Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Nzero
“Kubera yuko ivyo kudashitsa amasezerano vyimonogoje muri iki gihe, abantu benshi birabagora gupfa kwizigira uwo ari we wese. Woba wibaza ko hariho umuntu asezerana ivyo dushobora kwizigira? [Rindira yishure, uce usoma Yosuwa 23:14.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene dushobora gukomeza ukwizigira imihango y’Imana yanditse muri Bibiliya”.
Réveillez-vous! 22 Nzero
“Uku ni kwo izina ry’uruharo ry’Imana ryandikwa mu rurimi rw’igiheburayo. [Mwereke igipfukisho.] Abantu bamwebamwe ata gukeka biyumvira yuko iri zina ridakwiye kwigera rivugirwa ku mugaragaro. Abandi na bo bararikoresha ata guhigimanga. Iyi nomero ya Réveillez-vous! irihweza ivyo vyiyumviro bitandukanye. Vyongeye, iraca irya n’ino ingene twoshobora gushika ku kumenya izina ry’Imana”. Soma Yesaya 12:2.
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuh.
“Benshi muri twebwe baragerageza kubungabunga imibiri yabo kugira bagire amagara meza. Ariko rero, ubushakashatsi buherutse kugirwa bwerekana yuko ukumererwa neza kwacu kuvana kandi n’ukuntu ivyacu vyifashe mu vy’impwemu. Woba wibaza yuko ivyo bishoboka? [Rindira yishure, uce usoma Matayo 5:3.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iraca irya n’ino ukuntu twoshobora kwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu”.
Réveillez-vous! 8 Ruhuh.
“Muri iki gihe abantu benshi bacurumba muri twinshi kandi barakenera kuruhuka bihagije. Kumbure wokwemeranya n’aya majambo amaze imyaka irenga 3.000 yanditswe. [Soma Umusiguzi 4:6, uce urindira yishure.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irashikiriza amakuru ngirakamaro yerekeye ukuntu twomenya ingorane ijanye no kudasinzira bihagije be n’ingene twoyitorera umuti”.