ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/00 rup. 1
  • Woba Ufise Agatima ko Kwitanga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ufise Agatima ko Kwitanga?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twoguma dufise agatima ko kwitanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Dushikanire Yehova ibimazi tutiziganya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Wotanga iki ngo ubandanye kubaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nidushire Imbere Ibintu Bihambaye Kuruta
    Igikorwa dukorera Ubwami—1997
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 4/00 rup. 1

Woba Ufise Agatima ko Kwitanga?

1 Ugukenguruka ivyo Yezu Kirisitu yakoreye abantu atiziganya gukwiye kutuvyurira umutima twese wo gukoresha ubushobozi dufise, inguvu zacu hamwe n’inkomezi zacu mu buryo bwo kwitanga. Ivyanditswe biratwinginga biti: “Mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu.” (Rom. 12:1) Ukuza urisuzuma inyuma y’igihe kanaka biragufasha kubona nimba uriko uragaragaza mwene ako gatima ku rugero ushoboye rwose ruhuje n’uko ivyawe bigukundiye.

2 Mu Gukurikirana Ubumenyi bwa Bibiliya: Woba warashize ku ruhande umwanya wo kwisomera Bibiliya ukwa wenyene kandi ukayitohoza ubudahorereza? Woba wubahiriza urwo rutonde? Woba ufise akamenyero ko gutegura neza amakoraniro y’ishengero? Nimba uri serugo, woba ugira inyigisho ya Bibiliya ubudahorereza uri kumwe n’abo mu nzu yawe? Kugira ivyo bintu vyosaba guheba umwanya wahora umara kuri televiziyo canke kuri orodinateri, canke uwo wakoresha mu bindi bintu ukurikirana. Ariko rero, ese ukuntu ari akigoro gatoyi uzi yuko umwanya ukoresha kw’Ijambo ry’Imana uzogufasha mu kugushikana mu buzima budahera!—Yoh. 17:3.

3 Mu Kumenyereza Abana Bawe: Igihe ciza bihebuje co gutangurirako kwiga ingendo yo kwitanga, ni mu bwana. Niwigishe abana bawe yuko naho hariho umwanya wo gukina, hategerezwa kubaho kandi n’umwanya w’akazi hamwe n’uw’ibikorwa vya gitewokarasi. (Ef. 6:4) Nubahe udukorwa tumwetumwe tw’ingirakamaro bokora mu nzu. Nushireho urutonde rudahorereza rwo kugira uruhara mu gikorwa uri kumwe na bo. Inyigisho utanga nuzikomeze ukoresheje akarorero keza ubwawe utanga.

4 Mu Bikorwa Bijanye n’Ishengero: Ishengero riramera neza iyo umwe wese ari muri ryo yitanga abikunze kugira ngo arangure ibintu ku bw’ineza ya bose. (Heb. 13:16) Vyoba vyogushobokera kumara akanya kanini kuruta mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa? Ubona wokwitanga ngo usahirize abarwaye canke abageze mu zabukuru, kumbure mu kubafasha kwiyunguruza baja ku makoraniro?

5 Imbere yuko Yezu atangako ikimazi irya nyuma ubuzima bwiwe bw’umuntu, yahanuye abigishwa biwe gushinga ijisho ku vyungura Ubwami, ibindi bintu vyose bisigaye na vyo bakabishira mu kibanza ca kabiri mu buzima. (Mat. 6:33) Gukurikirana mwene ako gatima ko kwitanga bizotuzanira ubuhirwe buhambaye kuruta, uko tubandanya gukorera Yehova dufise umunezero.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika