Urutonde rw’ishure ry’ubusuku bwa Gitewokarasi rwo mu 2005
Ibikurikizwal
Mu mwaka wa 2005 ibikurikira ni vyo biringanijwe ngo bizokurikizwe igihe Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rizoba ririko rirarongorwa.
ISOKO RY’AMAYAGWA: Bibiliya Yera, Umunara w’Inderetsi [w], Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi [be], “Ivyanditswe vyose” ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro [bsi05] na Imitwe yo Kuganirako Ishingiye Kuri Bibiliya [td].
Ishure rikwiye gutangura KU GIHE n’ururirimbo, isengesho be n’amajambo magufi y’ikaze maze mukabigenza mu buryo bukurikira:
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA: Iminuta 5. Umucungezi w’ishure, umuhanuzi w’inyongera canke uwundi mukurambere abishoboye azoca irya n’ino kamere y’ivy’ukuvuga ishingiye ku gitabu c’Ishure ry’Ubusuku (Mu mashengero afise abakurambere bakeyi, umukozi w’ishengero abishoboye yoshobora gukoreshwa.). Kiretse aho vyerekanywe ukundi, utwumba tuboneka ku mpapuro zatanzwe turakwiye gushirwa muri ico kiganiro. Imyimenyerezo ntikwiye gushirwamwo. Ino igenewe ahanini gukoreshwa n’umuntu ku ruhande rwiwe be no gukoreshwa ku bw’impanuro zitangirwa mu mwiherero.
IKIGABU NO. 1: Iminuta 10. Ico gikwiye gushikirizwa n’umukurambere abishoboye canke umukozi w’ishengero abishoboye, kikazoba gishimikiye ku Munara w’Inderetsi, ku gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi canke ku gatabu “Ivyanditswe vyose” ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro. Ico kigabu gikwiye gushikirizwa nk’insiguro ncishabwenge y’iminuta cumi ata subiramwo rigirwa ku munwa. Intumbero ntikwiye gusa kuba iyo guhetura ayo mayagwa, mugabo ikwiye no kuba iyo gukwegera ivyiyumviro vy’abantu ku gaciro ngirakamaro k’amakuru ariko ararimburwa, ukerekana ivyorushiriza gufasha ishengero. Umutwe werekanywe ni wo ukwiye gukoreshwa. Vyitezwe yuko abavukanyi bashingwa iyo nsiguro biyubara ntibarenze umwanya. Impanuro yo mu mwiherero yoshobora gutangwa mu gihe bikenewe.
IVYIYUMVIRO BIKURUBIKURU VYO MU GISOMWA CA BIBILIYA: Iminuta 10. Mu minuta itandatu ya mbere, umukurambere abishoboye canke umukozi w’ishengero abishoboye akwiye guhuza ayo mayagwa n’ibikenewe iwanyu. Arashobora kugira ico avuze ku gihimba ico ari co cose c’igisomwa ca Bibiliya catanzwe muri uwo mushamvu. Ivyo ntibikwiye kuba gusa incamake y’igisomwa catanzwe. Intumbero nyamukuru ni ugufasha abumviriza gutahura igituma n’ukuntu ayo mayagwa ari ay’agaciro. Umushikirizansiguro akwiye kwiyubara ntarenze ya minuta itandatu yagenewe igice gitangura. Arakwiye kuraba neza iminuta ine isigaye akayihebera vya bibazo bibazwa abumviriza. Akwiye gusaba abumviriza gutanga insasanuro ngufingufi (zitarengeje amasegunda 30) ku vyiyumviro vyabashimishije mu gisomwa ca Bibiliya be n’akamaro vyabagiriye. Umucungezi w’ishure azoca arungika abanyeshure bagenewe kuja mu yandi masomero.
IKIGABU NO. 2: Iminuta 4. Ico ni igisomwa gikwiye gushingwa umuvukanyi. Ico gisomwa akenshi kizova muri Bibiliya. Rimwe mu kwezi ico kigabu kizoba kigizwe n’amayagwa yakuwe mu Munara w’Inderetsi. Umunyeshure akwiye gusoma amayagwa yatanzwe atarinze gushikiriza intangamarara canke insozero. Ku ndwi ku ndwi, amayagwa yo gusoma ntazoguma angana, mugabo azoja aramara iminuta ine canke ntayishikane. Umucungezi w’ishure akwiye kubanza kwihweza ayo mayagwa imbere yo gushinga abanyeshure ibigabu, akabibashinga yisunze imyaka bafise be n’ubushobozi bwabo. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane gufasha abanyeshure gusoma batahura ivyo basoma, kuvuga borohewe, gushimika mu buryo bubereye, guhindagura ijwi, kuruhuka mu buryo bubereye be no kumera nk’uko basanzwe bameze.
IKIGABU NO. 3: Iminuta 5. Ico kizoshingwa umuvukanyikazi. Abanyeshure bahabwa ico kigabu bazohabwa ikiringo bafatirako canke batore kimwe mu bitondetse ku rupapuro rwa 82 mu gitabu Ishure ry’Ubusuku. Umunyeshure akwiye gukoresha umutwe-shimikiro watanzwe kandi akawerekeza ku muce w’umurimo wo mu ndimiro werekeye ibintu bishika koko kandi wokoreshwa mu cibare c’ishengero mukukira. Igihe ata marabiro yatanzwe ngo ahakure ayo mayagwa, azokenera gutororokanya amayagwa akoresha ku bw’ikigabu ciwe mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro bitangwa na wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Abanyeshure bashasha bakwiye guhabwa ibigabu bifise amarabiro. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane uburyo umunyeshure aca irya n’ino amayagwa be n’uburyo afasha uwo asanze ku muhana kuzirikana ku Vyanditswe no gutahura ivyiyumviro nyamukuru vy’ikiganiro ashikiriza. Abanyeshure bashingwa iki kigabu bakwiye kuba bazi gusoma. Umucungezi w’ishure azogena umufasha umwe.
IKIGABU NO. 4: Iminuta 5. Umunyeshure akwiye guca irya n’ino umutwe-shimikiro watanzwe. Igihe ata marabiro yatanzwe ngo ahakure ayo mayagwa, azokenera gutororokanya amayagwa akoresha ku bw’ikigabu ciwe mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro bitangwa na wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Igihe ico kigabu gishinzwe umuvukanyi, gikwiye gushikirizwa nk’insiguro, uwuyishikiriza akaba afise mu muzirikanyi abumviriza bari mu Ngoro y’Ubwami. Igihe na ho gishinzwe umuvukanyikazi, gikwiye kwama nantaryo gishikirizwa nk’uko vyerekanywe ku kigabu No. 3. Umucungezi w’ishure yoshobora guha umuvukanyi ikigabu No. 4 igihe cose abona ko bibereye. Turabasavye mugume mwibuka yuko imitwe y’ibiganiro iriko akanyenyeri ikwiye kwama nantaryo ishingwa abavukanyi bakayishikiriza nk’insiguro.
UMWANYA: Nta nsiguro n’imwe ikwiye kurenza umwanya canke ngo amajambo y’umuhanuzi awurenze. Ibigabu bihera ku No. 2 gushika ku No. 4 bikwiye guhagarikwa bigiranywe ubugenge igihe umwanya wabigenewe urangiye. Mu gihe abavukanyi bashikiriza insiguro itangura ishingiye kuri kamere y’ivyo kuvuga, ikigabu No. 1 canke ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya barengeje umwanya, bakwiye guhabwa impanuro mu mwiherero. Bose bakwiye kwitwararika umwanya wabo bitonze. Porogarama yose hamwe izomara iminuta 45, hatarimwo ururirimbo n’isengesho.
IMPANURO: Umunuta 1. Umucungezi w’ishure ntazorenza umunuta umwe inyuma y’ikiganiro kimwekimwe cose umunyeshure ashikiriza, mu kuvuga amajambo yubaka ku muce kanaka w’insiguro ukwiriye gushimwa. Intumbero yiwe si iyo gupfa kuvuga ngo “wakoze neza”, ahubwo riho ni iyo kwerekeza ivyiyumviro ku mvo zitomoye zerekana igituma uwo muce w’ivyo gushikiriza insiguro washitse ku ntumbero yawo. Hakurikijwe ivyo umunyeshure wese akeneye, izindi mpanuro zubaka zoshobora gutangirwa mu mwiherero ikoraniro rirangiye canke ikindi gihe.
UMUHANUZI W’INYONGERA: Inama y’abakurambere yoshobora gutora umukurambere abishoboye nimba ahari, akaza yiyongera ku mucungezi w’ishure, kugira abe umuhanuzi w’inyongera. Nimba mw’ishengero hari abakurambere benshi, ico gihe abakurambere babishoboye batandukanye barashobora kuza barakurakuranwa muri iryo banga uko umwaka utashe. Umuhanuzi w’inyongera azoba ajejwe gutanga impanuro mu mwiherero igihe bikenewe, akaziha abavukanyi bashikiriza ikigabu No. 1 be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya. Si ngombwa ngo yame atanga impanuro inyuma y’imwimwe yose muri izo nsiguro zishikirizwa n’abakurambere bagenziwe canke zishikirizwa n’abakozi b’ishengero. Iyi ndinganizo izobandanya gukora mu mwaka wa 2005 ariko hari aho yogira ico ihinduweko mu nyuma.
URUKARATASI RW’IMPANURO: Ruri mu gitabu.
ISUBIRAMWO RIGIRWA KU MUNWA: Iminuta 30. Uko amezi abiri ahaciye, umucungezi w’ishure azoza arayobora isubiramwo rigirwa ku munwa. Imbere y’iryo subiramwo, hazorimburwa kamere y’ivy’ukuvuga be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya, bikazogirwa nk’uko vyerekanywe aho haruguru. Iryo subiramwo rigirwa ku munwa rizoba rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mw’ishure mu mezi abiri aheruka, dushizemwo n’uwo mushamvu uberamwo iryo subiramwo. Mu gihe ishengero ryanyu ryoba rifise iteraniro ry’umuzunguruko canke ryagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko mu ndwi y’isubirwamwo rigirwa ku munwa, muraca mukurikiza inyobozo zerekeye urutonde zitangwa mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 2003 ku rupapuro rwa 6.
URUTONDE
3 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 16-20 Ururirimbo rwa 6
Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo itahurika ku bandi (be rup. 226 ing. 1–rup. 227 ing. 1)
No. 1: Tinya Imana y’ukuri (be rup. 272 ing. 1–4)
No. 2: Yosuwa 16:1–17:4
No. 3: Ubuzima budahera si indoto nsa (td 27A)
No. 4: Kuba umutunzi canke umukene coba ari icerekana yuko umuntu atinya Imana vy’ukuri muri iki gihe?
10 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 21-24 Ururirimbo rwa 100
Kamere y’ivy’ukuvuga: Sigura amajambo atamenyerewe (be rup. 227 ing. 2–rup. 228 ing. 1)
No. 1: Kumenyekanisha izina ry’Imana (be rup. 273 ing. 1–rup. 274 ing. 1)
No. 2: Yosuwa 23:1-13
No. 3: Ni bande baja mw’ijuru? (td 27B)
No. 4: Gusenga Yezu vyoba bibereye?
17 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 1-4 Ururirimbo rwa 97
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nutange insobanuro zikenewe (be rup. 228 ing. 2-3)
No. 1: Uwo iryo zina rivuga (be rup. 274 ing. 2-5)
No. 2: Abacamanza 2:1-10
No. 3: Nta gitigiri ntarengwa kihari c’abazoronka ubuzima budahera kw’isi (td 27C)
No. 4: Wokwikingira gute imiziki yonona yo kuri videwo?
24 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 5-7 Ururirimbo rwa 47
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingene n’umutima ujamwo (be rup. 228 ing. 4–6)
No. 1: Izina ry’Imana ‘ni umunara ukomeye’ (be rup. 274 ing. 6–rup. 275 agatwe gatoyi)
No. 2: Abacamanza 6:25-35
No. 3: Bibiliya ikwiye kugira ico ikoze gute ku mwidegemvyo wacu wo guhitamwo?
No. 4: aImihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana (td 28A)
31 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 8-10 Ururirimbo rwa 174
Kamere y’ivy’ukuvuga: Insiguro iri n’ico yigisha abakwumviriza (be rup. 230 ing. 1-6)
No. 1: Gushingira Yezu intahe (be rup. 275 agatwe gatoyi, ing. 1-4)
No. 2: w03 15/1 rup. 19-20 ing. 16-18
No. 3: Ubutegetsi bw’Ubwami butangura kuganza abansi ba Kirisitu bagikora (td 28B)
No. 4: Uguhahamira amaronko ntibirimwo gusa kwirundaniriza itunga
7 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 11-14 Ururirimbo rwa 209
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutuma insiguro iba iyigisha biciye ku bushakashatsi (be rup. 231 ing. 1-3)
No. 1: Gushimika ku ruhara Yezu afise rwo kuba Umucunguzi (be rup. 276 ing. 1-2)
No. 2: Abacamanza 12:1-15
No. 3: Igituma Ivyabona vya Yehova bunze ubumwe
No. 4: Ubwami bw’Imana ntibuza biciye ku twigoro tw’abantu (td 28C)
14 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 15-18 Ururirimbo rwa 105
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusigura ivyanditswe (be rup. 231 ing. 4-5)
No. 1: Gushimika ku ruhara Yezu afise rwo kuba Umuherezi Mukuru n’Umutwe w’ishengero (be rup. 277 ing. 1-2)
No. 2: Abacamanza 15:9-20
No. 3: Ugukira mu buryo bw’impwemu guhambaye ku rugero rungana iki? (td 29A)
No. 4: Igituma abakirisu badakwiye kuja mu vyo kugota (hypnotisme)
21 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 19-21 Ururirimbo rwa 53
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutanga insobanuro y’amajambo (be rup. 232 ing. 1)
No. 1: Gushimika ku ruhara Yezu afise bwa Mwami aganza (be rup. 277 ing. 3-4)
No. 2: w03 1/2 rup. 17-18 ing. 18-21
No. 3: Ubwami bw’Imana ni bwo buryo buzozana ugukira kw’umubiri kwamaho (td 29B)
No. 4: Bimwebimwe mu “bintu vyimbitse vy’Imana” ni ibihe (1 Kor. 2:10, NW)?
28 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Rusi 1-4 Ururirimbo rwa 120
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuzirikana n’abantu ku vyanditswe (be rup. 232 ing. 2-4)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
7 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 1-4 Ururirimbo rwa 221
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gucagura amakuru ari n’ico yungura abakwumviriza (be rup. 233 ing. 1-5)
No. 1: Nusase Kirisitu bwa mushinge (be rup. 278 ing. 1-4)
No. 2: 1 Samweli 2:1-11
No. 3: Ugukiza ku gitangaro kugirwa kino gihe ntikuva ku Mana (td 29C)
No. 4: Igituma abakirisu b’ukuri badakoresha vya bicapo biriko ibimenyetso bavuga ngo bisigura kazoza (bita horoscope)
14 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 5-9 Ururirimbo rwa 151
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha amayagwa yatanzwe (be rup. 234 ing. 1–rup. 235 ing. 3)
No. 1: Ubu butumwa bwiza bw’Ubwami (be rup. 279 ing. 1-4)
No. 2: 1 Samweli 5:1-12
No. 3: Kuvugishwa mu zindi ndimi coba ari icemeza ko umuntu atoneshwa n’Imana? (td 29D)
No. 4: Ingene twokomeza ubucuti dufitaniye na Yehova
21 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 10-13 Ururirimbo rwa 166
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo mu buryo ngirakamaro (be rup. 236 ing. 1-5)
No. 1: Gusigura Ubwami ico ari co (be rup. 280 ing. 1-5)
No. 2: 1 Samweli 10:1-12
No. 3: Abakirisu bakwiye gufata gute abo bakunda badasangiye ukwizera?
No. 4: Igituma Imana itemera ivyo gusenga aba kera (td 30A)
28 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 14-15 Ururirimbo rwa 172
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo winjize ivyiyumviro bihambaye (be rup. 237 ing. 1-2)
No. 1: Gusigura ingene Ubwami butwerekeye (be rup. 281 ing. 1-4)
No. 2: w03 15/3 rup. 19-20 ing. 17-21
No. 3: Igituma abakirisu batanga amakori
No. 4: Abantu barashobora guterwa iteka, ariko Imana yonyene ni yo ikwiye gusengwa (td 30B)
4 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 16-18 Ururirimbo rwa 27
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo uzirikane n’abantu ku ciyumviro kanaka (be rup. 237 ing. 3–rup. 238 ing. 2)
No. 1: Igituma kwiga amashure bihambaye ku bakirisu (w03 15/3 rup. 10 ing. 1–rup. 11 ing. 5)
No. 2: 1 Samweli 17:41-51
No. 3: Mariya yari nyina wa Yezu, ntiyari “nyina w’Imana” (td 31A)
No. 4: Kuzirikana ku nkurikizi z’ibintu birashobora kudufasha gukunda ivyiza no kwanka ibibi
11 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 19-22 Ururirimbo rwa 73
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo uvome inyiyumvo ziri mu mutima (be rup. 238 ing. 3-5)
No. 1: Ingene urwaruka rushobora gutera imbere mu vy’impwemu (w03 1/4 rup. 8-10)
No. 2: 1 Samweli 20:24-34
No. 3: Igituma ukwifata ruto kutarimwo uburyarya ari kamere y’igikundiro
No. 4: Bibiliya yerekana ko Mariya “atagumye ari isugi” (td 31B)
18 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 23-25 Ururirimbo rwa 61
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo wongereze ugushimika (be rup. 239 ing. 1-2)
No. 1: Niwizigize Yehova umutima wawe wose (w03 1/11 rup. 4-7)
No. 2: w03 1/5 rup. 17 ing. 11-14
No. 3: Gushira hamwe n’ayandi madini si yo nzira y’Imana (td 32A)
No. 4: Igituma habayeho isezerano rya Aburahamu
25 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 26-31 Ururirimbo rwa 217
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo ushire ahabona ivyiyumviro bitari vyo (be rup. 239 ing. 3-5)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
2 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 1-3 Ururirimbo rwa 91
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingereranyo be n’imvugo mberanya vyigisha (be rup. 240 ing. 1–rup. 241 ing. 1)
No. 1: Umuntu ntiyiga kugira ngo aronke akazi gusa (w03 15/3 rup. 11 ing. 6–rup. 14 ing. 5)
No. 2: 2 Samweli 2:1-11
No. 3: Amadini yose yoba ari meza? (td 32B)
No. 4: Ivyiza vyinshi biva ku kuba inzirabugunge
9 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 4-8 Ururirimbo rwa 183
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha uturorero (be rup. 241 ing. 2-4)
No. 1: Yehova aritwararika vy’ukuri abakiri bato (w03 15/4 rup. 29 ing. 4–rup. 31 ing. 4)
No. 2: 2 Samweli 5:1-12
No. 3: Isezerano ry’Ivyagezwe ryamaze iki?
No. 4: Kirisitu ntagaruka mu buryo buboneka (td 33A)
16 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 9-12 Ururirimbo rwa 66
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uturorero two mu Vyanditswe (be rup. 242 ing. 1-2)
No. 1: Yehova yoba abona ivyo ukora? (w03 1/5 rup. 28-31)
No. 2: 2 Samweli 9:1-13
No. 3: Ukugaruka kwa Kirisitu kumenyekanira ku bintu biboneka biba (td 33B)
No. 4: Ni mu buryo ubuhe Ijambo ry’Imana ari rizima (Heb. 4:12)?
23 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 13-15 Ururirimbo rwa 103
Kamere y’ivy’ukuvuga: Coba kizotahurika? (be rup. 242 ing. 3–rup. 243 ing. 1)
No. 1: Icokwitwa “igitabu” ca Nowa hoba hari akamaro kidufitiye? (w03 15/5 rup. 4-7)
No. 2: 2 Samweli 13:10-22
No. 3: Dukwiye gutahura gute ibivugwa muri Yohana 11:25, 26?
No. 4: Imvo ituma abakirisu barwanywa (td 34A)
30 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 16-18 Ururirimbo rwa 132
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibigereranyo bifatiye ku bintu bimenyerewe (be rup. 244 ing. 1-2)
No. 1: Niwiyumvire neza maze ukore ivy’ubukerebutsi (w03 15/7 rup. 21-23)
No. 2: w03 15/5 rup. 16-17 ing. 8-11
No. 3: Umugore ntakwiye kureka ngo umugabo amutandukanye n’Imana (td 34B)
No. 4: Igituma ukwicisha bugufi atari ubugoyagoye
6 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 19-21 Ururirimbo rwa 224
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibigereranyo biberanye n’abakwumviriza (be rup. 244 ing. 3–rup. 245 ing. 4)
No. 1: Gutahura intumbero y’ugutozwa indero (w03 1/10 rup. 20 ing. 1–rup. 22 ing. 1)
No. 2: 2 Samweli 19:1-10
No. 3: Umukirisu ashobora gute kwinjira mu karuhuko k’Imana?
No. 4: Umugabo ntakwiye kureka ngo umugore amubuze gusukurira Imana (td 34C)
13 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 22-24 Ururirimbo rwa 74
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha neza ibintu umuntu ashobora kubona (be rup. 247 ing. 1-2)
No. 1: Nube umuntu yoroshe kwigisha kandi urinde ururimi rwawe (w03 15/9 rup. 21 ing. 1–rup. 22 ing. 4)
No. 2: 2 Samweli 24:10-17
No. 3: Umuntu ntiyandikiwe ibimushikira (td 35A)
No. 4: Ni mu buhe buryo umukirisu ategerezwa kwitandukanya n’isi?
20 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 1-2 Ururirimbo rwa 2
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingene Yezu yakoresheje ibintu umuntu ashobora kubona (be rup. 247 ing. 3)
No. 1: Kumenya akabanga ko kubumbwa n’ivyo ufise (w03 1/6 rup. 8-11)
No. 2: w03 1/6 rup. 12-13 ing. 1-4
No. 3: Ni igiki canecane cari gihambaye ku bijanye na rya bwirizwa rigira cumi?
No. 4: Umubano w’ababiranye utegerezwa kuba uwuteye iteka (td 36A)
27 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 3-6 Ururirimbo rwa 167
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uburyo bwo gukoresha ibintu umuntu ashobora kubona (be rup. 248 ing. 1-3)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
4 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 7-8 Ururirimbo rwa 194
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha amakarata, udukaratasi twa porogarama y’amateraniro be n’amakaseti ya videwo (be rup. 248 ing. 4–rup. 249 ing. 2)
No. 1: Nuhe agaciro abo musangiye ukwizera bageze mu zabukuru (w03 1/9 rup. 30-31)
No. 2: 1 Abami 8:1-13
No. 3: Ni mu buryo ki Yezu yatsinze isi?
No. 4: Abakirisu bategerezwa kwubahiriza ingingo ngenderwako y’ububemutwe (td 36B)
11 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 9-11 Ururirimbo rwa 191
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibintu umuntu ashobora kubona ku migwi minini y’abantu (be rup. 249 ing. 3–rup. 250 ing. 1)
No. 1: Ibimenyamenya vy’uko Yezu yabayeho kw’isi (w03 15/6 rup. 4-7)
No. 2: 1 Abami 9:1-9
No. 3: Ibanga abavyeyi bajejwe ku bana (td 36C)
No. 4: Umuntu arashobora kureka kwizizirwa n’ibiyayuramutwe mu gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya
18 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 12-14 Ururirimbo rwa 162
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igituma uburyo ukoresha mu gufasha abantu kuzirikana buhambaye (be rup. 251 ing. 1-3)
No. 1: Ivyiyumviro bivamwo ibikorwa, ibikorwa na vyo bikagira inkurikizi (w03 15/1 rup. 30 ing. 1-3)
No. 2: 1 Abami 12:1-11
No. 3: Ingene ukwizera gushobora kudufasha gutsinda ibigeragezo
No. 4: Abakirisu bategerezwa kwubakana gusa n’abakirisu (td 36D)
25 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 15-17 Ururirimbo rwa 158
Kamere y’ivy’ukuvuga: Aho twohera (be rup. 251 ing. 4–rup. 252 ing. 3)
No. 1: Ingene ‘twotegera ico Yehova ashaka ico ari co’ (w03 1/12 rup. 21 ing. 3–rup. 23 ing. 2)
No. 2: w03 15/7 rup. 19 ing. 15-17
No. 3: Abakirisu b’ukuri ntibaharika (td 36E)
No. 4: Impwemu yera ihumuriza abakirisu gute?
1 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 18-20 Ururirimbo rwa 207
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igihe co kwiyorosha (be rup. 252 ing. 4–rup. 253 ing. 2)
No. 1: Rwaruka, nimugende nk’uko bibereye Yehova (w03 15/10 rup. 23 ing. 1–rup. 24 ing. 1)
No. 2: 1 Abami 18:1-15
No. 3: Abakirisu bose barashobora kwama cane
No. 4: Gehinomu, umuriro udahera (ikiyaga caka umuriro, nk’uko biri muri “Bibiliya Yera”) si ikibanza co kubabarizwamwo kirimwo umuriro nya muriro (td 37A)
8 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 21-22 Ururirimbo rwa 92
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kubaza ibibazo no gutanga imvo (be rup. 253 ing. 3–rup. 254 ing. 2)
No. 1: Umuti ruhasha w’ubukene (w03 1/8 rup. 4-7)
No. 2: 1 Abami 21:15-26
No. 3: Umuriro ni ikigereranyo c’ukuzimanganywa (td 37B)
No. 4: Ni kubera iki dutegerezwa kugira umutima rugabo, kandi twowutsimbataza gute?
15 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 1-4 Ururirimbo rwa 16
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ivyiyumviro bijijura bishingiye cane kw’Ijambo ry’Imana (be rup. 255 ing. 1–rup. 256 ing. 2)
No. 1: Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi (w03 1/8 rup. 20-22)
No. 2: 2 Abami 3:1-12
No. 3: Ni kubera iki abantu b’imbere y’Umwuzure baramba cane?
No. 4: Inkuru ya wa mutunzi na Lazaro si co kimenyamenya c’uko hariho ukubabazwa ibihe bidahera (td 37C)
22 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 5-8 Ururirimbo rwa 193
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nushigikire ivyiyumviro ukoresheje ibindi bimenyamenya (be rup. 256 ing. 3-5)
No. 1: Niwige kuba umunyabugenge (w03 1/8 rup. 29-31)
No. 2: w03 1/8 rup. 19 ing. 18-22
No. 3: Yezu yoba yapfiriye ku musaraba? (td 38A)
No. 4: Ni kamere nziza izihe Yona yari afise twokwigana?
29 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 9-11 Ururirimbo rwa 129
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza ibimenyamenya bihagije (be rup. 257 ing.1-4)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
5 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 12-15 Ururirimbo rwa 175
Kamere y’ivy’ukuvuga: Akigoro ko gushikira umutima (be rup. 258 ing. 1-5)
No. 1: Woba uriko uraronderana ubwira Yehova? (w03 15/8 rup. 25-28)
No. 2: 2 Abami 12:1-12
No. 3: Ni kubera iki twokurikirana ubugwaneza?
No. 4: Abakirisu boba bakwiye gusenga umusaraba? (td 38B)
12 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 16-18 Ururirimbo rwa 203
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvoma ikiri mu mutima w’umuntu (be rup. 259 ing. 1-3)
No. 1: Ni igiki abantu bibukira kuri Yezu? (w03 15/8 rup. 6 ing. 6–rup. 8 ing. 6)
No. 2: 2 Abami 16:10-20
No. 3: Abakirisu bose bategerezwa kuba abasuku (td 39A)
No. 4: Ni gute twomenya neza ibihimbara Umukama?
19 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 19-22 Ururirimbo rwa 89
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvyurira abantu inyiyumvo ngirakamaro (be rup. 259 ing. 4–rup. 260 ing. 1)
No. 1: “Gumya icitegererezo c’amajambo mazima” (w03 1/1 rup. 29 ing. 3–rup. 30 ing. 4)
No. 2: 2 Abami 19:20-28
No. 3: Ibisabwa kugira umuntu arangure ubusuku (td 39B)
No. 4: Ni igiki twigira ku bavukanyi bacu bakirisu b’i Simuruna ha kera?
26 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 23-25 Ururirimbo rwa 84
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gufasha abandi gutsimbataza ugutinya Imana (be rup. 260 ing. 2-3)
No. 1: Bibiliya be n’ibitabu vyemewe biyigize—Igice ca 1 (bsi05 rup. 3-4 ing. 1-6)
No. 2: w03 15/8 rup. 20 ing. 6-10
No. 3: Turizigiye ko kazoza kazoba keza
No. 4: Ibihe vy’abanyamahanga vyarangiye ryari? (td 40A)
3 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 1-4 Ururirimbo rwa 51
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingendo yacu iri n’ico ivuze ku Mana (be rup. 260 ing. 4–5)
No. 1: Bibiliya be n’ibitabu vyemewe biyigize—Igice ca 2 (bsi05 rup. 4-7 ing. 7-16)
No. 2: 1 Ngoma 4:24-43
No. 3: Inkwezi y’urupfu ni iyihe? (td 41A)
No. 4: Yehova aradukunda umwumwe wese ku giti ciwe
10 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 5-7 Ururirimbo rwa 195
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nufashe abandi kwisuzuma (be rup. 261 ing. 1-3)
No. 1: Bibiliya be n’ibitabu vyemewe biyigize—Igice ca 3 (bsi05 rup. 8-11 ing. 17-26)
No. 2: 1 Ngoma 5:18-26
No. 3: Ico tuzi ku bijanye n’ “umusi w’Uhoraho”
No. 4: Abapfuye boba bashobora kukugirira nabi? (td 41B)
17 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 8-11 Ururirimbo rwa 201
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutsimbataza ukugamburuka kuvuye ku mutima (be rup. 261 ing. 4–rup. 262 ing. 3)
No. 1: Igisomwa c’igiheburayo c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 1 (bsi05 rup. 12-13 ing. 1-5)
No. 2: 1 Ngoma 10:1-14
No. 3: Abantu boba bashobora kuvugana n’incuti zabo zapfuye? (td 41C)
No. 4: Ni bande dukwiye kuvugisha n’ubugenge?
24 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 12-15 Ururirimbo rwa 80
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukorana na Yehova mu gushikira imitima y’abantu (be rup. 262 ing. 4)
No. 1: Igisomwa c’igiheburayo c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 2 (bsi05 rup. 13-14 ing. 6-9)
No. 2: w03 1/11 rup. 10-11 ing. 10-13
No. 3: Ico kugendera mw’izina rya Yehova bisobanura vy’ukuri
No. 4: Urusengero rwa gikirisu ni iki? (td 42A)
31 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 16-20 Ururirimbo rwa 129
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwubahiriza neza umwanya (be rup. 263 ing. 1–rup. 264 ing. 4)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
7 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 21-25 Ururirimbo rwa 215
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uguhimiriza mu buryo bushika ku nyota (be rup. 265 ing. 1-3)
No. 1: Igisomwa c’igiheburayo c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 3 (bsi05 rup. 14-18 ing. 10-16)
No. 2: 1 Ngoma 22:1-10
No. 3: Petero yoba ari we ca “gitandara”? (td 42B)
No. 4: bIngene umubano w’ababiranye wokomezwa
14 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 26-29 Ururirimbo rwa 35
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uguhimiriza ku bw’urukundo (be rup. 266 ing. 1-4)
No. 1: Igisomwa c’igiheburayo c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 4 (bsi05 rup. 18-22 ing. 17-25)
No. 2: 1 Ngoma 29:1-9
No. 3: Igituma abasavyi ba Yehova bahamwa
No. 4: Abakirisu bakwiye gukoresha izina ry’uruharo ry’Imana (td 43A)
21 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 1-5 Ururirimbo rwa 46
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uguhimiriza gushinze imizi mu Vyanditswe (be rup. 266 ing. 5–rup. 267 ing. 1)
No. 1: Igisomwa c’igiheburayo c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 5 (bsi05 rup. 22-23 ing. 26-31)
No. 2: 2 Ngoma 2:1-10
No. 3: Nutahure intumbero y’ugutozwa indero
No. 4: cUkuri ku vyerekeye ukubaho kw’Imana (td 43B)
28 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 6-9 Ururirimbo rwa 106
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kugira “ubushizi bg’amanga” (be rup. 267 ing. 2-3)
No. 1: Igisomwa c’ikigiriki c’Ivyanditswe vyeranda—Igica ca 1 (bsi05 rup. 23-25 ing. 1-7)
No. 2: w03 1/12 rup. 14-16 ing. 3-6
No. 3: Ingene twerekana ko duhimbarwa cane na Yehova
No. 4: dKumenya kamere z’Imana (td 43C)
5 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 10-14 Ururirimbo rwa 116
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igituma bihambaye ko tuba abaremesha (be rup. 268 ing. 1-3)
No. 1: Igisomwa c’ikigiriki c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 2 (bsi05 rup. 25-26 ing. 8-16)
No. 2: 2 Ngoma 12:1-12
No. 3: Igutuma dukenewe ubuntu Imana igirira abantu batari babibereye
No. 4: Si abantu bose bariko bakorera Imana imwe (td 43D)
12 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 15-19 Ururirimbo rwa 182
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwibutsa ivyo Yehova yakoze (be rup. 268 ing. 4–rup. 269 ing. 2)
No. 1: Igisomwa c’ikigiriki c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 3 (bsi05 rup. 27-28 ing. 17-25)
No. 2: 2 Ngoma 19:1-11
No. 3: Yezu Kirisitu ni Umwana w’Imana akaba n’Umwami yagenywe (td 44A)
No. 4: Ico twigira ku muryango wa Yezu
19 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 20-24 Ururirimbo rwa 186
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwerekana ingene Yehova yafashije abasavyi biwe (be rup. 269 ing. 3-5)
No. 1: Igisomwa c’ikigiriki c’Ivyanditswe vyeranda—Igice ca 4 (bsi05 rup. 29-30 ing. 26-32)
No. 2: w03 15/12 rup. 16-17 ing. 13-15
No. 3: Ivyiza biva ku kumenya akabanga ko kubumbwa n’ivyo ufise
No. 4: Igituma kwizera Yezu bihambaye kugira umuntu arokoke (td 44B)
26 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 25-28 Ururirimbo rwa 137
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwerekana ko uhimbarwa n’ivyo Imana iriko irakora ubu (be rup. 269 ing. 6–rup. 271 ing. 1)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
[Footnotes]
a Nimba umwanya ubikunze, nimurimbure ivyo umuntu yokwishura ku majambo yohava ahagarika ikiyago be n’ayandi yovugwa, azohura neza na neza n’ibikenewe mu cibare canyu.
b Gishingwe abavukanyi gusa.
c Gishingwe abavukanyi gusa.
d Gishingwe abavukanyi gusa.