ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/02 rup. 7
  • Tuzokwiga Igitabu Agahimbare mu Rugo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuzokwiga Igitabu Agahimbare mu Rugo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 12/02 rup. 7

Tuzokwiga Igitabu Agahimbare mu Rugo

Muzohimbarwa no kumenya yuko guhera ku ndwi itangura ku wa 3 Ruhuhuma 2003, tuzokwihweza igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, mu Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Nta n’umwe azoshima gusiba muri iyo nyigisho igirirwa mu mugwi, yerekeye iyo nyobozo ngirakimazi ishingiye ku Vyanditswe, ituma ubuzima bwo mu rugo burangwamwo agahimbare. Urutonde rw’inyigisho ruzotuma ingingo imwimwe yose be n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyose biri muri ico gitabu vyihwezwa mu buryo bunogangije.

Ikigabane ca mbere cose kizokwihwezwa mu ndwi ya mbere iyo nyigisho izoberamwo, kubera yuko kirimwo ivyanditswe bikeyi bitasubiwemwo. Ku bw’iyo mvo nyene, ikigabane ca 15 kizokwihwezwa mu kiringo kimwe. Ariko rero, ibindi bigabane bisigaye bizogaburwamwo ibice bibiri, hafi igice kimwe c’ikigabane kikazokwihwezwa ku ndwi ku ndwi. Gutyo, hazoba umwanya uhagije wo gusoma no kuganira ku vyanditswe vyose vyatanzwe be no kwihweza mu buryo bwitondewe ukuntu ivyo vyanditswe biri mu ngingo imwimwe yose vyoshirwa mu ngiro.

Umwe mu mice ihambaye y’iyo nyigisho, uzoba ari ukuganira ku mayagwa ari mu kumba ntanganyigisho kari ku mpera y’ikigabane kimwekimwe cose. Ku bw’ivyo, hakwiye gutegekanywa umwanya uhagije wo kwihweza ibibazo be n’ivyanditswe vyatanzwe muri ako kumba.

Abacungezi b’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero bahimirizwa kwitwararika bimwe bidasanzwe gutegura iyo nyigisho, no kuremesha abantu bose bagize umugwi bashinzwe harimwo n’abashasha, gutegura neza, kwitaba iyo nyigisho badahorereza no kuyigiramwo uruhara.—om-RU 76-78.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika