Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Nzero
“Uravye amaraso yose amaze guseseka uko angana, wibaza yuko ikibi coba caranesheje iciza? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana. [Soma Zaburi 83:18b.] Kubera yuko Imana ari yo Musumbavyose kw’isi, ikibi coba vy’ukuri gishobora kunesha? [Rindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iratanga inyishu imara akanyota kuri ico kibazo.”
Réveillez-vous! 22 Nzero
“Umutekano wacu urabangamiwe bimwe bitari bwigere bibaho. Abantu bararajwe ishinga n’ubusuma butera bwiyongera. Wewe woba uhora uvyumva? [Rindira yishure.] Bibiliya isezerana yuko umusi uri izina ata babangamira umutekano wacu bazoba bakiri kuri iyi si. [Soma Yesaya 11:9.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu ivyo bizoranguka.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuh.
“Abantu benshi muri iki gihe bararajwe ishinga n’ukubura akazi, abandi na bo usanga ku kazi bari mu mukazo ukomeye. Woba wibaza ko bishoboka yuko umuntu yumva ahimbawe kandi afise umutekano ku kazi? [Rindira yishure. Hanyuma uce usoma Yesaya 65:21-23.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iravuga igihe abantu bose bazoba bafise akazi kamara akanyota.”
Réveillez-vous! 8 Ruhuh.
“Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga ikintu c’agacamutima kiba muri iki gihe cacu, ni ukuvuga gusambanya abana. Ubwo buryo buteye agahinda bwo kwonona abana ni ikintu Bibiliya isezerana yuko vuba kigiye kurangira. [Soma Imigani 2:21, 22.] Iki kinyamakuru kirerekana ingaruka zose ziva muri ukwo kwonona abana be n’ukuntu zizorangira.”