Umuziki uruhura
1 Ukuririmba be n’umuziki, ni umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri. Muri Isirayeli ya kera, Asafu na benewabo baririmvye bati: “Ni mushime Uhoraho, . . . Mumuririmbire, mumuririmbire ishimwe; muvuge ibikorwa vyiwe vyose bitangaje” (1 Ngo. 16:8, 9). Muri iki gihe turaduza amajwi yacu mu kuririmbira Yehova ku makoraniro y’ishengero tugira ku ndwi ku ndwi (Ef. 5:19). Ese ukuntu ako ari akaryo keza igitangaza ko gushemeza izina ryiwe!—Zab. 69:30.
2 Kwumviriza umuziki w’Ubwami (Mélodies du Royaume), na wo akaba ari umuziki w’umugwi w’abacuraranzi b’indirimbo z’Ubwami wafashwe kw’ikaseti, birashobora kwuzuza imizirikanyi yacu ivyiyumviro vyo mu vy’impwemu. Umuvukanyikazi umwe yasiguye ati: “Iyo uwo muziki uriko uravuga, nca nibuka amajambo awugize. Ese ukuntu ari uburyo bwiza bwo kuguma niyumvira Yehova igihe mba ndiko ndumviriza uwo muziki!”.—Flp. 4:8.
3 Ibihe vyo kuwumviriza: Kuvuza umuziki w’Ubwami (Mélodies du Royaume) i muhira, bituma haba akayaga ko mu vy’impwemu karangwa igishika gafasha gutsimbataza amahoro mu muryango. Umuryango umwe wanditse uti: “Turavuza uwo [muziki] twisubiriza i muhira iwacu be n’igihe turi mu muduga, kandi ntitwigera turambirwa no kwumviriza uwo muziki uhinguye mu buryo bukora ku mutima. Kenshi umuziki w’Ubwami (Mélodies du Royaume) uratuma twumva dutekanye igihe twitegurira kuja ku makoraniro y’ishengero canke igihe tuja kw’iteraniro”. Hari umuvukanyikazi yavuze ati: “Uwo muziki urandyohera cane iyo ndiko ndakora udukorwa two mu nzu. Hari uwokwiyumviriye ko nogira umunezero iyo ndiko ndazinga impuzu zamesuwe? Nafashe ingingo yo kuwuvuza igihe cose numvise ntamerewe neza. Urazi ukuntu uwo muziki ushwangamura umutima! . . . Ururirimbo rumwerumwe rwose rutuma nezerwa”. Hoba hari ibihe aho uwo muziki uruhura wokugirira akamaro?
4 Imiziki myinshi yo muri iki gihe usanga igaragaza agatima k’isi. Abavyeyi barashobora gufasha abana babo gutsimbataza ugukunda umuziki mwiza mu gukoresha neza amakaseti y’umuziki w’Ubwami (Mélodies du Royaume). Abatohoji ba Bibiliya benshi be n’abashimishijwe, na bonyene bohimbarwa no kumenya ivy’izo ndirimbo ziryoshe zininahaza Yehova kandi zishwangamura umutima.—Zab. 47:1, 2, 6, 7.