Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 9 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 9 (37)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano y’ukuntu hoshikirizwa Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyose bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe ico umuntu yokwishura ku majambo yo guhagarika ikiyago avuga ngo: “Ndifitiye idini ryanje”.—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rwa 10-11.
Imin. 10: “Twungukire ku kwiga igitabu Niwiyegereze Yehova”. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero, ishingiye kuri ico kiganiro. Igihe murimbura ingingo ya 2, nukwegere ivyiyumviro ku rutonde rwo kuciga. Igihe murimbura ingingo ya 3, nimusome mwongere muganire ku ngingo ya 23 ku rupapuro rwa 25 muri ico gitabu.
Imin. 25: “Tubandanye kuvuga ibikorwa bitangaje vya Yehova”a (Ingingo 1-10). Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nutume abantu bashashara gukora umurimo wo mu ndimiro wiyongereye mu kiringo c’Icibutso.
Ururirimbo rwa 20 (93) be n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 16 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.
Imin. 15: “Igikorwa gishigikiwe n’Imana”.b Nushiremwo insasanuro ukuye mu gitabu Prédicateurs, ku rupapuro rwa 547-548.
Imin. 20: “Tubandanye kuvuga ibikorwa bitangaje vya Yehova”c (Ingingo 11-17). Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nimushiremwo umwerekano mugufi w’umwamamaji ariko aratumira ku Cibutso umuntu asubiye kugendera.
Ururirimbo rwa 10 (82) be n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 23 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 7 (51)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano y’ukuntu hoshikirizwa Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyose bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa. Mu gusozera umwe muri iyo myerekano, nihavyurwe ikibazo gitera kuzirikana uzokwishura niwasubira kumugendera ukoresheje agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.
Imin. 15: “Kwitaba amakoraniro ubudahorereza bikwiye kuja imbere y’ibindi”.d Nutunganye imbere y’igihe ivy’uko hagira umuntu umwe canke babiri bagira ico bavuze ku bintu bakoze kugira bitabe amakoraniro y’ishengero yose.
Imin. 20: Nushemeze Yehova “hagati y’ishengero”. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku 1 Nyakanga 2003, urupapuro rwa 19-22. (1) Zaburi ya 22:22, 25 ishira ahabona gute impamvu ituma dutanga insasanuro ku makoraniro? (2) Ni kubera iki isengesho rifasha? (3) Ni kubera iki ukwitegura gukenewe? (4) Ni intumbero iyihe twese dukwiye kuba dufise igihe turi ku makoraniro? (5) Ni kubera iki kuba twicaye amaja imbere bifasha? (6) Ni kubera iki bihambaye kwumviriza ivyo abandi bavuga? (7) Twoshobora gute gutanga inyishu mu majambo yacu bwite? (8) Dushobora gute kuremesha abandi biciye ku nsasanuro zacu? (9) Umuhagarikizi afise ibanga irihe?
Ururirimbo rwa 26 (212) be n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 1 Ntwarante
Ururirimbo rwa 25 (204)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ruhuhuma. Nuvuge ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante, kandi mwihweze muri make bumwe mu buryo bwo gutanguza ikiganiro buri mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu. Nushiremwo ivy’uko bikenewe gukoresha ibisohokayandikiro vya kera ishengero ryoba rifise. Nusabe abamamaji bagire komande y’ibisohokayandikiro biboneka, kugira babishire mu bubiko bw’ibitabu bwabo be n’ivyo bakoresha mu murimo wo mu ndimiro.
Imin. 20: “Turashobora gukora ivyo Yehova adusaba”.e Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nimba habonetse akanya, nushimike ku vyanditswe vyatanzwe.
Ururirimbo rwa 21 (191) be n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.