ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/00 rup. 8
  • Ukuntu Twotsimbataza Ubushobozi bwo Kwiyumvira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Twotsimbataza Ubushobozi bwo Kwiyumvira
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we»
    “Ingo unkurikire”
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 2/00 rup. 8

Ukuntu Twotsimbataza Ubushobozi bwo Kwiyumvira

1 Gufasha umuntu “kwiyumvira” ni “ukuganira na we ku buryo ugira ico uhinduye ku bikorwa vyiwe no ku vyiyumviro vyiwe.” Kugira ngo uryohore ukuba kirumara kwawe mu gikenurwa, ukeneye gutsimbataza ubushobozi bwo gufasha abo muhura kwiyumvira. (Ivyak. 17:2-4) Ariko none ubwo buhanga ushobora kubutsimbataza gute?

2 Butangurana n’Ukuzirikana: Igihe wiga ukuri kwa Bibiliya, uzosanga ari ngirakamaro kuzirikana ayo mayagwa. Mu gihe usanzemwo ibihimba bisa n’ibigoye kwumva, nufate umwanya wo kugira ubushakashatsi bukeyi wongere uzirikane ku nyishu uronse. Nturondere gutahura bimwe bitomoye insobanuro zatanzwe zonyene, ariko kandi utahure n’impamvu zishingiye ku Vyanditswe zatumye izo nsobanuro zitangwa.

3 Ukwitegurira Igikenurwa Ni Nkenerwa: Niwiyumvire ukuntu wosigurira ukuri abantu batandukanye. Nutegure ikibazo gituma umuntu azirikana kugira ngo umuvyurire ugushimishwa. Nurabe ukuntu wosobekamwo iciyumviro kiva mu Vyanditswe kandi ukizirikaneko. Niwitegurire guhwamika ibihari vyohava bivyurwa, kandi wiyumvire ukuntu mwobiganira. Nurobanure mu gisohokayandikiro uza gushikiriza ikintu cibonekeje vyoba bijanye neza kuruta.

4 Nukurikize Akarorero ka Yezu: Yezu yaratanze akarorero keza kuruta twose ko gufasha abantu kuzirikana neza akoresheje Ivyanditswe. Kugira ngo wihweze ukuntu yigisha, nurimbure inkuru dusanga muri Luka 10:25-37. Raba uru rukurikirane: (1) Niwerekeze ivyiyumviro ku Vyanditswe igihe wishura ibibazo vy’abantu. (2) Nubasabe guserura iryo bagona, hanyuma ubashimire mu gihe batanze inyishu ziranga ugutegera. (3) Raba neza yuko isano riri hagati y’ico kibazo hamwe n’Ivyanditswe ryagumye rihari. (4) Nukoreshe akarorero gashika ku mutima kugira ngo ushire amazinda yuko iciyumviro nyamukuru kiri mu nyishu cumvikanye.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ntwarante 1986, urupapuro rwa 27-28, ingingo y’8-10.

5 Nukoreshe Igikoresho Twahawe: Igitabu Kutoa Sababu kwa Kutumia Maandiko casohowe ngo gikoreshwe mu gikenurwa co mu ndimiro. Amajambo yaco y’intangamarara, inyishu gitanga ku majambo yohava ahagarika ikiyago, hamwe n’ivyiyumviro birimwo vyo kuzirikana biradufasha gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira. Igitabu Kutoa Sababu ni igikoresho ngirakamaro dukwiye nantaryo kwitwaza mu murimo kandi ntitwitinye kugikoresha igihe tuja mu biganiro vyerekeye Bibiliya. Niwihweze urupapuro rw’7-8 muri ico gitabu kugira ngo urabe ukuntu wogikoresha mu buryo ngirakamaro cane kuruta.

6 Gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira bizokwongereza ubuhanga bwawe mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. Ivyo bizokuviramwo imihezagiro myinshi, wewe hamwe n’abo muhura mu gikenurwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika