Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Kigarama: Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe udafise ico gitabu, woshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 ishengero ryoba rifise mu bubiko casohowe imbere yo mu 1988. Amashengero adafise ibitabu vya kera vy’impapuro 192, yoshobora gushikiriza igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche! canke L’humanité à la recherche de Dieu. Ruhuhuma: Igitabu gishasha gifise umutwe uvuga ngo Niwiyegereze Yehova ni co kizoshikirizwa. Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana.
◼ Udukaratasi tw’ubutumire bw’Icibutso two mu 2003 mu rurimi rukoreshwa cane n’ishengero rimwerimwe ryose, tuzorungikirwa vuba ishengero ryanyu. Nimba hari izindi ndimi zivugwa mu cibare canyu, mukaba mwipfuza kuronka udukaratasi tw’ubutumire muri izo ndimi, ivyo bikwiye guca bisabwa mu maguru masha kuri ya Fomu y’Ugusaba Ibisohokayandikiro (S-14). Udukaratasi tw’ubutumire bw’Icibutso turaboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, mu Gishinwa (Coroheje), mu Giswahili, mu Kiganda, mu Kigujarati no mu Kirundi. Turabinginze musabe gusa udukaratasi turi mu ndimi zikenewe mu cibare canyu.
◼ Turabamenyesheje yuko Icibutso co mu mwaka w’2004 kizoba ku w’Iyinga igenekerezo rya 4 Ndamukiza, izuba rirenze. Ivyo bimenyeshejwe hakiri kare kugira abavukanyi bashobore gutegekanya ibikenewe mu vyo gukotesha ibibanza igihe hoba hariho amashengero menshi akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, bikaba ngombwa yuko haronderwa izindi nyubakwa. Abakurambere bakwiye kuja inama na nyeneyo kugira barabe neza ntihagire ibindi bikorerwa muri iyo nyubakwa bizodurumbanya kugira ihimbazwa ry’Icibutso ribe mu buryo burangwa amahoro n’urutonde. Kubera yuko urwo rubanza ruhambaye, mu gushinga uwuzoshikiriza insiguro y’Icibutso inama y’abakurambere ikwiye guhitamwo umwe mu bakurambere babishoboye kuruta, aho kuja barahana imbu gusa canke gukoresha umuvukanyi umwe wenyene uko umwaka utashe. Nimba hariho umukurambere abishoboye ari mu basizwe abasha gutanga iyo nsiguro, akwiye gutorwa.
◼ Abamamaji bose babatijwe bazoba bitavye Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku wa 6 Nzero bazoshobora kuronka ya karata Instruction Médicales/Pas de Sang (Amabwirizwa mu vy’Ubuvuzi/Ntimuntere Amaraso) be na twa Dukarata Karanzi tw’abana babo.
◼ Hariko haragirwa ihinduka mu bijanye n’ukuntu Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi rizorongorwa mu gihe co kugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko. Guhera muri Nzero 2003, ururirimbo n’isengesho vyugurura bimaze kurangira, ishure rizoca rirongorwa mu minuta nka 25. Hazoba insiguro y’iminuta itanu ishingiye kuri kamere y’ivy’ukuvuga, habe insiguro ncishabwenge y’iminuta cumi be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya bimara iminuta cumi. Ikigabu No. 2, No. 3 na No. 4 ntibizoshikirizwa. Ishure rirangiye hazoca hakurikira Ikoraniro ry’Umurimo rimara igice c’isaha. Inyuma y’ururirimbo, hazoba porogarama ishikirizwa n’umucungezi w’umuzunguruko imara igice c’isaha, hanyuma hakurikire ururirimbo n’isengesho vyo gusozera.
◼ Naho umucungezi w’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi yahora abika Udupapuro tw’Impanuro z’ivy’Ukuvuga, ivyo ntibizoba bigikora, kubera yuko amafomu y’impanuro asanzwe ari mu bitabu. Ku bw’ivyo, umucungezi w’ishure wese azokenera kwishiriraho uburyo bwiwe bw’ukuntu yogenda akurikirana iterambere ry’abanyeshure. Nta rwandiko rudasanzwe ibiro vy’ishami bizotanga ruzokoreshwa ku bw’iyo ntumbero.