Uriyubara ku Kuntu Wumviriza
Ukwiyubara cane ni ivy’ingirakamaro igihe twitavye amakoraniro y’ishengero, amateraniro y’intara hamwe n’ay’umuzunguruko. (Luka 8:18) Woryohora gute none ubushobozi bwawe bwo kwumviriza?
◼ Niwirinde gufungura ivyokurya biremereye imbere y’amakoraniro.
◼ Ntureke ngo ivyiyumviro vyawe vyangare.
◼ Nugire utwo wandika muri make tw’ivyiyumviro nyamukuru.
◼ Nurabe ivyanditswe bisomwa.
◼ Nugire uruhara mu gihe akaryo kabonetse.
◼ Nuzirikane ku mayagwa ariko arashikirizwa.
◼ Niwiyumvire uburyo wokoreshamwo ivyo wumvise.
◼ Mu nyuma, nuganire n’abandi ivyo wize.
Raba igitabu Kiongozi cha Shule ya Huduma ya Kitheokrasi, icigwa ca 5.