Duhe Yehova ikintu ciza kuruta ibindi mu vyo dufise
1 Ivyagezwe Yehova yahaye Isirayeli vyaratomora yuko ibitungwa vyatangwako ikimazi vyategerezwa kuba “bitagira agasembwa”. Igitungwa kiri n’agahonzi nticemerwa (Lew. 22:18-20, NW; Mal. 1:6-9). Ikigeretseko, igihe ikimazi gitanzwe, ibinure vyose, ni ukuvuga igihimba kinuze kuruta ibindi vyose, vyari ivya Yehova (Lew. 3:14-16). Kubera ko Yehova yari Se w’Abisirayeli akongera akaba Shebuja wabo Ruheta, yari akwiriye ikintu ciza kuruta ibindi.
2 Cokimwe no mu bihe vya kera, n’ubu Imana iritwararika cane ukuntu amashikanwa yacu ameze. Umurimo turangura ukwiye kugaragaza icubahiro kibereye dufitiye Yehova. Ego ni ko, uko ivy’abantu vyifashe kuratandukanye. Yamara, turafise imvo yumvikana yo kwisuzuma kugira ngo turabe neza yuko turiko turamuha ikintu ciza kuruta ibindi mu vyo dufise.—Ef. 5:10.
3 Umurimo turangurana umutima wose: Kugira ubusuku bwacu butere iteka Yehova bwongere bukore ku mutima abatwumviriza, butegerezwa kuba atari ubwo guheza umwuga. Amajambo tuvuga yerekeye Imana yacu n’imigambi yayo ihambaye, akwiye kuva mu mitima inengesereye ugukenguruka (Zab. 145:7). Ivyo birashimika ku kamaro ko kuguma dufise porogarama nziza yo gusoma no kwiyigisha Bibiliya.—Imig. 15:28.
4 Guha Yehova ikintu ciza kuruta ibindi mu vyo dufise, birimwo kandi kwigana urukundo akunda abantu (Ef. 5:1, 2). Urukundo dukunda abantu ruzodusunikira ku kugerageza gushikira abantu benshi bashoboka, tubashiriye ubutumwa bw’ukuri burokora ubuzima (Mrk. 6:34). Ruradusunikira ku kwitwararika abo tuganira. Rutuma tuguma tubiyumvira igihe tumaze kubagendera ari bwo bwa mbere, maze rukatuvyurira umutima wo gusubirayo. Ruradusunikira ku gukora ivyo dushoboye vyose kugira tubafashe gutera imbere mu buryo bw’impwemu.—Ivyak. 20:24; 26:28, 29.
5 “Ikimazi co gukenguruka”: Ubundi buryo duha Yehova ikintu ciza kuruta ibindi mu vyo dufise, ni mu kugira umwete mu busuku. Igihe dutunganije ibintu neza hanyuma tukitunira ku busuku, turashobora kurangura ibintu vyinshi kuruta mu mwanya dufise (1 Tim. 4:10). Kwitegura neza biradufasha kuvuga dutomora kandi tujijutse, gutyo hakarushiriza kuboneka uturyo dutuma abantu bavyakira neza (Imig. 16:21). Igihe tubwira abandi inkuru nziza, amajambo tuvuga avuye ku mutima arashobora kwitwa mu buryo bubereye “ikimazi co gukenguruka”.—Heb. 13:15.