Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 12 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 20 (93)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 6, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ntwarante. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa. Mu mwerekano umwumwe wose, nimushire ahabona uburyo butandukanye bw’ukuntu twovyifatamwo umuntu yishuye amajambo ahagarika ikiyago ngo: “Nta mwanya mfise”.—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rwa 11-12.
Imin. 15: “Duhe Yehova ikintu ciza kuruta ibindi mu vyo dufise”.a Igihe muganira ku ngingo ya 4, nusabe abumviriza bavuge uburyo butomoye twogaragarizamwo abantu urukundo igihe turangura ubusuku bwacu.
Imin. 20: “Gushinga intahe dukoresheje telefone tukererwa”.b Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Nusabe abashinga intahe biciye kuri telefone bari mw’ishengero ryanyu bagire ico bavuze. Aho ivyo gushinga intahe biciye kuri telefone bidashoboka, nimuhane ijambo n’abumviriza ku kiganiro kivuga ngo “Nushinge intahe mu kuba umubanyi mwiza” kiri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2001, urupapuro rwa 8.
Ururirimbo rwa 21 (191) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 19 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 28 (224)
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 17: “Twigane inyifato yo mu mutima ya Yezu”.c Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Igihe muganira ku ngingo ya 4, nusabe abariko barakora ubutsimvyi bwo gufasha bagire ico bavuze ku mihezagiro bironkeye bivuye ku gukora ico gikorwa.
Imin. 20: Dutange raporo y’ubusuku bwacu bwo mu ndimiro ku kwezi ku kwezi. Igihe umuntu atazoba ari mw’ishengero mu gihe kinaka, nimuganire uburyo bwoshobora gukoreshwa kugira yiyemeze neza ko raporo izoshikira umunyamabanga ku gihe. Ahari telefone irashobora gukoreshwa canke iyo raporo ikarungikwa biciye ku gasandugu ka posita. Abacungezi b’inyigisho z’igitabu barashobora gukora vyinshi kugira ngo bafashe bose kwama baja mu murimo. Erekana ukuntu ishengero ririko rirakora ridahorereza mu busuku bwo mu ndimiro kandi ukoreshe Ivyahishuriwe 7:15 kugira uremeshe bose kwama bagira uruhara mu busuku.
Ururirimbo rwa 9 (37) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 26 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 18 (162)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ndamukiza. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Rusama. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 6, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza be na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ndamukiza. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo, niherekanwe ukuntu umuntu yoshinga intahe ku wo bakorana canke bigana.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu hamwe n’insiguro ishingiye ku kiganiro kivuga ngo: “Nubibe vyinshi ariko ubigiranye ubukerebutsi”. Nushimike canecane ku majambo yoba abereye mu cibare canyu.
Imin. 18: Ukuntu abacungezi b’inyigisho z’igitabu z’ishengero bagaragaza ko bitwararika umuntu wese ukwiwe. Umucungezi w’inyigisho y’igitabu y’ishengero ahane ijambo n’abumviriza ku mayagwa yo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 2002.
Ururirimbo rwa 16 (143) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 3 Rusama
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nugire ico uvuze muri make ku bikorwa vyama bitegekanywa mu kiringo c’uburuhuko: kwitaba ihwaniro ry’intara, gukora ubutsimvyi bwo gufasha, ibikorwa vyo kubungabunga inzu, canke kumbure kuja mu vyo kwiruhura. Nimba ishengero rifise icibare gikorerwamwo gake, nutangaze indinganizo ziriko ziragirwa kugira ico cibare giheturwe mu buryo bunogangije. Gutegekanya ibintu tubigiranye ubwira birakenewe kugira twiyemeze ko inyigisho y’umuryango, amakoraniro y’ishengero be n’umurimo wo mu ndimiro bidafatwa minenegwe hamwe twoba dufashe urugendo canke tukagira ibindi bikorwa bitubuza kuguma ku rutonde tumenyereye (Imig. 21:5). Niwibutse bose gutanga amaraporo yabo y’umurimo wo mu ndimiro, baba bari i muhira canke bari ahandi.
Imin. 15: “Rwaruka—nimusome Ijambo ry’Imana!”d Nutegekanye imbere y’igihe habe uwukiri muto umwe canke babiri bagira ico bavuze kuri porogarama yabo yo gusoma Bibiliya n’ingene bariko barayungukirako. Nuremeshe urwaruka rwishingire umugambi wo gusoma Bibiliya yose. Nushiremwo insasanuro ukuye mu gitabu Ishure ry’Ubusuku ku rupapuro rwa 10, ingingo ya 4.
Imin. 20: Woba uriko urarangura ubusuku bwawe mu buryo bunogangije? Insiguro be n’ukuza urahana ijambo n’abumviriza. Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2001, urupapuro rwa 1. Nuremeshe abavukanyi kugira utwo banditse igihe bari mu gikorwa c’inzu ku nzu no gukurikirana ugushimishwa, bafise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana.
Ururirimbo rwa 19 (164) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.