Uburyo bwiza bwo guhimbarwa n’indirimbo z’Ubwami
Abasavyi b’Imana babona yuko umuziki ari ingabirano nziza iva kuri Yehova. (Yak. 1:17) Amashengero menshi arahimbarwa no kuvuza n’akajwi koroheje indirimbo z’Ubwami imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo. Kuvuza umuziki w’Ubwami ni uburyo buruhura bwo kuduha ikaze ku makoraniro. Biradufasha kwitegurira mu muzirikanyi ugusenga. N’ikindi kandi, kuvuza imiziki mishasha yo mu gitabu cacu c’indirimbo bituma tumenyera umuhibongozo wazo bikongera bikadufasha kuziririmba neza. Kuvuza uwo muziki amakoraniro arangiye bituma mu ngoro harangwa akayaga keza mu gihe tugiranira n’abandi ibiyago biremesha. Inama y’abakurambere ikwiye kugira intunganyo zibereye kugira ngo havuzwe umuziki w’ipiyano imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo. Ikwiye kuraba neza ko urugero rw’ijwi uvuzwako rutaba runini ku buryo bibuza abari ng’aho kuyaga.