Igitabu c’Ubwenge Kirimwo Ubutumwa Bwatangiwe Iki Gihe
“IGICIRO c’[“isaho yuzuye,” NW] ubgenge kirengeye [“ic’iyuzuye,” NW] utubuyenge twitwa marijani.” Ivyo vyavuzwe na sogokuruza wa kera Yobu atawokeka ko mu gihe ciwe yari umwe mu bagabo bari batunze kuruta abandi. (Yobu 1:3; 28:18; 42:12) Vy’ukuri, ubwenge bufise agaciro karuta kure n’iyo amatungo y’umubiri ku vyerekeye gufasha umuntu kwererwa mu buzima bwiwe. Wa Mwami w’umunyabwenge Salomo yavuze ati: “Ubgenge [ni] ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo.”—Umusiguzi 7:12.
Mugabo, ubwenge nk’ubwo umuntu ashobora kubukura he muri iki gihe? Igihe abantu bafise ingorane, bitura abanyamakuru b’abahanuzi, abahinga mu vy’ubwenge n’inyifato, abahinga mu vy’indwara zo mu mutwe, eka n’abatunganya imishatsi be n’abatwara amatagisi. Kandi abahinga karuhariwe batagira uko bangana usanga biteguriye gutanga impanuro ku kintu nka cose—ku mahera make. Ariko rero, kenshi ayo majambo yitwa ngo ni ay’ “ubgenge,” abantu nta kintu yabamariye atari uko batashe zirayoye, mbere akanabata mu kaga. Twoshobora none kwubura ubwenge nyakuri gute?
Yezu Kirisitu, uwari afise ubwenge bwinshi bwo gutahura ivy’abantu bakora, igihe kimwe yavuze ati: “Ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.” (Matayo 11:19) Reka dutereze akajisho ku ngorane zimwezimwe zikunda gushika mu buzima bw’abantu maze duce turaba amajambo y’ubwenge yabafashije vy’ukuri kandi kuri bo akagaragara ko afise agaciro karuta ak’ ‘isaho yuzuye utubuyenge twitwa marijani.’ Na wewe nyene urashobora kwubura iyo ‘saho yuzuye ubwenge’ ukongera ukayungukirako.
Woba Ufise Akabonge?
Ikinyamakuru kimwe c’i Londere, International Herald Tribune, kivuga giti: “Niba iki kinjana ca 20 caje mu Kiringo c’Amaganya, iherezo ryaco ririko riba intango y’Ikiringo c’Akabonge.” Congerako yuko “itohoza rya mbere ryagizwe kw’isi yose ry’ivyerekeye akabonge gakomeye rihishura yuko uguta umutwe kwiyongera cane hirya no hino kw’isi. Mu bihugu bitandukanye nka Tayiwani, Libani, na Nouvelle Zélande, iyaruka ryose rikurikira rirushiriza guhanamirwa n’ico kiza.” Bivugwa yuko abavutse inyuma yo mu 1955 barusha incuro zitatu ba sogokuru babo gushobora kugira akabonge gakomeye.
Ivyo ni vyo vyashikiye Tomoe, uwagize akabonge gakomeye maze akamara imisi myinshi ku musego. Kubera yuko uwo mupfasoni atashobora kubungabunga agahungu kiwe k’imyaka ibiri, yarimutse asubira iw’abavyeyi biwe. Umubanyi umwe yari afise agakobwa kangana na ka gahungu ka Tomoe ntiyatevye kugiranira na we ubucuti. Igihe Tomoe yamubwira ukuntu yumva umengo ntaco amaze, uwo mubanyi yaramweretse igisomwa co mu gitabu kimwe. Casomwa giti: “Ijisho ntiryoshobora kubarira ikiganza, ngo Nta co ummariye; cank’ umutwe kubarira ibirenge, ngo Nta co mummariye. Ariko bir’ ukundi rwose: ingingo z’umubiri ziyumvirwa kw ar’ iz’ intege nke inyuma y’izindi, ni zo zitōhara.”a Tomoe yaratibaguye amosozi igihe yatahura yuko umuntu wese afise ikibanza mw’isi kandi akaba akenewe.
Uwo mubanyi yamusavye gutereza akajisho kuri ico gitabu carimwo ayo majambo. Tomoe yakomanze umutwe yerekana ko yemeye, naho gushika ico gihe atari ashoboye gukora ikintu na kimwe, ntashobore mbere no gusezeranira umuntu ikintu na gitoyi. Uwo mubanyi yarafasha kandi Tomoe gusuma kandi imisi yose bagategurira hamwe ibifungurwa. Haciye ukwezi, imisi yose mu gitondo Tomoe yaravyuka, akamesura, agasukura inzu, akaja gusuma akongera agategura ibifungurwa vyo ku mutaga, nk’uko nyene umunarugo wese yobikora. Yategerezwa gusimba ingorane nyinshi, mugabo avuga ati: “Nari nizigiye yuko nomerewe neza ndamutse gusa nkurikiye ya majambo y’ubwenge nubura.”
Igihe Tomoe yashira mu ngiro bwa bwenge yari yubuye, yarashoboye kuva muri vya bihe vy’umubabaro w’akabonge. Ubu Tomoe akora igihe cose mu gufusha abandi gishira mu ngiro ya majambo nyene yatumye ashobora kwirwanako mu ngorane ziwe. Ayo majambo y’ubwenge ari mu gitabu ca kera gifitiye ubutumwa abantu bose muri iki gihe.
Woba Uhanganye n’Ingorane zo mu Rugo?
Hirya no hino kw’isi, igitigiri c’abahukana kiguma ciyongera cane. Ingorane zo mu ngo ziriyongera no mu bihugu vyo mu Buseruko, aho abantu bahoze bishimira imiryango yabo yari ifatanye mu nda. Ku vyerekeye umubano wo mu rugo, ni hehe dushobora gukura ubuyobozi buranga ubwenge kandi bufise ico buvamwo?
Rimbura ivya Shugo n’umukenyezi wiwe Mihoko, abubakanye bari bafise ingorane zidahera mu mubano wabo. Batata biturutse ku kantu gatoyi kose. Shugo yari umuntu adateba gushavura, Mihoko na we akamusubiriza mu ndumane igihe cose amutoye agakosa. Mihoko yaraniyumvira ati: ‘Nta kintu na kimwe dushobora kwumvikanako.’
Umusi umwe hari umukenyezi yaje kugendera Mihoko hanyuma amusomera aya majambo akuye mu gitabu kimwe agira ati: “Ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.”b Naho nyene Mihoko atakunda ivy’idini, yaremeye gutohoza ico gitabu kirimwo ayo majambo. Ico yakurikirana kwari ukuryohora umubano wiwe. Ni co gituma Mihoko n’umugabo wiwe bemeye badahigimanze igihe batumirwa kw’ikoraniro ryatohorezwamwo igitabu gifise umutwe uvuga ngo Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare.c
Kuri iryo koraniro, Shugo yarabonye yuko abaryitavye vy’ukuri bashira mu ngiro ivyo bariko bariga kandi ko basa n’abahimbawe. Yarafashe ingingo yo gutohoza igitabu umukenyezi wiwe yariko aratohoza. Ntiyatevye gukwegerwa n’iryungane rimwe rigira riti: “Ūteba kuraka aba ar’umunyabgenge bginshi, arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu.”d Naho vyamutwaye igihe kugira ngo ashire mu ngiro iyo ngingo ngenderwako mu buzima bwiwe, ihinduka yagira muri we uko bukeye uko bwije ryaragaragara ku bantu bamukikije, tutibagiye no ku mugore wiwe.
Kubera ko Mihoko yabona ibihinduka ku mugabo wiwe, na we yaratanguye gushira mu ngiro ivyo yariko ariga. Ingingo ngenderwako yamufashije canecane ni iyi igira iti: “Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa. Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe.”e Nuko Mihoko n’umucance wiwe bafata ingingo y’uko boza barayaga ku vyiza vyabo no ku kuntu boryohora, aho kwama batorana amahinyu. Ivyo vyatanze iki? Mihoko yibuka ati: “Ivyo vyaratumye ngira umunezero nyakuri. Ivyo tubigira imisi yose ku mugoroba turiko turafungura. N’umuhungu wacu w’imyaka itatu ariyunga kuri ico kiyago. Ivyo biratweza umutima koko!”
Igihe uwo muryango washira mu ngiro impanuro yumvikana bari barahawe, barashoboye gutsinda ingorane zariko zikwegera ubucuti bwabo ahatemba. None ivyo ntibibafitiye agaciro karuta ak’isaho yuzuye utubuyenge twitwa marijani?
Woba Ushaka Kwererwa mu Buzima Bwawe?
Kuri benshi muri iki gihe, kwirundaniriza ubutunzi ni yo ntumbero mu buzima. Yamara, umudandaza atunze wo muri Reta Zunze Ubumwe yatanze amadolari imiliyoni amajana mu bikorwa vyo gufasha abatishoboye, igihe kimwe yavuze ati: “Amahera arakwegera abantu bamwebamwe, ariko nta muntu ashobora kwambarira rimwe imyambaro ibiri y’ibirato.” Bake ni bo biyemerera icese ukwo kuri, abahagarika kwiruka inyuma y’ubutunzi na bo bakaba ari na bake kuruta.
Hitoshi yakuze ari mukene, akaba ari co gituma yari afise icipfuzo gikomeye co kuba umutunzi. Amaze kubona ukuntu abatanga ingurane bifatira abo bayihaye, yafashe iyi ngingo ati: “Nyene imbugita ni uwuyifashe ikirindi.” Hitoshi yaremera cane ububasha bw’amahera ku buryo yiyumvira yuko amahera ashobora no kugura ubuzima bw’abantu. Kugira ngo yirundanirize ubutunzi, yarihebeye akazi kiwe k’ugukora amazi kandi agakora umwaka wose, ata n’umusi n’umwe yigera aruhuka. Igihe Hitoshi yarushiriza kugerageza yivuye inyuma, ntiyatevye gutahura yuko we umukozi asanzwe atazokwigera agira ububasha bungana n’ubw’abakoresha bamuha akazi. Imisi yose yama afise umubabaro kandi atekewe n’ubwoba ngo azohomba.
Maze hari umuntu yaje ku rugi rwa Hitoshi hanyuma amubaza niba azi yuko Yezu Kirisitu yamupfiriye. Kubera ko Hitoshi yiyumvira yuko ata n’umwe yopfira umuntu nka we, vyatumye ashaka kubimenya aca aremera gusubira kuganira na we. Ku ndwi yakurikiye, yaritavye insiguro maze atangazwa no kwumva imburizi y’uko umuntu ‘yoguma aremuruye ijisho.’ Umushikirizansiguro yasiguye yuko ijisho ‘riremuruye’ ari ijisho ribona kure kandi rigatumbera ibintu vy’impwemu; ku rundi ruhande, ijisho ‘ribi,’ canke ‘rinyamunoho’ ritumbera gusa ivyipfuzo vy’umubiri vy’ako kanya kandi rikaba ribona hafi. Ya mpanuro ivuga ngo “Ah’ubutunzi bgawe buri, [n]i ho umutima wawe uzoba,” yaramukoze ku mutima.f Hariho ikintu gihambaye kuruta kuronka ubutunzi! Ntiyaribwigere yumva ikintu nk’ico.
Kubera ko vyamukoze ku mutima, yatanguye gushira mu ngiro ivyo yariko ariga. Aho kumyokera amahera, yatanguye gushira ibifise agaciro ko mu buryo bw’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe. Yaramara kandi umwanya wiwe mu kurondera ko umuryango wiwe umererwa neza mu vy’impwemu. Birumvikana, ivyo vyatuma agira umwanya muto wo gukora, yamara umurimo wiwe wagenze neza. Kubera iki?
Uko yakira impanuro yahabwa, ni ko yahinduka akareka kuba umunyamahane, agacika ingenzabuhoro n’umunyabuntu. Canecane yakozwe ku mutima n’iyi mburizi igira iti: “Ariko noneho mwiyambure n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu. Ntimukabeshane, kuko mwiyambuye umuntu wa kera n’ibikorwa vyiwe, mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye.”g Gukurikira iyo mpanuro ntivyatumye atunga, mugabo ‘kamere nshasha’ yiwe yatumye abamuha ibikorwa bamuraba ryiza bongera baramwizigira. Ni vyo, amajambo y’ubwenge yubuye yaramufashije kwererwa mu buzima bwiwe. Kuri we, ayo majambo yari afise agaciro nya gaciro karuta ak’isaho yuzuye utubuyenge twitwa marijani canke amahera.
Woba Uzopfundurura Iyo Saho?
Woba ushobora kugenekereza isaho yuzuye ubwenge yabereye iy’agaciro abo bantu bari muri utwo turorero twavuze? Ni ubwenge dusanga muri Bibiliya, igitabu gikwiragiye kuruta ibindi vyose kandi kw’isi kikaba ari igitabu kiboneka gusumba ibindi vyose. Birashoboka ko woba uyifise canke ko woyironka bitakugoye. Ariko rero, nk’uko umuntu afise isaho yuzuye utubuyenge twitwa marijani tw’agaciro hanyuma ntadukoreshe ata kamaro kanini vyomugirira, ni na ko gutunga Bibiliya gusa vyomugirira akamaro gake. Ni kuki utosa n’aho upfunduruye iyo saho, ugashira mu ngiro impanuro iranga ubwenge ya Bibiliya be n’inama itanga hageze, maze ukirabira ukuntu ishobora kugufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima.
Mu gihe wohabwa isaho yuzuye utubuyenge twitwa marijani, ntiwokenguruka none kandi ukagerageza gutora uwayiguhaye kugira ngo ushobora kumushimira? Ku vyerekeye Bibiliya, woba uzi uwayitanze?
Bibiliya irahishura Isoko ry’ubwenge tuyisangamwo igihe ivuga iti: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Itubwira kandi yuko “Ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba.” (Abaheburayo 4:12) Ni co gituma amajambo y’ubwenge dusanga muri Bibiliya ajanye n’igihe kandi akaba ari ngirakimazi kuri twebwe muri iki gihe. Ivyabona vya Yehova bazonezerezwa no kugufasha kwiga ivyerekeye uwo Mutanzi atanga atitangiriye itama, Yehova Imana, kugira ngo ushobore kuba mu murongo w’abungukira kuri ‘iyo saho yuzuye ubgenge’ bwo muri Bibiliya—igitabu c’ubwenge kirimwo ubutumwa bugenewe abantu muri iki gihe.
[Utujambo tw’epfo]
a Ico gisomwa ni ico muri 1 Ab’i Korinto 12:21, 22.
c Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 4]
Amajambo y’Ubwenge Atuma Umuntu Azigama Uburimbane mu Mutima
“[Yehova], wokwama wibuka ibigabitanyo, bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe? Ariko guharirwa kubonerwa kuri wewe kugira ngo wubahwe.”—Zaburi 130:3, 4.
“Umutima unezerewe ukesha mu maso, arik’ umubabaro wo mu mutima usāvya umushaha.”—Imigani 15:13.
“Ntube umugororotsi arengeje urugero, kandi ntiwīgire umunyabgenge burengeranye: n’iki cotuma wikwegera kuranduka?”—Umusiguzi 7:16.
“Gutanga kuzana [ubuhirwe], kuruta guhabga.”—Ivyakozwe 20:35.
“Ni mwaraka, ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse.”—Abanyefeso 4:26.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 5]
Amajambo y’Ubwenge Yerekeye Umubano wo mu Rugo Urangwa Ubuhirwe
“Ahatagira inama imigabo irapfa, ariko mu bajanama benshi irakomera.”—Imigani 15:22.
“Umutima w’umukerebutsi uronka ubgenge, n’ugutwi kw’abanyabgenge na kwo ni co kurondera.”—Imigani 18:15.
“Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.”—Imigani 25:11.
“Mwihanganiran[e], muharirana, iy’ umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’ Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. Ikigeretse kur’ ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi [wunga ubumwe].”—Ab’i Kolosayi 3:13, 14.
“Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.”—Yakobo 1:19.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]
Amajambo y’Ubwenge Kugira Umuntu Yererwe mu Buzima
“Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.”—Imigani 11:1.
“Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.”—Imigani 16:18.
“Umuntu atītāngīra mu mutima ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.”—Imigani 25:28.
“Ntukihutire kuraka mu mutima: kuk’uburake bgama mu mushaha w’ibipfu.”—Umusiguzi 7:9.
“Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi.”—Umusiguzi 11:1.
“Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.”—Abanyefeso 4:29.
[Ifoto ku rup. 7]
Gutohoza Bibiliya ni yo ntambwe ya mbere umuntu atera agana ku kwungukira kuri ya ‘saho yuzuye ubwenge’