Yehova n’abavukanyi bacu (Mat. 22:37-39). Ese twokora ibikorwa vyose badushinga tubigiranye ukudahemuka!