ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w17 Mukakaro rup. 3-6
  • Baritanze babikunze​—Muri Tirkiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baritanze babikunze​—Muri Tirkiya
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “HABAYE IKI?”
  • IVYIZA VY’IGIHE KIREKIRE
  • GUKORERA AHARI INKENERO KURUTA
  • ‘NURABE IMIRIMA’
  • Isekeza ridasanzwe ryagizwe muri Biligariya ryaravuyemwo ivyiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubutumire budasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Baritanze babikunze​—⁠Muri Madagaskari
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Gutanga ubutumire
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
w17 Mukakaro rup. 3-6
Alisa ariko abwira inkuru nziza umugore umwe iruhande y’ibarabara ry’indarayi

Alisa

Baritanze babikunze​—Muri Tirkiya

ABAKIRISU bo mu kinjana ca mbere baragize akigoro gakomeye kugira ngo babwire “inkuru nziza y’ubwami” abantu benshi bashoboka. (Mat. 24:14) Hari mbere n’abagiye kwamamaza mu bindi bihugu. Nk’akarorero igihe intumwa Paulo yari mu ngendo z’ubumisiyonari, yaramamaje cane mu karere ubu karimwo igihugu ca Tirkiya.a Mu 2014, hakaba hari haciye hafi imyaka 2.000 ivyo bibaye, muri Tirkiya harasubiye kuba isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza. Kubera iki none iryo sekeza ryatunganijwe? Ni bande barigizemwo uruhara?

“HABAYE IKI?”

Muri Tirkiya hari abamamaji barenga 2.800. Mugabo ico gihugu kirimwo abanyagihugu imiliyoni 79. Ivyo bisigura ko umwamamaji 1 abwira ubutumwa abantu nka 28.000. Uca wumva rero ko abenshi muri ico gihugu batarumva inkuru nziza. Iryo sekeza ryari rifise intumbero yo gushikira abantu benshi bashoboka mu gihe gitoyi. Abavukanyi na bashiki bacu nka 550 bo mu bindi bihugu bazi igitirkiya, baragiye muri ico gihugu gufasha abamamaji baho muri iryo sekeza. None havuyemwo iki?

Harashinzwe intahe ikomeye. Ishengero rimwe ryo mu gisagara ca Istanbul ryanditse riti: “Abantu batubonye batubaza bati: ‘Hoba hari igikorane kidasanzwe kiriko kiraba? Aho duciye hose tubona Ivyabona vya Yehova!’” Ishengero rimwe ryo mu gisagara ca Izmir ryanditse riti: “Hari umugabo yakora ku gituro c’amatagisi yegereye umukurambere umwe maze amubaza ati: ‘Habaye iki? Ko umengo mwazikenyeye?’” Emwe, nta wutabonye iryo sekeza.

Steffen ariko abwira inkuru nziza umugabo umwe mu mangazini y’amatapi

Steffen

Abavukanyi bari bavuye mu bindi bihugu bararyohewe cane n’iryo sekeza. Uwitwa Steffen wo muri Danemarke, yavuze ati: “Buri munsi, narabwira inkuru nziza abantu batari bwigere bumva ivyerekeye Yehova. Narabona ko ndiko ndatuma vy’ukuri izina rya Yehova rimenyekana.” Jean-David wo mu Bufaransa na we, yanditse ati: “Twaramaze amasaha n’ayandi twamamaza kw’ibarabara rimwe gusa. Ntiworaba ingene vyari biryoshe! Abantu benshi ntibari bazi Ivyabona vya Yehova. Ku mihana nka yose twagendeye twaratanguza ikiyago, tukerekana ividewo, tukabasigira n’ibitabu.”

Jean-David ariko abwira inkuru nziza abantu yasanze iwabo

Jean-David (hagati)

Abo bamamaji 550 batanze ibitabu nka 60.000 mu ndwi zibiri gusa! Vy’ukuri, iryo sekeza ryaratumye hashingwa intahe ikomeye.

Abavukanyi barongereje umwete. Iryo sekeza ryaratumye abavukanyi b’abasangwa bagira umwete udasanzwe. Abenshi mbere baciye biyumvira gukora umurimo w’igihe cose. Nkako, mu mezi 12 yakurikiye iryo sekeza, muri Tirkiya abatsimvyi basanzwe biyongereye ibice 24 kw’ijana.

Şirin ariko ashikiriza agapapuro k’inkuru nziza umugore umwe kw’ibarabara

Şirin

Abamamaji bari bavuye mu bindi bihugu, baravuze ingene iryo sekeza ryabagiriye akamaro n’igihe basubira mu bihugu vyabo. Mushiki wacu yitwa Şirin wo mu Budagi yanditse ati: “Abavukanyi bo muri Tirkiya baroroherwa no kwamamaza akaryo kizanye. Jewe nsanzwe ngira isoni zo kwamamaza akaryo kizanye. Ariko bivuye kuri iryo sekeza ridasanzwe, ku karorero k’abavukanyi bo muri Tirkiya be n’amasengesho menshimenshi, narashoboye gukora ivyahora bingora. Naramamaje mbere ku mabarabara y’indarayi aca mu kuzimu nongera ndatanga n’udupapuro tw’inkuru nziza! Ubu amasoni yaragabanutse.”

Johannes ahaye umudandaza umwe agapapuro k’inkuru nziza

Johannes

Uwitwa Johannes wo mu Budagi yavuze ati: “Hari ibintu vyinshi nigiye ku gikorwa naharanguriye. Abavukanyi bo muri Tirkiya usanga bashashaye kubwira ukuri abantu benshi bashoboka. Nta karyo na kamwe bagisha. Igihe nasubira mu Budagi, naciye nza ndabigana. Ubu ndabwira inkuru nziza abantu benshi kuruta.”

Zeynep ariko abwira inkuru nziza umugore umwe mu kibanza ca bose

Zeynep

Zeynep wo mu Bufaransa na we yavuze ati: “Iryo sekeza ryaramfashije mu gikorwa co kwamamaza. Ryaratumye ndushiriza kugira umutima rugabo no kwizigira Yehova.”

Abamamaji bararushirije kwiyumvanamwo. Urukundo n’ubumwe vyibonekeje mu bavukanyi bava mu bihugu bitandukanye, vyarakoze ku mutima abatari bake. Umwe Jean-David twavuga, yagize ati: “‘Twarahonjeje’ ubwakiranyi bw’abavukanyi.” Yongeyeko ati: “Batwakiriye nk’abagenzi be n’incuti zabo, bongera baraduha indaro. Nari nsanzwe nzi ko tugize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Mbere narabisoma kenshi mu bitabu vyacu. Ariko noneho naravyiboneye. Numvise ndushirije guhimbarwa no kuba ndi umusavyi wa Yehova, kandi ndamushimira cane kubona yaranteye ako gateka kadasanzwe.”

Claire ariko abwira inkuru nziza umugore umwe aho bafatira agakawa

Claire (hagati)

Uwitwa Claire wo mu Bufaransa yavuze ati: “Baba abavuye mu Budagi, mu Bufaransa, muri Danemarke canke muri Tirkiya, twese twari nk’umuryango umwe. Wamengo Imana yafashe igome nini, irahanagura imipaka y’ibihugu.”

Stéphanie ariko abwira umugore umwe inkuru nziza

Stéphanie (hagati)

Stéphanie wo mu Bufaransa yongeyeko ati: “Iryo sekeza ryaratwigishije ko imico canke ururimi atari vyo bituma twunga ubumwe, mugabo ko twunga ubumwe kubera ko twese dukunda Yehova.”

IVYIZA VY’IGIHE KIREKIRE

Abenshi muri abo bavukanyi bavuye mu bindi bihugu, baratanguye kwiyumvira ivyo kwimukira muri Tirkiya kugira ngo bafashe muri ico gikorwa kinini kikibandanya. Abatari bake baramaze kwimukirayo. Turakengurukira cane abo bavukanyi bitanga ukuraho.

Dufate nk’akarorero ivyabaye mu mugwi mutoyi uri ukwa wonyene w’abamamaji 25. Haraciye imyaka myinshi bafise umukurambere umwe gusa. Iyumvire umunezero abo bamamaji bagize igihe mu 2015 baronka abavukanyi batandatu bo mu Budagi no mu Buholande baje kubashigikira!

GUKORERA AHARI INKENERO KURUTA

None abo bavukanyi bitanze bakaja gufasha muri Tirkiya, bavuga iki ku bijanye n’ubuzima babayemwo igihe bariyo? Ni ivy’ukuri ko rimwe na rimwe usanga bitoroshe. Ariko rero ubuzima bw’ukwitanga gutyo buravamwo ivyiza vyinshi. Rimbura ivyo bamwebamwe bavuze:

Federico ariko abwira inkuru nziza umugabo umwe ku kivuko

Federico

Federico ni umuvukanyi yubatse arengeje gato imyaka 40, akaba yavuye muri Espanye. Avuga ati: “Kuba ata bintu vyinshi vy’umubiri nari mfise, vyaratumye noroherwa no kujayo vyongera bituma nitwararika ibihambaye kuruta.” None Federico yoba yoremesha abandi kwitanga gutyo? Avuga ati: “Cane nyene! Igihe ugiye mu kindi gihugu ufise umugambi wo gufasha abandi kumenya Yehova, ni nk’aho uba wishize mu maboko yiwe. Vy’ukuri, uribonera ko Yehova arushiriza kukwitwararika.”

Rudy ariko abwira inkuru nziza umugabo umwe

Rudy

Rudy na we ni umuvukanyi yubatse wo mu Buholande, akaba yegereje imyaka 60. Avuga ati: “Birampimbara cane gukorera ahantu nk’aho hari inkenero kuruta, maze nkabwira ukuri abantu benshi batari bwigere bakwumva. Kwibonera ingene baryoherwa iyo bumvise ukuri, biratuma nezerwa cane.”

Sascha ariko asomera umugore umwe ivyanditswe

Sascha

Sascha na we ni umuvukanyi yubatse yavuye mu Budagi, akaba arengeje gato imyaka 40. Avuga ati: “Igihe cose ngiye mu ndimiro, mpura n’abantu batari bwigere bumva ukuri. Ntiworaba ingene ndyoherwa no gufasha mwene abo bantu kumenya Yehova.”

Atsuko ariko abwira inkuru nziza umugore umwe ari mu nyubakwa

Atsuko

Atsuko, ni mushiki wacu wo mu Buyapani yubatse, akaba afise imyaka nka 35. Avuga ati: “Kera, nama nipfuza ko Harumagedoni yoshika bidatevye. Mugabo aho nshikiye muri Tirkiya, naciye nshimira Yehova kubona acihanganye. Uko ndushiriza kubona ingene Yehova ayobora ibintu, ni ko numva norushiriza kumwiyegereza.”

Alisa na we ni mushiki wacu yavuye mu Burusiya, akaba arengeje gato imyaka 30. Avuga ati: “Kwitanga nkaja gukorera mu mahanga, vyaratumye nibonera ukumera neza kwa Yehova mu mice yose.” (Zab. 34:8) Yongerako ati: “Yehova si Umuvyeyi wanje gusa, ni n’Umugenzi wanje somambike, uwo ndushiriza kwibonera mu bihe bitandukanye, kuruta uko vyahora. Naraciye mu bihe biteye umunezero, ndibonera ibintu bihimbaye, nongera ndironkera imihezagiro myinshi!”

‘NURABE IMIRIMA’

Iryo sekeza ridasanzwe ryabereye muri Tirkiya ryaratumye inkuru nziza ishikira abantu benshi. Yamara rero, impinga iracari ndende. Buri musi, abamamaji bitanga bakimukira muri Tirkiya barahura n’abantu batarigera bumva ivyerekeye Yehova. Woba woshima kuja gukorera mu karere nk’ako? Nimba uvyipfuza, tukuremesheje ‘kuraramura amaso yawe urabe imirima: ireze, igeze kwimbura.’ (Yoh. 4:35) Woba ushobora kuja gufasha ahantu kw’isi imirima ‘yeze, igeze kwimbura’? Nimba wobishobora, nutangure ubu nyene gutegura ibikenewe kugira ngo uzoshike kuri uwo mugambi. Ikizwi coco ni iki: Niwarushiriza kugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza “mu karere ka kure rwose k’isi,” bizotuma wironkera imihezagiro ntangere!​—Ivyak. 1:8.

a Raba agatabu ‘Raba ca gihugu ciza,’ rup. 32-33.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika