Woba Uriko Witaba Urukundo rwa Kirisitu?
1 Mu kuzirikana ku ngendo y’ubuzima bwa Shebuja wiwe, intumwa Yohani yanditse iti: “[Yezu], uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.” (Yoh. 13:1) Muri iki kiringo c’Icibutso, ivyiyumviro vyacu bija ku kintu gihambaye kuruta vyose cagaragaje urukundo rwa Kirisitu. Turashobora kwitaba urwo rukundo mu kugaragaza ko twizeye incungu, mu kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, kandi, nka kumwe kwa Yezu, tukarwitaba mu kwihangana “[gu]shitsa kw iherezo.”—Mat. 24:13; 28:19, 20; Yoh. 3:16.
2 Kwitaba Urukundo rwa Kirisitu: Yezu yarashirutse ubute cane mu ndwi ya nyuma y’ubuzima bwiwe bwo kw’isi. (Mat. 21:23; 23:1; 24:3) Kubera ko twigana Kirisitu, na twebwe nyene urukundo ruratuvyurira umutima wo ‘kwihata’ mu murimo wa Yehova. (Luka 13:24, UB) Woba ushobora gukoresha indinganizo zo kwongereza igikorwa co gushinga intahe muri Ndamukiza mu kwongerako umwanya umara mu gikorwa?
3 Muri uyu mwaka Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zihurirana n’igenekerezo rya 19 Ndamukiza. Hazoba hari abangana iki kuri ico gihe gihambaye? Ahanini, ivyo bizova kuri twebwe. Woba waragize urutonde rw’abo utegekanya gutumira—inyigisho zawe za Bibiliya hamwe n’abandi bashimishijwe, incuti, abadandaza muzinanyi, hamwe n’abanyeshure mwigana? Woba umaze kubonana na bo kandi ukabaha ubutumire buvuye ku mutima? Woba uzobibutsa hagisigaye imisi mikeyi imbere yuko Icibutso kiba? Boba bakeneye ko ubasahiriza kugira ngo bazohashike? Abakurambere na bo nyene bazotumira uwo ari we wese yahororokewe mu gikorwa. Kubera yuko ico Cibutso kizoba ku mugoroba wo hagati mu ndwi aho kuba ku mpera y’umushamvu biratuma biba ibihambaye kuri bose kucitaba.
4 Nuze Witeguye: Birahambaye ko tuba twiteguye kandi dufise agatima kabereye igihe twitaba Icibutso. Paulo yahanuye abo bari basangiye ukwizera kugumana mu muzirikanyi uburemere bw’ico gihe. (1 Kor. 11:20-26) Woshobora gusoma Injili ya Yohani ikigabane c’13 gushika ku c’17 mu gihe c’inyigisho yanyu ya Bibiliya y’umuryango, hanyuma maze ugasaba umwe wese mu bagize umuryango kwigana ico inkuka Yezu yatanze isobanura kuri we. Vyongeye ntiwibagire ugusoma Bibiliya ku musi ku musi muri iyo ndwi y’Icibutso!
5 Urukundo dukunda Kirisitu rushika kure, kandi ntirugarukira ku wa 19 Ndamukiza gusa. Twiyemeje kugaragaza urukundo tumufitiye ibihe bidahera! Ihimbazwa ry’Icibutso c’uyu mwaka rizodufasha gukomeza uwo mwiyemezo.