ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/04 rup. 7
  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Udutwe
  • IKIGABU NO. 1
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 10/04 rup. 7

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 25 Gitugutu 2004. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu bigabu vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 6 Nyakanga gushika ku ndwi itangura ku wa 25 Gitugutu 2004.

KAMERE Y’IVY’UKUVUGA

1. Imvugo yacu ishobora gute kuguma ari iyubaka igihe turiko turashikiriza insiguro ku vyerekeye umuce munaka w’igikorwa cacu ca gikirisu? [be rup. 203 ing. 3-4]

2. Gusubiramwo ni iki, kandi ni kubera iki bihambaye? [be rup. 206 ing. 1-4]

3. Dushobora gute gushimika ku mutwe w’insiguro dushikiriza? [be rup. 210 ing. 1-5, uruzitiro]

4. Dushobora gute kumenya ingingo nkurunkuru ziri mu nsiguro twahawe gushikiriza? [be rup. 212 ing. 1-4]

5. Ni kubera iki dukwiye kuba maso kugira ngo ntitugire ingingo nkurunkuru umurengera? [be rup. 213 ing. 2-4]

IKIGABU NO. 1

6. Twisunze Imigani 11:25, dushobora gute gukoresha neza umwanya wacu n’ubutunzi bwacu, kandi ivyo bivamwo iki? [w02 15/7 30]

7. Ni kubera iki biri n’ico bivuze kubona abantu bo mu gihe ca Yezu bamwita “Mwigisha”, ntibamwite “Uwukiza”? (Luka 3:12; 7:40) [w02 1/5 rup. 3 ing. 3; rup. 5 ing. 5]

8. Mu Migani 11:24, 25 hashira ahabona gute agaciro ko kugira uruhara rushitse mu busuku bwo mu ndimiro? [w02 15/7 rup. 30 ing. 3-5]

9. Ni ikibazo ikihe kijanye n’inyifato cavyuwe na bwa bugarariji bw’i Edeni, kandi ubwo bugarariji bwavuyemwo iki (Ita. 3:1-6)? [w02 1/10 rup. 5 ing. 6; rup. 6 ing. 2-3]

10. Itariki y’ugusubizaho ugusenga kw’ukuri i Yeruzalemu imenywa gute? [bsi04 rup. 2 ing. 5]

UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU

11. Guharūra 25:9. Ni ibintu ibihe bishobora buhorobuhoro gushikana ku bushegabo abakirisu babwirizwa kwirinda kugira boye kugwa nk’uko Abisirayeli bamwebamwe baguye? [w01 1/7 rup. 12-13 ing. 17, 18]

12. Twisunze ingingo ngenderwako iri mu Guharūra 35:31, ni kubera iki Adamu na Eva batoshoboye kwungukira ku ncungu? [cl rup. 143, akajambo k’epfo]

13. ‘Ibisagara vy’ubuhungiro’ bigereranya iki muri iki gihe? (Guh. 35:6) [w95 1/12 rup. 16 ing. 8 canke w95-F 15/11 rup. 17 ing. 8]

14. Gusubira mu vyagezwe 1:34-36. Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku karorero ka Kalebu k’ukuba ‘yarakurikiye Yehova muri vyose’? [w97 1/3 rup. 29 ing. 20 canke w-F 1/3 rup. 19 ing. 20]

15. Ni icigwa ikihe co mu vy’impwemu uburyo Yehova yatanga manu bwahaye Abisirayeli (Gus. 8:3)? [w04 1/2 rup. 14 ing. 4]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika