Yehova arabereye gushemezwa cane
Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zizohimbazwa ku wa 16 Ndamukiza
1 Uko twegereza igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2003, ni ko turushiriza kuryitegana igishika. Muri iryo joro, tuzokwibuka urupfu rwa Yezu, twifatanye n’abo dusenga hamwe amamiliyoni bari mw’isi yose mu kuninahaza izina rya Yehova. Yehova arakwiriye amashemezo yacu yose kubera intunganyo nziza igitangaza y’incungu yagize. Biciye kuri iyo ncungu, azohunda imihezagiro y’igitangaza abantu bose bagamburuka. Turifatanya n’umutima wacu wose n’umwanditsi wa Zaburi mu gusemerera duti: “Uhoraho arahambaye, abereye gush[emez]wa cane.”—Zab. 145:3.
2 Iki ni igihe co kuzirikana ku kumera neza kw’Imana no ku mwenda w’ugukenguruka tuyifitiye kubona yararungitse “Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubu[zima] na we.” (1 Yoh. 4:9, 10) Guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba tubigiranye ukugamburuka, bituma imitima yacu itahura yuko ‘Yehova ari umunyabuntu, yuzuye imbabazi . . . kandi afise ubuntu mvarukundo bwinshi.’ (Zab. 145:8) Nkako, incungu ni bwo buryo buhambaye kuruta Yehova yaseruriyemwo urukundo akunda umuryango w’abantu wose. (Yoh. 3:16) Iyo tuzirikanye ku rukundo rw’Imana tukongera tukarimbura ingendo y’ukutadohoka iranga ubwizerwe Yezu yagize, bica bituvyurira umutima wo gushemeza Yehova. Tuzomushemeza ibihe vyose ku bw’urukundo rutagira akarimbi yagaragaje mu gutuma dushobora kuzoronka ubuzima budahera.—Zab. 145:1, 2.
3 Fasha abandi bashemeze Yehova: Ugukenguruka ingabirano y’incungu iruta izindi zose Imana yatanze, biradusunikira ku gutumira abandi kugira ngo bifatanye natwe mu gushemeza Yehova. Umwanditsi wa Zaburi yarahumekewe kwandika ati: “Bazokwibukiriza uku[me]ra neza kwawe kwinshi, baririmbe ukugororoka kwawe.” (Zab. 145:7) Mu mwaka uheze honyene, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha arenga umuliyaridi bakora igikorwa co kwamamaza. Utwigoro bagize twavuyemwo iki? Uko indwi itashe, incahagati y’abantu barenga 5.100 bagiye barabatizwa bwa kigereranyo c’uko biyeguriye Yehova. Uravye abantu 15.597.746 bitavye Icibutso, muri abo hakaba harimwo abarenga imiliyoni 9 bataratangura gushemeza Yehova ari abamamaji b’inkuru nziza, birashoboka cane yuko hazoba irindi yongerekana! Bwa bamamaji b’Ubwami, turaha agaciro agateka dufise ko kwamamaza inkuru nziza no kwerekeza imitima y’abandi kuri Yehova, ku Mwana wiwe no ku Bwami.
4 Uburyo bwiza bwo kuremesha abandi kugira batere iteka Yehova, ni mu kubatumira kwifatanya natwe mu guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba. Woba umaze kugira urutonde rw’abantu bose wipfuza gutumira be n’abandi wokenera kwibutsa umusi be n’isaha iryo himbaza rizoberako? Woba umaze guha ubutumire abantu bose washize ku rutonde? Nimba utarabigira, nuce witwararika kububaha mu gihe gisigaye. Nubafashe gutahura intumbero y’iryo himbaza. Ku Cibutso, niwitegurire kuramutsa abashitsi. Nutume bumva ko bisanze, ubamenyekanishe ku bandi kandi ubakeze kubona baje.
5 Kwitaba Icibutso birashobora gutuma abashasha batera imbere mu vy’impwemu. Hari umutohoji wa Bibiliya afise ingorane yo mu mutwe yatewe n’ivyigeze kumushikira, ikaba ituma adashobora kuja aho abandi bari, yaje ku Cibutso. Igihe bamubaza ico yiyumvira kuri iryo koraniro, yavuze ati: “Ryari ijoro ryeranda cane, kandi ni ho nari nibereye.” Guhera ubwo, yaciye atangura kwitaba amakoraniro.
6 Inyuma y’Icibutso: Ni igiki umuntu ashobora gukora kugira ngo afashe abo bashimishijwe kuba abashemeza Yehova? Abakurambere bazokwitwararika abashasha bitavye Icibutso maze baringanize yuko abamamaji babishoboye babagendera vuba bidatevye kugira ngo basubire kwihwereza hamwe ibintu bishika ku mutima bamenye kandi bihweje. Bamwebamwe bokwipfuza kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Bakwiye kandi gutumirwa kwitaba amakoraniro yose y’ishengero agirwa ku ndwi ku ndwi, kubera ko kwitaba amakoraniro badahorereza bishobora kubafasha kwongereza ubumenyi bwa Bibiliya.
7 Hariko haragirwa indinganizo zo kuremesha abararanya n’abahororokewe bose kwitaba amakoraniro badahorereza. Abakurambere nibagusaba gusahiriza uwahororokewe kugira ngo asubire kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, nugire umutima ukunze wo gufasha. Kugaragaza ko twitwararikana urukundo abavukanyi bacu mu buryo nk’ubwo, birahuye n’inkeburo intumwa Paulo yatanze igira iti: “Iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.”—Gal. 6:10.
8 Ese twese twogira akigoro kadasanzwe ko kuba ari ho turi ku Cibutso kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza. Ntitwokwipfuza gusiba urwo rubanza rweranda cane rwo gushemeza Yehova. Vyemere, nimuze dushemeze Yehova ku bw’ibikorwa vyiwe bihambaye ubu be n’ibihe bidahera!—Zab. 145:21.