Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Vyoba bibereye gukoma amashi mu gihe hatangajwe ko hari uwagarukanywe mw’ishengero?
Mu buntu-mvarukundo bwiwe, Yehova yaratanze uburyo bushingiye kuri Bibiliya bwerekeye inkozi z’ikibi zigaya kugira ngo zisubire gutona kuri we hanyuma zishike ku kugarukanwa mw’ishengero rya gikirisu. (Zab. 51:12, 17) Igihe ivyo bibaye, turaremeshwa kwerekana urukundo rwacu kuri mwene abo bantu bigaye vy’ukuri.—2 Kor. 2:6-8.
Naho ari ukwo, naho tuba dufise umunezero igihe hari incuti canke uwo tuzinanyi agarukanywe, urupfasoni rurimwo agacerere rurakwiye kuharangwa igihe umuntu yagarukanywe atangajwe mw’ishengero. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1998, urupapuro rwa 29, warasiguye ibintu muri ubu buryo uti: “Ariko rero, dutegerezwa kwibuka yuko abenshi mw’ishengero boba batazi ibintu vyashikanye uwo muntu ku kwirukanwa canke ku kugarukanwa. Vyongeye, harashobora kuba hari abo ikibi cakozwe n’uwo yihanye cagize ico kibatwara canke kikabababaza, kumbure bikamara igihe kirekire. Mu gihe rero tuzi ko ibintu nk’ivyo hari abo vyobabaza, igihe itangazo ry’ukugarukanwa kw’umuntu rishikirijwe, birumvikana yuko twokwirinda ivy’ukumuha ikaze tukarorera aho dushobora kumukeza ari ukwiwe.”
Naho tuba tunezerewe cane no kubona umuntu agarutse mu kuri, gukoma amashi mu gihe c’ukugarukanwa kwiwe ntivyoba bibereye.