Urutonde rw’ishure ry’ubusuku bwa Gitewokarasi rwo mu 2004
Ibikurikizwa
Mu mwaka wa 2004 ibikurikira ni vyo biringanijwe ngo bizokurikizwe igihe Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rizoba ririko rirarongorwa.
ISOKO RY’AMAYAGWA: Bibiliya Yera, Umunara w’Inderetsi [w-RU], Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi [be-RU], “Ivyanditswe vyose” ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro [bsi04-RU] na Imitwe yo Kuganirako Ishingiye Kuri Bibiliya [td-RU].
Ishure rikwiye gutangura KU GIHE n’ururirimbo, isengesho be n’amajambo magufi y’ikaze maze mukabigenza mu buryo bukurikira:
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA: Iminuta 5. Umucungezi w’ishure, umuhanuzi w’inyongera canke uwundi mukurambere abishoboye azoca irya n’ino kamere y’ivy’ukuvuga ishingiye ku gitabu c’Ishure ry’Ubusuku (Mu mashengero afise abakurambere bakeyi, umukozi w’ishengero abishoboye yoshobora gukoreshwa.). Kiretse aho vyerekanywe ukundi, utwumba tuboneka ku mpapuro zatanzwe turakwiye gushirwa muri ico kiganiro. Imyimenyerezo ntikwiye gushirwamwo. Ino igenewe ahanini gukoreshwa n’umuntu ku ruhande rwiwe be no gukoreshwa ku bw’impanuro zitangirwa mu mwiherero.
IKIGABU NO. 1: Iminuta 10. Ico gikwiye gushikirizwa n’umukurambere canke umukozi w’ishengero, kikazoba gishimikiye ku Munara w’Inderetsi, ku gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi canke ku gatabu “Ivyanditswe vyose” ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro. Ico kigabu gikwiye gushikirizwa nk’insiguro ncishabwenge y’iminuta cumi ata subiramwo rigirwa ku munwa. Intumbero ikwiye kuba iyo guhetura amayagwa, muri ico gihe nyene ukerekeza ubwenge ku gaciro ngirakamaro k’amakuru ariko ararimburwa, ukerekana ivyorushiriza gufasha ishengero. Umutwe werekanywe ni wo ukwiye gukoreshwa. Vyitezwe yuko abavukanyi bashingwa iyo nsiguro biyubara ntibarenze umwanya. Impanuro yo mu mwiherero yoshobora gutangwa mu gihe vyoba bikenewe.
IVYIYUMVIRO BIKURUBIKURU VYO MU GISOMWA CA BIBILIYA: Iminuta 10. Mu minuta itandatu ya mbere, umukurambere canke umukozi w’ishengero abishoboye akwiye guhuza ayo mayagwa n’ibikenewe iwanyu. Arashobora kugira ico avuze ku gihimba ico ari co cose c’igisomwa ca Bibiliya catanzwe muri uwo mushamvu. Ivyo ntibikwiye kuba gusa incamake y’igisomwa catanzwe. Intumbero nyamukuru ni ugufasha abumviriza gutahura igituma n’ukuntu ayo mayagwa ari ay’agaciro. Umushikirizansiguro akwiye kwiyubara ntarenze ya minuta itandatu yagenewe igice gitangura. Akwiye kuraba neza yuko iminuta ine isigaye ayihebera vya bibazo bibazwa abumviriza. Akwiye gusaba abumviriza gutanga insasanuro ngufingufi (zitarengeje amasegunda 30) ku vyiyumviro vyabashimishije mu gisomwa ca Bibiliya be n’akamaro vyabagiriye. Umucungezi w’ishure azoca arungika abanyeshure mu yandi masomero yabo atandukanye.
IKIGABU NO. 2: Iminuta 4. Ico ni igisomwa kizoshingwa umuvukanyi. Ico gisomwa akenshi kizova muri Bibiliya. Rimwe mu kwezi ico kigabu kizoba kigizwe n’amayagwa yakuwe mu Munara w’Inderetsi. Umunyeshure akwiye gusoma amayagwa yatanzwe atarinze gushikiriza intangamarara canke insozero. Ku ndwi ku ndwi, amayagwa yo gusoma ntazoguma angana, mugabo azoja aramara iminuta ine canke ntayishikane. Umucungezi w’ishure akwiye kubanza kwihweza ayo mayagwa imbere yo gushinga abanyeshure ibigabu, akabibashinga yisunze imyaka bafise be n’ubushobozi bwabo. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane ivyofasha abanyeshure gusoma batahura ivyo basoma, kuvuga borohewe, gushimika kugira ngo bashire ivyiyumviro bibereye ahabona, bahindagura ijwi neza, baruhuka mu buryo bubereye be no kumera nk’uko basanzwe bameze.
IKIGABU NO. 3: Iminuta 5. Ico kizoshingwa umuvukanyikazi. Abanyeshure bahabwa ico kigabu bazohabwa ikiringo bafatirako canke batore kimwe mu bitondetse ku rupapuro rwa 82 mu gitabu Ishure ry’Ubusuku. Umunyeshure akwiye gukoresha umutwe-shimikiro watanzwe kandi akawerekeza ku muce w’umurimo wo mu ndimiro werekeye ibintu bishika koko kandi wokoreshwa mu cibare c’ishengero akukira. Igihe ata marabiro yatanzwe ngo ahakure ayo mayagwa, umunyeshure azokenera gutororokanya amayagwa akoresha ku bw’ikigabu ciwe, mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro bitangwa na wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Abanyeshure bashasha bakwiye guhabwa ibigabu vyatangiwe amarabiro. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane uburyo umunyeshure aca irya n’ino amayagwa be n’uburyo afasha uwo asanze ku muhana kuzirikana ku Vyanditswe no gutahura ivyiyumviro nyamukuru vy’ikiganiro ashikiriza. Abanyeshure bashingwa iki kigabu bakwiye kuba bazi gusoma. Umucungezi w’ishure azogena umufasha umwe.
IKIGABU NO. 4: Iminuta 5. Umunyeshure akwiye guca irya n’ino umutwe-shimikiro watanzwe. Igihe ata marabiro yatanzwe ngo abe inkomoko y’amayagwa, umunyeshure azokenera gutororokanya amayagwa ku bw’ico kigabu mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro bitangwa na wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Igihe ico kigabu gishinzwe umuvukanyi, gishobora gutangwa nk’insiguro, umushikirizansiguro akaba afise mu muzirikanyi abumviriza bari mu Ngoro y’Ubwami. Igihe ico kigabu gishinzwe umuvukanyikazi, gikwiye kwama nantaryo gishikirizwa nk’uko vyerekanywe ku kigabu No. 3. Umucungezi w’ishure yoshobora guha umuvukanyi ikigabu No. 4 igihe cose abona ko bibereye. Turabasavye mugumize mu muzirikanyi yuko imitwe y’ibiganiro iriko akanyenyeri ikwiye kwama nantaryo ishingwa abavukanyi bakayishikiriza nk’insiguro.
UMWANYA: Nta nsiguro n’imwe ikwiye kurenza umwanya canke ngo amajambo y’umuhanuzi awurenze. Ibigabu bihera ku No. 2 gushika ku No. 4, bikwiye guhagarikwa bigiranywe ubugenge igihe umwanya wabigenewe urangiye. Mu gihe abavukanyi bashikiriza insiguro itangura ishingiye kuri kamere y’ivyo kuvuga, Ikigabu No. 1 canke ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya barengeje umwanya, bakwiye guhabwa impanuro mu mwiherero. Bose bakwiye kwitwararika umwanya wabo bitonze. Porogarama yose hamwe izomara iminuta 45, hatarimwo ururirimbo n’isengesho.
IMPANURO: Umunuta 1. Umucungezi w’ishure ntazorenza umunuta umwe inyuma y’ikiganiro kimwekimwe cose umunyeshure ashikiriza, mu kuvuga amajambo yubaka ku muce kanaka w’insiguro ukwiriye gushimwa. Intumbero yiwe si iyo gupfa kuvuga ngo “wakoze neza”, ahubwo riho ni iyo kwerekeza ivyiyumviro ku mvo zitomoye zerekana igituma uwo muce w’ivyo gushikiriza insiguro washitse ku ntumbero yawo. Hakurikijwe ivyo umunyeshure wese akeneye, izindi mpanuro zubaka zoshobora gutangirwa mu mwiherero ikoraniro rirangiye canke ikindi gihe.
UMUHANUZI W’INYONGERA: Inama y’abakurambere ishobora gutora umukurambere abishoboye nimba ahari, akaza yiyongera ku mucungezi w’ishure, kugira ngo abe umuhanuzi w’inyongera. Nimba mw’ishengero hari abakurambere benshi, muri ico gihe abakurambere babishoboye batandukanye barashobora kuza barakurakuranwa muri iryo banga uko umwaka utashe. Umuhanuzi w’inyongera azoba ajejwe ibanga ryo gutanga impanuro mu mwiherero, nimba bikenewe, azihe abavukanyi bashikiriza Ikigabu No. 1 be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya. Si ngombwa ngo yame atanga impanuro inyuma y’imwimwe yose muri izo nsiguro zishikirizwa n’abakurambere bagenzi biwe canke zishikirizwa n’abakozi b’ishengero. Iyi ndinganizo izobandanya gukora mu mwaka wa 2004 ariko hari aho yogira ico ihinduweko mu nyuma.
IFOMU Y’IMPANURO: Iri mu gitabu.
ISUBIRAMWO RIGIRWA KU MUNWA: Iminuta 30. Uko amezi abiri ahaciye, umucungezi w’ishure azoza arayobora isubiramwo rigirwa ku munwa. Imbere y’iryo subiramwo, hazorimburwa kamere y’ivyo kuvuga be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya, nk’uko vyerekanywe aho haruguru. Iryo subiramwo rigirwa ku munwa rizoba rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mw’ishure mu mezi abiri aheruka, dushizemwo n’uwo mushamvu uberamwo iryo subiramwo.
URUTONDE
5 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 1-5 Ururirimbo rwa 5 (46)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushira ahabona agaciro ngirakimazi k’amayagwa (be-RU rup. 157 ing. 1–rup. 158 ing. 1)
No. 1: Kugira urucacagu (be-RU rup. 39-42)
No. 2: Itanguriro 2:7-25
No. 3: Icaha ico ari co (td-RU 8A)
No. 4: aIco twokwigira ku turorero two muri Bibiliya twerekeye icaha co kureka gukora icari kibereye
12 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 6-10 Ururirimbo rwa 3 (32)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uburyo ngirakimazi amayagwa yokurikizwa (be-RU rup. 158 ing. 2-4)
No. 1: Isuku mu vy’ukuri risobanura iki? (w02-RU 1/2 rup. 4-7)
No. 2: Itanguriro 8:1-17
No. 3: Igituma kubesha ari bibi
No. 4: Igituma abantu bose bacumukura kubera icaha ca Adamu (td-RU 8B)
19 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 11-16 Ururirimbo rwa 17 (187)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gufasha abandi gutegera (be-RU rup. 159 ing. 1-4)
No. 1: Ingingo ngenderwako z’Imana zirashobora kukugirira akamaro (w02-RU 1/3 rup. 4-7)
No. 2: Itanguriro 13:1-18
No. 3: Icamwa cari kibujijwe cari ikihe? (td-RU 8C)
No. 4: Igituma Ivyabona vya Yehova babwira abandi icizigiro bafise
26 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 17-20 Ururirimbo rwa 7 (51)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutoranya amajambo (be-RU rup. 160 ing. 1-3)
No. 1: Bibiliya—Igitabu gifasha mu kubaho (w00-RU 1/12 rup. 5-7)
No. 2: w02-RU 1/1 rup. 20-21 ing. 9-11
No. 3: Ico amajambo ya Yezu yanditswe muri Luka 13:24 asobanura
No. 4: Gucumura ku mpwemu yera bisobanura iki? (td-RU 8D)
2 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 21-24 Ururirimbo rwa 29 (222)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo itagoye gutahura (be-RU rup. 161 ing. 1-4)
No. 1: Gutegura ibigabu umunyeshure ahabwa mw’ishure (be-RU rup. 43 ing. 1–rup. 44 ing. 3)
No. 2: Itanguriro 21:1-21
No. 3: Ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye n’Icibutso (td-RU 9A)
No. 4: bIgituma ivy’ukureshanya bidakwiye gufatwa minenegwe
9 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 25-28 Ururirimbo rwa 22 (130)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo irobetse kandi itarimwo amahinyu (be-RU rup. 161 ing. 5–rup. 162 ing. 4)
No. 1: Gukorera ku mutwe w’ikiganiro be no ku kiringo gifatirwako (be-RU rup. 44 ing. 4–rup. 46 ing. 2)
No. 2: Itanguriro 28:1-15
No. 3: Uburyo bwo kuronka amahoro yo mu mutima muri iyi si y’umudurumbanyo
No. 4: Imisa ntijanye n’Ivyanditswe (td-RU 9B)
16 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 29-31 Ururirimbo rwa 9 (37)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Amajambo yumvikanisha inguvu, inyiyumvo, n’uburyohe bw’ururimi (be-RU rup. 163 ing. 1–rup. 164 ing. 2)
No. 1: Ugukiza imvune z’intambara (w01-RU 1/1 rup. 3-6)
No. 2: w02-RU 1/2 rup. 23-24 ing. 6-10
No. 3: Uburyo bwo kumenya idini y’ukuri imwe gusa (td-RU 10A)
No. 4: Igituma kugira ingeso nziza ari ikintu gihambaye ku bakirisu
23 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 32-35 Ururirimbo rwa 17 (187)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo ikurikiza amategeko y’indimburo (be-RU rup. 164 ing. 3–rup. 165 ing. 1)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
1 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 36-39 Ururirimbo rwa 6 (45)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha urucacagu (be-RU rup. 166 ing. 1–rup. 167 ing. 1)
No. 1: Gutegura insiguro zishikirizwa ishengero (be-RU rup. 47 ing. 1–rup. 49 ing. 1)
No. 2: Itanguriro 37:12-28
No. 3: Ni kubera iki ukwizera kwacu gutegerezwa kujana n’ukwihangana?
No. 4: Vyoba ari bibi kwiyamiriza inyigisho z’ikinyoma? (td-RU 10B)
8 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 40-42 Ururirimbo rwa 23 (200)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Tondeka ivyiyumviro vyawe (be-RU rup. 167 ing. 2–rup. 168 ing. 1)
No. 1: Gutegura ibigabu bishikirizwa kw’ikoraniro ry’umurimo be n’izindi nsiguro (be-RU rup. 49 ing. 2–rup. 51 ing. 1)
No. 2: Itanguriro 42:1-20
No. 3: Uburyo bwo gutsimbataza ubucuti bwa hafi na Yehova
No. 4: Igihe Imana yemera ivy’uko umuntu yohindura idini (td-RU 10C)
15 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 43-46 Ururirimbo rwa 22 (130)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nugume woroheje urucacagu rw’insiguro yawe (be-RU rup. 168 ing. 2–rup. 169 ing. 5)
No. 1: Ni ryari Yehova ahezagira akigoro gakomeye tugira? (w02-RU 1/8 rup. 29-31)
No. 2: Itanguriro 43:1-18
No. 3: Imana yoba iraba “ivyiza [bisa n’ibiri] mu madini yose”? (td-RU 10D)
No. 4: Dushobora gute kurondera abagenzi dukoresheje bwa butunzi butagororotse?
22 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 47-50 Ururirimbo rwa 17 (187)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza amayagwa mu buryo bwumvikana (be-RU rup. 170 ing. 1–rup. 171 ing. 2)
No. 1: Ni kubera iki Yehova yemeye ikimazi ca Abeli ariko ntiyemera ica Kayini? (w02-RU 1/8 rup. 28)
No. 2: Itanguriro 47:1-17
No. 3: Ni nde aja mw’ijuru? (td-RU 11A)
No. 4: Igituma gutinya Yehova ari ryo tanguriro ry’ubukerebutsi
29 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 1-6 Ururirimbo rwa 12 (113)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza amakuru mu buryo bwumvikana (be-RU rup. 171 ing. 3–rup. 172 ing. 5)
No. 1: Ubushobozi bwo kwiyumvira bushobora gute kukurinda? (w02-RU 15/8 rup. 21-24)
No. 2: w02-RU 1/3 rup. 14-15 ing. 7-11
No. 3: Ukuntu Yehova abona ubwibone
No. 4: Ukuntu abakirisu babona ivyo guhimbaza imisi mikuru (td-RU 12A)
5 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 7-10 Ururirimbo rwa 16 (143)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha gusa amayagwa bijanye (be-RU rup. 173 ing. 1-4)
No. 1: Gutegura insiguro zishikirizwa icese (be-RU rup. 52 ing. 1–rup. 54 ing. 1)
No. 2: Kuvayo 8:1-19
No. 3: Ico imvugo “umuhero w’isi” isobanura (td-RU 13A)
No. 4: Igituma ukwizigira kumeze nk’[“inănga y’ubugingo”]
12 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 11-14 Ururirimbo rwa 26 (212)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza insiguro ataho uyisoma (be-RU rup. 174 ing. 1–rup. 175 ing. 5)
No. 1: Ingingo zifatwa n’umushikirizansiguro (be-RU rup. 54 ing. 2-4; rup. 55, agasandugu)
No. 2: Kuvayo 12:1-16
No. 3: Ni kubera iki dukwiye kwakiriza yompi indero dutozwa na Yehova?
No. 4: cNugume uri maso mu vy’impwemu kugira ngo ubone ibimenyetso biranga imisi y’iherezo (td-RU 13B)
19 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 15-18 Ururirimbo rwa 11 (85)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Niwirinde kugwa mu mitego yo gushikiriza insiguro ataho uyisoma (be-RU rup. 176 ing. 1–rup. 177 ing. 2)
No. 1: Dukwiye kubona gute ibigeragezo? (w02-RU 1/9 rup. 29-31)
No. 2: w02-RU 1/3 rup. 29-30 ing. 8-11
No. 3: Impwemu yera ni iki? (td-RU 14A)
No. 4: dIgituma umubano w’ababiranye ukwiye kuba ubumwe buramba
26 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 19-22 Ururirimbo rwa 5 (46)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igihe abandi badusavye gusobanura (be-RU rup. 177 ing. 3–rup. 178 ing. 3)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
3 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 23-26 Ururirimbo rwa 1 (13)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvuga nk’uwuyaga (be-RU rup. 179-180)
No. 1: Nutsimbataze ubuhanga bw’ukwigisha (be-RU rup. 56 ing. 1–rup. 57 ing. 2)
No. 2: Kuvayo 23:1-17
No. 3: Yehova ashobora gute gufasha umuntu guheba utumenyero tubi?
No. 4: Inguvu y’ubuzima y’umuntu n’iy’igikoko yitwa impwemu (td-RU 14B)
10 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 27-29 Ururirimbo rwa 15 (127)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ijwi rimeze neza (be-RU rup. 181 ing. 1-4)
No. 1: ‘Nutandukanye ibintu’ (be-RU rup. 57 ing. 3–rup. 58 ing. 2)
No. 2: Kuvayo 28:29-43
No. 3: Ni kubera iki dukwiye kuzibukira ubwoko bwose bw’amareba? (td-RU 14C)
No. 4: Igituma ivyo kuvangura amoko ari bibi
17 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 30-33 Ururirimbo rwa 20 (93)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Hema neza (be-RU rup. 181 ing. 5–rup. 184 ing. 1; rup. 182, agasandugu)
No. 1: Nuremeshe abumviriza kwiyumvira (be-RU rup. 58 ing. 3–rup. 59 ing. 3)
No. 2: Kuvayo 30:1-21
No. 3: Ni kubera iki ukwiye kuba umugwaneza?
No. 4: Ubuzima bw’umuntu bwa Yezu bwari incungu ya bose (td-RU 15A)
24 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 34-37 Ururirimbo rwa 23 (200)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Niworoshe imitsi iranze (be-RU rup. 184 ing. 2–rup. 185 ing. 2; rup. 184, agasandugu)
No. 1: Niwerekane insobanuro wongere utange akarorero keza (be-RU rup. 60 ing.1–rup. 61 ing. 3)
No. 2: Kuvayo 36:1-18
No. 3: Igituma Yezu ari we yari ashoboye gutanga incungu (td-RU 15B)
No. 4: Ni kubera iki dukwiye kuba abizigirwa ku bintu bitobito?
31 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 38-40 Ururirimbo rwa 1 (13)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwitwararika abandi (be-RU rup. 186 ing. 1-4)
No. 1: Uburyo bwo kuryohora ubuhanga bwo kuyaga (be-RU rup. 62 ing. 1–rup. 64 ing. 1)
No. 2: w02-RU 1/5 rup. 28-29 ing. 3-6
No. 3: Ugutahura ibivugwa muri 1 Yohana 3:19, 20 bishobora gute guhumuriza umuntu?
No. 4: Siyansi y’ukuri irashigikira inkuru y’ivy’irema ivugwa muri Bibiliya (td-RU 16A)
7 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 1-5 Ururirimbo rwa 4 (43)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Niwumvirize witonze (be-RU rup. 187 ing. 1-5)
No. 1: Uburyo bwo kubandanya ikiyago (be-RU rup. 64 ing. 2–rup. 65 ing. 4)
No. 2: Abalewi 3:1-17
No. 3: Umusi umwumwe wose w’irema woba wari uw’amasaha 24? (td-RU 16B)
No. 4: Ni ikibi ikihe kiri mu kwisuka mu vy’ubupfumu?
14 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 6-9 Ururirimbo rwa 21 (191)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nufashe abandi gutera imbere (be-RU rup. 187 ing. 6–rup. 188 ing. 3)
No. 1: Nutegere ico nyene kubaza yiyumvira (be-RU rup. 66 ing. 1–rup. 68 ing. 1)
No. 2: Abalewi 7:1-19
No. 3: Twokwiga gute kwanka ikibi?
No. 4: Abakirisu ntibategerezwa kwubahiriza Isabato (td-RU 17A)
21 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 10-13 Ururirimbo rwa 27 (221)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nusahirize abandi mu buryo buboneka (be-RU rup. 188 ing. 4–rup. 189 ing. 4)
No. 1: Numenye ingene ukwiye kwishura (be-RU rup. 68 ing. 2–rup. 70 ing. 3)
No. 2: Abalewi 11:1-25
No. 3: Icagezwe c’Isabato nticahawe abakirisu (td-RU 17B)
No. 4: Ukuntu Yehova abona ivyo gutwara ikintu ku rwenge
28 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 14-16 Ururirimbo rwa 15 (127)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwubaha abandi (be-RU rup. 190 ing. 1–rup. 191 ing. 1)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
5 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 17-20 Ururirimbo rwa 7 (51)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuraba ryiza umuntu ubigiranye icubahiro (be-RU rup. 191 ing. 2–rup. 192 ing. 1)
No. 1: Kuganira biciye mu makete (be-RU rup. 71-73)
No. 2: Abalewi 17:1-16
No. 3: Niwizigire ishirahamwe rya Yehova
No. 4: Igihe akaruhuko k’Imana k’Isabato katanguriye n’igihe kazoherera (td-RU 17C)
12 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 21-24 Ururirimbo rwa 21 (191)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza insiguro mu rupfasoni (be-RU rup. 192 ing. 2–rup. 193 ing. 2)
No. 1: Tera uja imbere, wunguruze (be-RU rup. 74 ing. 1–rup. 75 ing. 3)
No. 2: Abalewi 22:1-16
No. 3: Amasengesho Imana yumva (td-RU 18A)
No. 4: Yehova yoba yari Imana y’ubwoko bw’Abayuda?
19 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 25-27 Ururirimbo rwa 2 (15)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvugana ubujijutsi (be-RU rup. 194 ing. 1–rup. 195 ing. 2)
No. 1: Koresha ingabirano ufise (be-RU rup. 75 ing. 4–rup. 77 ing. 2)
No. 2: Abalewi 25:1-19
No. 3: Ingene iterabwoba rizokurwaho
No. 4: Igituma amasengesho amwamwe atemerwa (td-RU 18B)
26 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 1-3 Ururirimbo rwa 18 (162)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingene wogaragaza ubujijutsi (be-RU rup. 195 ing. 3–rup. 196 ing. 4)
No. 1: Abakirisu boba bakwiye kuba abanyeshari? (w02-RU 15/10 rup. 28-31)
No. 2: w02-RU 1/7 rup. 14-15 ing. 6-9
No. 3: Isi yaremewe kuba Iparadizo (td-RU 19A)
No. 4: Vyoba ari bibi kuririra uwo wakunda yapfuye?
2 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 4-6 Ururirimbo rwa 3 (32)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvugana ubugenge ariko ushikamye (be-RU rup. 197 ing. 1-3)
No. 1: Nidutume imisi yacu igira ico imaze mu nyonga za Yehova (w02-RU 15/11 rup. 20-23)
No. 2: Guharūra 6:1-17
No. 3: Bibiliya ishobora gute gufasha abantu kureka kwankana?
No. 4: Ubuzima kw’isi ntibuzokwigera bugira iherezo (td-RU 19B)
9 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 7-9 Ururirimbo rwa 23 (200)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvugana ubugenge igihe ushinga intahe (be-RU rup. 197 ing. 4–rup. 198 ing. 4)
No. 1: Ikibano kitagiramwo abasumba abandi coba gishobora kubaho? (w02-RU 1/1 rup. 3-5)
No. 2: Guharūra 8:1-19
No. 3: Ivyabona vya Yehova boba ari idini ry’icaduka? (td-RU 20A)
No. 4: Antikristo ni nde?
16 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 10-13 Ururirimbo rwa 8 (53)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Amajambo abereye avuzwe ku gihe kibereye (be-RU rup. 199 ing. 1-4)
No. 1: Kuronka umutekano mw’isi yuzuye akaga (w01-RU 1/2 rup. 3-5)
No. 2: Guharūra 12:1-16
No. 3: Ukwihora kw’Imana kwoba kujanye n’urukundo rwayo?
No. 4: Ni bande bazozurwa mu bapfuye? (td-RU 21A)
23 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 14-16 Ururirimbo rwa 16 (143)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ubugenge iyo turi kumwe n’abo mu muryango canke abakirisu bagenzacu (be-RU rup. 200 ing. 1-4)
No. 1: Abavukana batsimbataje udutima dutandukanye (w02-RU 1/2 rup. 19-21)
No. 2: w02-RU 15/7 rup. 23-24 ing. 15-19
No. 3: Abapfuye bazozukira hehe? (td-RU 21B)
No. 4: eIgituma udukino turanga ubukazi two kuri videwo tutabereye ku bakirisu
30 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 17-21 Ururirimbo rwa 28 (224)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibiyago vyubaka kandi vyeza umutima (be-RU rup. 202 ing. 1–rup. 203 ing. 2)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
6 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 22-25 Ururirimbo rwa 5 (46)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Imvugo yawe igume ari iyubaka (be-RU rup. 203 ing. 3–rup. 204 ing. 1)
No. 1: Ukuntu Inama Nyobozi itandukanye n’urwego rugengwa n’amategeko (w01-RU 1/2 rup. 29-32)
No. 2: Guharūra 22:1-19
No. 3: Shetani yoba ari umuntu abaho koko? (td-RU 22A)
No. 4: fIgituma abavyeyi bakirisu bakwiye gusomera abana babo
13 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 26-29 Ururirimbo rwa 10 (82)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igihe uyaga n’abo musangiye ukwemera (be-RU rup. 204 ing. 2–rup. 205 ing. 4)
No. 1: Ukuntu ubumuga buzohera (w02-RU 1/5 rup. 3-6)
No. 2: Guharūra 29:1-19
No. 3: Shetani ni we mutegetsi ataboneka w’isi (td-RU 22B)
No. 4: Ni gute ivyo Imana yasezeranye vyabaye egome biciye kuri Yezu Kirisitu?
20 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 30-32 Ururirimbo rwa 7 (51)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusubiramwo kugira ngo ushimike (be-RU rup. 206 ing. 1-4)
No. 1: Nubibe ubugororotsi, wimbure ubuntu-mvarukundo bw’Imana (w02-RU 15/7 rup. 28-31)
No. 2: Guharūra 30:1-16
No. 3: Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ba bamarayika bamenja (td-RU 22C)
No. 4: gIgituma dukwiye guhunga ibintu vyerekana ubushegabo
27 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 33-36 Ururirimbo rwa 16 (143)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusubiramwo mu busuku bwo mu ndimiro, be n’igihe ushikiriza insiguro (be-RU rup. 207 ing. 1–rup. 208 ing. 3)
No. 1: Aberanda b’ukuri bashobora kugufasha gute? (w02-RU 15/9 rup. 4-7)
No. 2: w02-RU 1/8 rup. 18-19 ing. 15-19
No. 3: Imana si yo iteza isi amagorwa (td-RU 23A)
No. 4: Igituma dukwiye kwirinda ivyo kurondera ukwinezereza gutwara ubwenge
4 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 1-3 Ururirimbo rwa 21 (191)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwubakira ku mutwe-shimikiro (be-RU rup. 209 ing. 1-3)
No. 1: Uguhumurizwa turonkera ku bumenyi ntagakosa bwerekeye Imana (w02-RU 1/10 rup. 5-7)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 1:1-18
No. 3: Ico bisobanura kugira ukuri ukwawe
No. 4: Igituma Imana yabaye irareka ububisha (td-RU 23B)
11 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 4-6 Ururirimbo rwa 8 (53)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha umutwe-shimikiro ubereye (be-RU rup. 210 ing. 1–rup. 211 ing. 1; rup. 211, agasandugu)
No. 1: Guharura usubira inyuma kuva mu 537 B.G.C. gushika mu 997 B.G.C. (bsi04-RU rup. 2-3 ing. 5-7)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 4:1-14
No. 3: Imana iragaragaza ikigongwe cayo cinshi (td-RU 23C)
No. 4: Kwitwararika ivy’impwemu birimwo iki?
18 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 7-10 Ururirimbo rwa 5 (46)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushira ahabona ingingo nkurunkuru (be-RU rup. 212 ing. 1–rup. 213 ing. 1)
No. 1: Guharura usubira inyuma kuva mu 997 B.G.C. gushika mu 2370 B.G.C. (bsi04-RU rup. 3-4 ing. 8-11)
No. 2: w02-RU 15/8 rup. 15-16 ing. 3-6
No. 3: Ubwami bw’Imana ni wo muti rudende (td-RU 23D)
No. 4: hUkuntu Yehova abona abahakanyi
25 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 11-13 Ururirimbo rwa 12 (113)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ntushiremwo ingingo nkurunkuru umurengera (be-RU rup. 213 ing. 2–rup. 214 ing. 5)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
1 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 14-18 Ururirimbo rwa 21 (191)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Intangamarara ivyura ugushimishwa (be-RU rup. 215 ing. 1–rup. 216 ing. 5)
No. 1: Guharura usubira inyuma kuva mu 2370 B.G.C. gushika mu 4026 B.G.C. (bsi04-RU rup. 4-5 ing. 12-15)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 14:1-23
No. 3: Ubugingo ni iki? (td-RU 24A)
No. 4: Igituma abakirisu bakwiye kuguma boroheje ubuzima bwabo
8 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 19-22 Ururirimbo rwa 5 (46)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukwegera ivyiyumviro vy’abantu igihe uri mu murimo wo mu ndimiro (be-RU rup. 217 ing. 1-4)
No. 1: Ukubaho kwa Yezu kw’isi (bsi04-RU rup. 5 ing. 16-17)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 21:1-17
No. 3: Imana itanga ubukiriro biciye gusa kuri Kirisitu (td-RU 25A)
No. 4: Uburorero bwo muri Bibiliya bushobora gute kudufasha guhangana n’ugucika intege?
15 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 23-27 Ururirimbo rwa 18 (162)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nutomore umutwe w’ikiganiro cawe mu ntangamarara (be-RU rup. 217 ing. 5–rup. 219 ing. 2)
No. 1: Ibintu biranga ikiringo Yezu yoranguriyemwo ubusuku bwiwe (bsi04-RU rup. 5 ing. 18-19)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 24:1-16
No. 3: Uburyo bwo kumenya abo Imana ishigikira
No. 4: Imvugo ngo “mu gihe ukijijwe uba ukijijwe ibihe vyose” ntishingiye ku Vyanditswe (td-RU 25B)
22 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 28-31 Ururirimbo rwa 3 (32)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Insozero ishika ku nyota (be-RU rup. 220 ing. 1-3)
No. 1: Guharura imyaka mu bihe vy’intumwa (bsi04-RU rup. 6 ing. 20-23)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 29:1-18
No. 3: Imvugo ngo “ubukiriro bw’isi yose” ntishingiye ku Vyanditswe (td-RU 25C)
No. 4: Igituma abakirisu bakwiye kwifata ruto
29 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 32-34 Ururirimbo rwa 11 (85)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibintu vyo kugumiza mu muzirikanyi (be-RU rup. 221 ing. 1-5)
No. 1: Urugendo rugira kabiri Paulo yagize rw’ubumisiyonari (bsi04-RU rup. 6-7 ing. 24-25)
No. 2: w02-RU 15/10 rup. 11 ing. 10-13
No. 3: Uburyo butandukanye dushobora kweza izina ry’Imana
No. 4: Igituma Yehova adashobora kuba mu bigize Ubutatu (td-RU 26A)
6 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 1-5 Ururirimbo rwa 5 (46)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Mu busuku bwo mu ndimiro (be-RU rup. 221 ing. 6–rup. 222 ing. 6)
No. 1: Urugendo rugira gatatu Paulo yagize rw’ubumisiyonari be n’imyaka ihereza, 56-100 G.C. (bsi04-RU rup. 7 ing. 26-30)
No. 2: Yosuwa 4:1-14
No. 3: Umwana ntangana na Se (td-RU 26B)
No. 4: Noweli woba ari umusi mukuru wa gikirisu?
13 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 6-8 Ururirimbo rwa 15 (127)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvuga inkuru ata mahinyu (be-RU rup. 223 ing. 1-5)
No. 1: Gusaba imbabazi, ni inzira yo kugiriranira amahoro n’abandi (w02-RU 1/11 rup. 4-7)
No. 2: Yosuwa 6:10-23
No. 3: Ni kubera iki twobandanya kwamamaza inzu ku nzu?
No. 4: Ingene Imana na Kirisitu bari umwe (td-RU 26C)
20 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 9-11 Ururirimbo rwa 11 (85)
Kamere y’ivy’ukuvuga: ‘Kugumya ijambo ryo kwizerwa’ (be-RU rup. 224 ing. 1-4)
No. 1: Mukomeze ibiganza vyanyu (w02-RU 1/12 rup. 30-31)
No. 2: w02-RU 15/11 rup. 18-19 ing. 19-23
No. 3: Impwemu yera si umuntu (td-RU 26D)
No. 4: iIco bisobanura kuba indemeshamahoro
27 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 12-15 Ururirimbo rwa 21 (191)
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusuzuma yuko amayagwa atagiramwo amahinyu (be-RU rup. 225 ing. 1-3)
Isubiramwo rigirwa ku munwa
[Footnotes]
a Gishingwe abavukanyi gusa.
b Gishingwe abavukanyi gusa.
c Nimba umwanya ubikunze, nimurimbure ivyo umuntu yokwishura ku majambo yohava ahagarika ikiyago be n’ayandi yovugwa, azohura neza na neza n’ibikenewe mu cibare canyu.
d Gishingwe abavukanyi gusa.
e Gishingwe abavukanyi gusa.
f Gishingwe abavukanyi gusa.
g Gishingwe abavukanyi gusa.
h Gishingwe abavukanyi gusa.
i Gishingwe abavukanyi gusa.