Imiryango Ikomeye mu vy’Impwemu—Ivyo Vyoshoboka Gute?
1 Imiryango y’Abakirisu irakezwa kubera ko ‘yubaha Imana ku vyo igirira abayo.’ (1 Tim. 5:4) Ariko rero, kubera ko dukikijwe n’utwosho tubi twinshi dushobora gutuma ukwizera kwacu kuyama, birahambaye rwose ko imiryango ikora igatama kugira ngo igume ikomeye mu vy’impwemu. Ivyo bishobora gukorwa gute?
2 Gukoresha Ubukuru nka Kirisitu: Abafise ubukuru mu muryango barakeneye kwigana Yezu Kirisitu mu buryo bikorera ibanga bafise ryo gukomeza abo mu rugo rwabo. Aho kugaragaza rimwe gusa urukundo adufitiye biciye ku rupfu rwiwe rw’inkuka, Yezu arabandanya “kugaburira no kubungabunga” ishengero. (Ef. 5:25-29) Abavyeyi b’abanyarukundo bakurikira ako karorero k’ukwitwararikana ikibabarwe mu kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’impwemu ku musi ku musi. Ivyo birimwo kurongora inyigisho ya Bibiliya y’umuryango ku ndwi ku ndwi, kugira ibiganiro ngirakamaro vyerekeye ivy’impwemu igihe cose bishoboka, be no gutorera umuti ingorane igihe zivyutse.—Gus. 6:6, 7.
3 Mu Busuku bwo mu Ndimiro: Abagize umuryango bose bakwiye gutahura yuko gushinga intahe ku bandi ku vyerekeye Yehova n’imigambi yiwe ari umuce uhambaye cane mu gusenga kwabo. (Yes. 43:10-12) Bavyeyi, nimba mushaka yuko abana banyu baba Ivyabona vya Yehova b’abizigirwa, mutegerezwa gutangura hakiri kare rwose gutegura imitima yabo ku bijanye n’ubusuku. Nimuganire ku vyerekeye imvo zituma biba ibikenewe kugira agatima k’ukwitanga mu murimo n’ukuwugiramwo uruhara ku ndwi ku ndwi. (Mat. 22:37-39) Nimuringanize ku bwabo ivy’uko mwoja murajana ubudasiba mu busuku bwo mu ndimiro.
4 Nimubavyurire umutima woguha agaciro igikorwa c’ukwamamaza mu gutegekanya akanya mu gihe c’inyigisho y’umuryango igirwa ku ndwi ku ndwi kugira ngo mutegure mwongere musubiremwo uburyo kirumara bwo gushikiriza ikiganiro mu ndimiro. Nimumenyereze abana banyu mu busuku umwe wese ukwiwe, mu kubafasha kugira iterambere rijanye n’imyaka bafise be n’ivyo bashoboye. Mumaze kumarana umwanya mu murimo, nimuganire ku kuntu bo nyene babona ukugira neza kwa Yehova. Nubiganire ivyabonywe bikomeza ukwizera. Uko imiryango irushiriza ‘kumva yuk’Umwami wacu agira neza,’ ni ko izorushiriza kugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova, bibakomeze mu kurwanya ‘ububi bwose.’—1 Pet. 2:1-3.
5 Ku Makoraniro: Ese ingene ari vyiza igihe abagize umuryango bafashanya kugira ngo bitabe amakoraniro yose y’ishengero, na canecane igihe umwe muri bo yumva arushe, adendebukiwe canke aremerewe! Umuvukanyikazi umwe akiri muto yavuze ati: “Iyo dawe ahinguye agodotse, aba arushe. Ariko, ntikibuza yuko tuyaga nawe ivyiyumviro vyiza bija kuganirwa ku makoraniro kuri uwo mugoroba, maze bigaca bimuremesha kuyitaba. Nanje igihe numva ndushe, arandemesha kuyitaba.”—Heb. 10:24, 25.
6 Nimukorere Ibintu Hamwe: Imiryango ikwiye gukorera ibintu hamwe, nk’ugufashanya ibikorwa vy’i muhira. Birakwiye kandi ko hashirwa ku ruhande akanya ko kwisamaza kwiza. Kugenda gutemberera ahantu muri mu mugwi mukongera mugasangirira hamwe ibifungurwa, kugira udukino be n’ugufata urugendo mukaja kuramutsa incuti canke abagenzi birashobora kubabera ibihe bihimbaye vy’intibagiranwa.—Umus. 3:4.
7 Imiryango y’Abakirisu ikomeye mu vy’impwemu iratsinda urugamba irwana na rwo ku musi ku musi irwanira kamere yayo y’ivy’impwemu. Igihe abayigize barushirije kwiyegereza cane Yehova, bararonka inkomezi atanga.—Ef. 6:10.