ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 1 rup. 3
  • Kuvugisha ukuri vyoba vyarataye igihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuvugisha ukuri vyoba vyarataye igihe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Kuba imvugakuri birimwo impera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Igitabu c’Ubwenge Kirimwo Ubutumwa Bwatangiwe Iki Gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Nube imvugakuri muri vyose
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Tube imvugakuri muri vyose
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 1 rup. 3
Umukoresha atunze urutoke umukozi

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI TWOBA IMVUGAKURI?

Kuvugisha ukuri vyoba vyarataye igihe?

Hitoshi yakorera mu rwego ruraba ivyinjira n’ibisohoka rw’ishirahame rimwe rifasha abantu kuronka akazi ryo mu Buyapani. Bariko baraharura amahera yari yakoreshejwe, umukoresha wiwe yamusavye kwandika ayatari yo. Hitoshi yaramusiguriye ko umutima wiwe utomukundira gukora ico kintu. Uwo mukoresha yaciye umutera ubwoba ko yomwirukana kandi amaherezo yaramwirukanye.

Mu mezi yakurikiye, Hitoshi yarababajwe n’ivyagiye biramushikira ariko ararondera akandi kazi. Igihe kimwe mu mubonano w’akazi, yaravuze ko adashobora kubesha mu kazi. Uwariko aramubaza ibibazo yasubijeyo ati: “Numva ugoye gutahura!” Naho incuti n’abagenzi bamuremesha kutava ku ngingo yari yafashe, Hitoshi yaratanguye gukekeranya. Nk’akarorero, yavuze ati: “Naribaza nimba kuguma mvugisha ukuri hari ico bizomarira koko.”

Ivyashikiye Hitoshi ni ikintu kibabaje kitwibutsa ko atari abantu bose baha agaciro kuba imvugakuri. Hari n’ababona ko atari ikintu ciza na canecane mu bijanye n’urudandaza. Umugore umwe wo muri Afrika y’Epfo avuga ati: “Abo dukorana barakoresha amanyanga kandi hari igihe numva nokora nka bo.”

Ububeshi buriraye muri iki gihe. Haraciye imyaka umuhinga mu vy’inyifato y’abantu yitwa Robert S. Feldman wo kuri kaminuza imwe yo muri Amerika avuze ko ibice 60 kw’ijana vy’abantu bakuze, n’imiburiburi mu minuta cumi babesha rimwe igihe bariko baraganira. Feldman yavuze ati: “Biratangaje cane. Ntitwari tuzi ko abantu babesha cane gutyo.” None ntibitangaje kubona abantu benshi banka ko bababesha ariko ico nyene banka akaba ari co bagirira abandi?

Kubera iki ukubesha, kwiba n’ubundi bwoko bw’amanyanga vyiraye? Kandi ni gute ivyo bitugirako ingaruka twese? N’igihambaye kuruta, twokwirinda gute gukora bene ivyo bintu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika