Nubandanye Kwungukira ku Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous!
Ubu ivy’ukurungikirwa abonema z’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyahagaritswe, bizosaba akigoro kugira tumenye neza yuko twebwe ubwacu be n’abo tubwira inkuru nziza tudacikwa n’inomero n’imwe.
Ibinyamakuru vy’Umuntu ku Giti Ciwe: Abonema yawe niyamara guhera, uzoce wongereza ku gitigiri c’ivyo wahora usaba ku wujejwe ibinyamakuru. Abavyeyi bakwiye gusaba ibinyamakuru bikwiye kugira ngo umwe wese mu bagize umuryango aronke ikinyamakuru ciwe. Nushireko izina kw’ikopi yawe kugira ngo uzomenye neza yuko utayitanze mu ndimiro utabizi. Ibinyamakuru bimaze gushika, abavukanyi babijejwe bazoca bashira ahabona ku Ngoro y’Ubwami inomero yose isohotse ubwo nyene.
Inzira z’Ibinyamakuru: Abamamaji bakwiye gukora uko bashoboye kugira ngo batanguze inzira y’ibinyamakuru babiha abantu bose bashimishwa bipfuza kuronka inomero yose isohotse. Gushira mwene abo bantu ibinyamakuru twebwe nyene ubwacu bizoturonsa uturyo two gutsimbataza ugushimishwa kwabonetse be no gutanguza inyigisho za Bibiliya.—Raba Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Gitugutu 1998 urupapuro rwa 4.
Abakeneye Kubironswa mu Buryo Budasanzwe: Nk’igihe umuntu agaragaje ugushimishwa nyakuri ariko akaba aba mu cibare kidakorerwamwo, iyo ngingo irashobora kworoshwa mu kumureka akaronka ibinyamakuru biciye ku kurungikirwa abonema. Nimba umuntu aba mu cibare c’ishengero tukaba tutomushikira ngo tuje turamushikiriza ibinyamakuru ariko akaba vy’ukuri ashimishwa no kuronka ibinyamakuru, nubiganire na Komite y’Umurimo y’Ishengero. Baramutse bavyemeye, abonema irashobora kurungikwa kw’izina ry’uwo muntu ashimishwa. Ifomu zisanzwe zigirwako abonema (M-1 na M-101) zoshobora gukoreshwa ku bw’iyo ntumbero.
Turashobora kwizigira yuko Yehova azobandanya guhezagira utwigoro twose tugira kugira ngo tumenyekanishe Ubwami biciye ku Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous!