ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/04 rup. 1
  • Rwaruka—nimusome Ijambo ry’Imana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka—nimusome Ijambo ry’Imana!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Wokwisunga iki mu gufata ingingo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Yemwe bakiri bato, mwoba mushira imbere imigambi y’ivy’impwemu?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nugaragaze ukwizera, ufate ingingo nziza!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nufate ingingo zitera iteka Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 4/04 rup. 1

Rwaruka—nimusome Ijambo ry’Imana!

1 Ubuto ni igihe kitoroshe kandi co gufata ingingo zihambaye. Benshi muri mwebwe rwaruka rukirisu murahangana ku musi ku musi n’umukazo wo kurenga ku ngingo mfatirwako z’Imana zijanye n’ukuntu mukwiye kwigenza. Kubera ko mutanguye kwifatira ingingo ku bijanye n’amashure, akazi be n’ukwubaka izanyu, mukwiye kuba mumaze kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu. Aho gusa ni ho mushobora gufata izindi ngingo zizogira ingaruka nziza ku buzima bwanyu bwose busigaye. Imigambi yo mu vy’impwemu itomoye izobafasha gukora mu buryo buranga ubukerebutsi yongere itume inzira yanyu iroranirwa. Ugusoma n’ukuzirikana kw’Ijambo ry’Imana ubudahorereza, bizobavyurira umutima wo kubaho mwisunga impanuro zahumetswe ziri muri ryo, kandi utwigoro twiza mugira tuzororanirwa.—Yos. 1:8; Zab. 1:2, 3.

2 Muzovyungukirako gute? Isi ya Shetani yuzuyemwo ibintu bikwegakwegera umuntu ku gukora ibibi (1 Yoh. 2:15, 16). Ushobora kuba uzi abo mwigana canke abandi munganya imyaka bashikiwe n’ivyago kubera ugutwarwa n’akosho k’uruganwe. Kwumira ku mpanuro zo muri Bibiliya bizobaronsa inkomezi zo mu vyo kwigenza runtu be n’izo mu vy’impwemu zituma mwamirira kure ingendo yo gukora icaha. Ikigeretseko, impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana zirashobora kubafasha kwirinda imitego y’uruyeri ya Shetani (2 Kor. 2:11; Heb. 5:14). Kugendera mu nzira z’Imana bizobazanira agahimbare nyakuri, ni ukuvuga ugushira akanyota mu kubaho kwanyu.—Zab. 119:1, 9, 11.

3 Ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana zidahinduka, zirarengeye ubukerebutsi bw’abantu (Zab. 119:98-100). Kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kuzirikana ku migambi yahishuwe ya Yehova mubijanisha n’isengesho rivuye ku mutima, birashobora kubafasha gutsimbataza ubucuti bwa hafi na wa Mwanditsi wa Bibiliya nyene ubukerebutsi bwose, Yehova Imana. Asezerana ati: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako”.—Zab. 32:8.

4 Nimushinge umwanya wo kurisoma: Uwukiri muto umwe w’umukirisu yarishingiye umugambi wo gusoma Bibiliya yose uko ingana, kandi yayimaze mu mwaka umwe. Yahungukiye gute? Yibuka ibi: “Narize ibintu vyinshi vyerekeye Yehova vyatumye ndushiriza kumwiyegereza kandi bituma nipfuza kumutinya mu buzima bwanje busigaye” (Yak. 4:8). Woba umaze gusoma Bibiliya yose uko ingana? Nimba utarabigira, ni kubera iki utokwishingira umugambi wo kubigira? Yehova ntazobura guhezagira utwigoro ugira, kandi uzohakura ivyiza vyinshi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika