Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura Ku wa 10 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 28 (224)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Ntimwibagire insiguro idasanzwe izotangwa ku wa 16 Ndamukiza ifise umutwe uvuga ngo “Igituma Abantu Bakeneye Incungu.” Nuremeshe bose gukurikira urutonde rwo gusoma Bibiliya rwo mu kiringo c’Icibutso rwo kuva ku wa 14 gushika ku wa 19 Ndamukiza, nk’uko vyerekanywe mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2000. Nimwihweze “Ivyibukijwe Vyerekeye Icibutso,” ku rupapuro rwa 4 rw’inyongera.
Imin. 15: “Woba Uriko Witaba Urukundo rwa Kirisitu?” Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nushiremwo ivyiyumviro bivuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1998 urupapuro rwa 22-23, ingingo ya 12-13. Nuremeshe umwe wese kugira utwigoro tudasanzwe kugira ngo atumire abantu baze ku Cibutso.
Imin. 20: “Ndamukiza—Igihe co Kugirira Ishaka Ibikorwa Vyiza!” Ibibazo n’inyishu. Ukuganira kurimwo igishika ku kintu twipfuza gushikira muri Ndamukiza. Nukoreshe iminuta itatu canke ine ya nyuma mu kwihweza ukuntu “Ishaka Rivyurira Abenshi Ingiro.”
Ururirimbo rwa 4 (43) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 17 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 21 (191)
Imin. 13: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Hasigaye gusa amawikendi abiri muri Ndamukiza, nuremeshe umwe wese rero kugira uruhara mu gikorwa imbere y’uko ukwezi kurangira. Nugire umwerekano mugufi w’ukuntu hashikirizwa ibinyamakuru ukoresheje inomero ziherutse gusohoka hanyuma usigure mu buryo bubereye ivya ya ndinganizo y’ivy’intererano. Uwo muntu niyishirire iyo ntererano yiwe mw’ibahasha uwo mwamamaji afise. Raba umwerekano uri mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1999. Kubera hari aho twobwirizwa kwishura abantu bashaka ko twebwe twifatanya na bo mu migenzo yabo ijanye na Pasika y’amadini, nimwihweze ivyatanguriweko kuvugwa mu gitabu Comment raisonner, ku rupapuro rw’165-166.
Imin. 16: “Woba Ufise Agatima ko Kwitanga?” Ibibazo n’inyishu. Turakeneye gushira ibihambaye imbere y’ibindi, mu gushira ibintu vya mbere mu kibanza ca mbere. Bisaba kwibwiriza no kwigumya kugira ngo tubandanye gukora ivyotugirira akamaro mu vy’impwemu. Nusigure ivyo dushobora kwigira ku karorero ka Yezu.—Raba igitabu Étude perspicace, imbumbe ya 2, urupapuro rwa 32-33, ingingo ya 5-7.
Imin. 16: Nutange Ibinyamakuru Aho Bizogira Ico Bikoze Kinini Birushirije. Insiguro no guhana ijambo n’abumviriji. Niwihweze impanuro zatanzwe muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero 1995, urupapuro rwa 22-24. Nusigure igituma ari vyiza kurondera abantu basa n’aboshima kwakira ibiganiro bihuje n’ivyabo biboneka mu binyamakuru. Nurimbure uturorero two mu nomero zamaze gusohoka hamwe n’abantu, abadandaza canke amashirahamwe ivyo biganiro vyoshobora gushimisha mu karere i wanyu. Nusabe abumviriji bigane ivyabaye vyerekana ukuntu baronse ingaruka nziza mu gukoresha ubwo buryo. Nk’ukubibutsa, nubwire abavukanyi yuko gusigira ibinyamakuru abantu bitava ku vy’uko batanze canke badatanze intererano, ariko ko biva ku vy’uko bashimishwa vy’ukuri no kubisoma.
Ururirimbo rwa 3 (32) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 24 Ndamukiza
Ururirimbo rw’16 (143)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimutangaze igitigiri c’abitavye Icibutso mw’ishengero. Nusabe abumviriji bigane inyiyumvo zagizwe n’abacitavye ari bwo bwa mbere.
Imin. 17: Nufashe Abashasha Bitabe Amakoraniro. Insiguro ishimikiye ku gitabu Ubumenyi urupapuro rw’162-163, ingingo ya 5-8. Bamaze kwiga mu kiringo kinaka, birahambaye cane yuko abashasha batangura kuza ku makoraniro. Gutuma bayitaba birashobora kuba urugamba. None ni igiki wokora kugira ngo ubavyurire umutima wo kuyitaba? Abariko barongora inyigisho bakwiye gufata akanya ko gusubiramwo ayo mayagwa ari mu gitabu Ubumenyi bari kumwe n’abigishwa babo hanyuma maze bagashiraho indinganizo zitomoye zo kubasahiriza ngo bifadikanye natwe mu gusenga kw’ukuri.
Imin. 18: “Woba Uri Umwamamaji w’Ubwami Adahorereza?” Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriji ishikirizwa n’umunyamabanga. Nusigure igituma dutanga raporo y’igikorwa c’umurimo wacu wo mu ndimiro. (Raba igitabu Notre ministère, urupapuro rw’106-108.) Niwigane zimwezimwe mu ngorane zivyuka igihe tunaniwe gutanga raporo zacu ningoga. Nusabe abumviriji bavuge ico bagira kugira ngo biyemeze yuko batanze raporo zabo ku gihe. Niwerekane ingene abarongozi b’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero bashobora gufasha. Hasigaye wikendi imwe yonyene muri Ndamukiza, nushimike rero k’uvy’uko bihambaye ko umwe wese agira uruhara mu murimo no mu gutanga raporo y’igikorwa ku mpera y’ukwezi.
Ururirimbo rwa 23 (200) hamwe n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 1 Rusama
Ururirimbo rw’15 (127)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Ndamukiza. Abarongozi b’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero bakwiye kubaza umwe wese mu mugwi barongoye kugira ngo raporo zose zishobore kuba zashizwe hamwe kw’igenekerezo rya 6 Rusama. Nimwihweze Inyishu ku Bibazo Vyanyu, muvuga uko mwobikurikiza aho iwanyu.
Imin. 18: Ibikenewe aho iwanyu.
Imin. 15: “Raba Neza ko Usubirayo!” Ukuyaga n’abumviriji. Nurimbure imvo zimwezimwe zituma tunanirwa gusubira kugendera abo twaganiriye. Nusigure igituma bihambaye kugira utwo wanditse dutomoye be n’umutima ukunze wo gusubirayo. Nubagire inama ko boshira ku ruhande akanya ku ndwi ku ndwi kugira ngo basubire kugendera abo baganiriye. Niwihweze ivyavuzwe mu gitabu Notre ministère, urupapuro rwa 89-90. Nuvuge ivyabaye vyiganwa mu gitabu Annuaire 1995, urupapuro rwa 45.—1 Kor. 3:6, 7.
Ururirimbo rw’9 (37) n’isengesho ryo gusozera.