Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 9 Nyakanga
Ururirimbo rwa 4 (43)
Imin. 13: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro be na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Myandagaro. Muri umwe wose, nimwerekane uburyo butandukanye bw’ukuntu twovyifatamwo umuntu yishuye amajambo ahagarika ikiyago ngo: “Ivy’Ivyabona vya Yehova ntavyo ngomba.”—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rw’9-10.
Imin. 17: “Dufashe Abandi Kuninahaza Yehova.”a Nimba umwanya ubibakundiye, nucishemwo iciyumviro ngirakamaro kimwe canke bibiri ukuye mu gitabu Comment raisonner, urupapuro rw’199-202.
Imin. 15: Ni Kubera Iki Ata Kwizera Kukiriho? Uguhana ijambo n’abumviriza. Birashika tugahura n’abantu bafise ukwizera guke. (2 Tes. 3:2) Kugira ngo tubabwire ukuri kwerekeye Yehova, dukwiye kubanza kugerageza kumenya icatumye biyumvira Imana muri ubwo buryo. Rimbura ibintu bine bishobora kubuza abantu kugira ukwizera. (1) Ntibafise ubumenyi ntagakosa bwerekeye Bibiliya: Bibiliya yabonetse biciye ku mpwemu y’Imana. (2 Tim. 3:16, 17; 2 Sam. 23:2) Nimba abanywanyi b’amadini bigishijwe ivyiyumviro vy’abantu aho kwigishwa Ijambo ry’Imana, ntibazogira ukwizera nyakuri mu Mana no mu mugambi wayo. Bazogira impengamiro yo kwiheka ku vyiyumviro vyabo bwite no ku vy’abandi bantu. (Gereranya na Matayo 15:3-9.) (2) Amadini yarabaciye intege: Benshi baracitse intege kubera uburyarya bw’amadini y’Abiyita Abakirisu, ayivugisha yuko yigisha Ijambo ry’Imana mugabo ntashobore kubaho yisunga ivyo avuga. (Gereranya n’Abaroma 3:3, 4; Matayo 7:21-23.) (3) Ntibatahura igituma Imana ireka ububisha bukabandanya: Ntibazi yuko impengamiro umuntu afise yo gukora ikibi iterwa n’icaha ca Adamu. (Rom. 5:12) Hari aho baba batazi yuko Shetani abaho be n’uko agira akosho, ivyo bigatuma ibintu bibi bikorwa na Shetani bavyitirira Imana. (1 Yoh. 5:19; Ivyah. 12:12) Ntibatahura mu buryo butomoye ikibazo cerekeye uwukwiye kuba segaba w’ibintu vyose be n’uko ukuba Imana yarihanganye gushika muri iki gihe bibaronsa akaryo batari babereye ko kuzoronka ubukiriro. (Rom. 2:4; 2 Pet. 3:9) Ntibatahura kandi yuko Imana yashinze igihe izosangangurirako ababisha bose ubutagisubira kubaho. (Ivyah. 22:10-12; 11:18; Hab. 2:3) (4) Ubuzima bwabo bwuzuyemwo ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umubiri: Bamwebamwe boshobora kuvuga yuko bemera Bibiliya mugabo ugasanga ntibarigera na rimwe bayitohoza bitonze. (Gereranya na 1 Ngoma 28:9.) Mu bihe bimwebimwe, usanga bananirwa gutsimbataza ukwizera bari bafise, ahubwo bakareka ivyo kwipfuza ibintu bitagororotse bikaba ari vyo biganza impengamiro y’umutima wabo, ivyo bigatuma baja kure y’Imana n’inzira zayo. (Heb. 3:12) Nusabe abumviriza batange ivyiyumviro vyerekeye ukuntu boshobora kuvyifatamwo mu gihe kimwekimwe cose. Niwigane icabonywe cerekeye uburyo umuntu yakoresheje akererwa, canke ukoreshe icabonywe kiri muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Myandagaro 1993 urupapuro rwa 14-15.—Raba igitabu Comment raisonner, urupapuro rw’168-170.
Ururirimbo rwa 28 (224) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 16 Nyakanga
Ururirimbo rwa 13 (124)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nuremeshe bose gusubiramwo utwo banditse kuri porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko riheruka, mu kwitegurira Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku ndwi iza.
Imin. 18: Twakoze Gute mu Mwaka Uheze? Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nushikirize ibintu bikurubikuru vyerekeye raporo y’ishengero y’umwaka w’umurimo w’2002. Nukeze umuntu wese ku bw’ibintu vyiza yaranguye. Nushimike ku kuntu ishengero ryakoze mu biraba ukwitaba amakoraniro, ugusubira kugendera abantu n’igikorwa co kurongora inyigisho za Bibiliya, be no mu vy’ugukora ubutsimvyi bwo gufasha, utange inama ngirakamaro z’ukuntu vyoryohorwa. Nuvuge imigambi ishoboka mwishingiye mwipfuza gushikako muri uyu mwaka dutanguye.
Imin. 17: Ingorane Zihanze Abavyeyi Birerana Abana. Umukurambere abaze ibibazo umuvyeyi umwe canke babiri birerana abana (cabure abubakanye n’abatari Ivyabona) kugira ngo mubone ingene bavyifatamwo mu ngorane zijanye n’ukurera abana, kubatoza indero be no kubarongora mu buryo bw’impwemu. Bashobora gute kurangura amabanga yo mu rugo kandi bakaja no ku makoraniro be no mu murimo wo mu ndimiro ubudahorereza? Nushire ahabona inama zimwezimwe zishikirizwa mu gitabu Bonheur familial, urupapuro rw’104-110. Nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rw’113-115, nuvuge uburyo ngirakamaro butandukanye bw’ukuntu abandi bashobora kugira ico bafashije.
Ururirimbo rwa 2 (15) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 23 Nyakanga
Ururirimbo rwa 16 (143)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Ukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nusabe umukurambere agire umwerekano w’ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga wongere usabe umukozi w’ishengero agire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nyakanga. Inyuma y’umwerekano umwumwe wose, nusubiremwo iryungane rimwe canke abiri yakoreshejwe mu ntango, kugira ngo umunyamuhana ashimishwe.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 25: “Nutinye Imana Kandi Uyihimbaze.” (Ivyah. 14:7) Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza mu gusubiramwo porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko yagizwe mu mwaka w’umurimo uheze. Nusabe ishengero ritange insasanuro ku vyiyumviro nyamukuru baryigiyeko, be no ku kuntu bashoboye kubishira mu ngiro ubwabo canke uko bagize imiryango. (Ibihimba vyo gushikiriza birashobora gutangwa imbere y’igihe.) Nuserure ibice bikurikira vy’iyo porogarama: (1) “Nufashe Abashasha Gutsimbataza Ugutinya Imana.” Dushobora gute gusahiriza abashimishwa bitavye Icibutso kugira ngo batere imbere maze bacike abasavyi ba Yehova b’abanyamwete? (2) “Gutinya Yehova Bisobanura Kwanka Ikibi.” (w87-F 15/4 16-18) Mu Migani 6:16-19 hashobora kudufasha gute kwirinda ibintu Yehova yanka: ubwibone, ukubesha, uguhahamira amaronko, ukwisamaza mu buryo butabereye, ugukoresha ukutari kwo bwa buhinga bwa Internet? (3) “Nurushirize Kwiyegereza Abo Ukunda.” Turakunda Yehova, Yezu, abagize umuryango, abandi bo mw’ishengero; ni gute kubiyegereza bidukingira iyi si? (4) “Nimutinye Yehova, Ntimutinye Abantu.” Ugutinya ko wohava udahimbara Yehova kwagufashije gute gutsinda isoni igihe wamamaza, kwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana ku kazi canke kw’ishure, cabure kunanira umukazo uva ku mukoresha wawe wo kugusivya amakoraniro, amateraniro, be n’amahwaniro? (5) “Nimukore Vyose ku bw’Ukuninahaza Imana.” (Zab. 119:37; Heb. 4:13) Ni kubera iki ugutinya Imana gukwiye gutuma twirinda kunywa tukarenza urugero, kuraba ibintu vyerekana ubushegabo, canke gukora ibindi vyaha twiherereye? (6) “Nukomeze Kugenda Utinya Yehova.” Yehova yagufashije gute mu gutuma impwemu yiwe ironka uburyo ikora mu buzima bwawe bimwe bishitse?—Zab. 31:19; 33:18; 34:9, 17; 145:19.
Ururirimbo rwa 12 (113) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 30 Nyakanga
Ururirimbo rwa 3 (32)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Nyakanga. Nimuganire ku mutwe uvuga ngo “Ingoro z’Ubwami: Porogarama yo Kuzubaka Iratera Ija Imbere.”
Imin. 15: Ni Igiki Gituma Ibinyamakuru Vyacu Biba Ibidasanzwe? Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza. Muri Gitugutu tuzoshikiriza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Nimuganire ku mvo zituma ivyo binyamakuru biba ibidasanzwe: (1) Birahimbaza izina rya Yehova. (2) Biraremesha abantu kwizera Yezu. (3) Biratangaza Ubwami bw’Imana. (4) Birerekeza ivyiyumviro kuri Bibiliya, bikerekana ko ari yo dukwiye kwisunga. (5) Birasigura iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya. (6) Birasigura ico ibintu biba mw’isi bisobanura vy’ukuri. (7) Birerekana uburyo bwo guhangana n’ingorane zo muri iki gihe. (8) Birashimisha abantu bo mu nzego zose. (9) Biguma ata ho vyegamiye mu vya politike. Nimushikirize imyerekano ibiri migufi, umwumwe wose werekane ingene kimwe muri ivyo vyiyumviro gishobora gukoreshwa mu gutanguza ikiyago.
Imin. 15: “Garagaza Yuko Ukenguruka Amatungo Akoreshwa mu vya Gitewokarasi.”b Gishikirizwe n’umukurambere. Nushiremwo amajambo yerekeye ivyihwejwe aho iwanyu be n’ico ishengero rishobora gukora kugira ngo rikoreshe ibisohokayandikiro vyacu mu buryo buranga ubukerebutsi. Nuhimirize bose kudasaba ibisohokayandikiro birenze ivyo bakeneye koko. Ntitwibagire agateka ko gutanga intererano z’amahera zo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.
Ururirimbo rwa 29 (222) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku w’7 Gitugutu
Ururirimbo rwa 18 (162)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Dushigikire Ukuri Turi kw’Ishure. Nubaze ibibazo umwamamaji akiri muto umwe canke babiri basubiye kw’ishure kandi batahuye yuko bikenewe kugabanya ivyo kwifatanya n’abo bigana batizeye. Bategekanya kuvyifatamwo gute mu ngorane be no mu bintu bikwegakwega bijanye n’ibirori vyo guhayagiza igihugu, intambo zo kw’ishure be n’amanama aremesha ivyo gushigikira umugwi kanaka, inkino zigirwa inyuma y’ivyigwa, be n’ivyo kwigenza mu buryo buhumanye? Nibashiremwo insasanuro zerekeye uburyo bategekanya gushinga intahe kw’ishure.
Imin. 20: “Niwirinde Gukurikira ‘Ibitagira Ikimazi.’ ”c Mumaze kuganira ku ngingo ya 4, nushiremwo ibivugwa mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1999, ingingo ya 30-32. Mu gihe muganira ku ngingo ya 5, nushiremwo ibivugwa mu ruzitiro ruri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1994 urupapuro 8. Ku ngingo ya 6, nusome ingingo ya 18 y’inyongera yo muri ca Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1999.
Ururirimbo rw’8 (53) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.