ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/1 rup. 4-5
  • Utwigoro abantu bagize two kurwanya urupfu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Utwigoro abantu bagize two kurwanya urupfu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • URUPFU RWOBA RUSHOBORA GUTSINDWA?
  • Abantu boba bashobora kubaho igihe kingana iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Umwansi wacu rupfu azotsindwa gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Urashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/1 rup. 4-5
Umufarawo wo mu Misiri

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URUPFU RWOBA ARI IHEREZO RYA VYOSE?

Utwigoro abantu bagize two kurwanya urupfu

Umwami w’abami w’Ubushinwa Qin Shi Huang be n’umugenduzi w’uturere w’Umunyespanye Juan Ponce de León

UMWAMI W’ABAMI QIN SHI HUANG

UMUGENDUZI W’UTURERE PONCE DE LEÓN

Urupfu ni umwansi ateye ubwoba. Turarurwanya twivuye inyuma. Igihe ruhitanye uwacu, vyoshobora kutugora kuvyemera. Canke na ho igihe tukiritera tukarisama twoshobora kwiyumvira yuko uwo mwansi atazokwigera adushikira, ariko rero kuba ari ukwihenda.

Kera ni bake wasanga biyumvira ivyo kudapfa nk’uko Abafarawo ba kera bavyiyumvira. Abo Bafarawo barakoresheje igihe kinini c’ubuzima bwabo, barakoresha n’abantu ibihumbi n’ibihumbi, kugira ngo batsinde urupfu. Ivyibutso bubatse vyitwa amapiramide birerekana ko ata ko batagize mugabo ko vyabataye ku w’amazi.

Abami b’abami b’Ubushinwa na bo nyene baripfuje gushikira ukudapfa bakoresheje ubundi buryo, ubwo na bwo bukaba ari ukurondera ibintu bonywa vyotuma badapfa. Umwami w’abami yitwa Qin Shi Huang yarasavye abahinga biwe ngo bamuhingurire umuti wo kunywa ufise ubushobozi budasanzwe wotuma adapfa. Ariko rero, myinshi mu miti bahinguye yarimwo ubumara bwitwa merikire, kandi umwe muri iyo miti ushobora kuba ari wo wamwishe.

Mu kinjana ca 16 mu gihe cacu, umugenduzi umwe w’uturere w’Umunyespanye yitwa Juan Ponce de León bivugwa ko yafashe ubwato akaja mu mazinga ya Karayibe arondera iriba ry’ubuto. Muri ico gihe yarubuye akarere ka Floride ko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mugabo inyuma y’imyaka mikeya apfira mu mishamirano yagiranye n’Abanyamerika b’imvukira. Nayo rya riba ry’ubuto ntiryigeze riboneka.

Abafarawo, abami b’abami be n’abagenduzi b’uturere, abo bose bararondeye gutsinda urupfu. Naho twoba tudashima uburyo bakoresheje, ni nde muri twebwe yovuga ko ico kintu barondeye gushikako ata kamaro gifise? Tuvugishije ukuri, twese turipfuza kubandanya kubaho.

URUPFU RWOBA RUSHOBORA GUTSINDWA?

Ni kubera iki none turwanya urupfu? Bibiliya irasigura igituma. Ku bijanye n’Umuremyi wacu Yehovaa Imana, Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose yakigize ciza mu gihe caco. Mbere n’igihe kitagira urugero [ni ukuvuga “ibihe bidahera”] yagishize mu mutima wabo.” (Umusiguzi 3:11) Twipfuza kwibera kw’isi ibihe bidahera, atari ukubaho gusa imyaka 80 canke idashika. (Zaburi 90:10) Ico ni co cipfuzo dufise mu mitima yacu.

Kubera iki Imana yashize mu mitima yacu “igihe kitagira urugero,” ni ukuvuga icipfuzo co kubaho ibihe bidahera? Yoba yadushizemwo iciyumviro co kubaho ibihe bidahera kandi bidashoboka? Ivyo nta vyo yokora. Ahubwo, Imana idusezeranira yuko urupfu ruzotsindwa. Bibiliya iravuga akatari gake ko urupfu ruzovaho, ikavuga n’ubuzima budahera Imana yasezeranye.—Raba uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro ruvuga ngo “Urupfu ruzotsindwa.”

Yezu Kristu ubwiwe yavuze mu buryo butomoye ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Urupfu rero ruzoteba rutsindwe. Mugabo rero Yezu yarerekanye ko Imana yonyene ari yo izodukiza urupfu.

a Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

Urupfu ruzotsindwa

  • “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura . . . amosozi mu maso ha bose.”—Yesaya 25:8.

  • “Uku [ni] kwo kugomba kwa Data: ni uko uwo wese abona Umwana akamwizera aronka ubuzima budahera.”—Yohani 6:40.

  • “Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.”—1 Abakorinto 15:26.

  • “[Turafise] icizigiro c’ubuzima budahera, ubwo Imana idashobora kubesha yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane.”—Tito 1:2.

  • “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho.”—Ivyahishuwe 21:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika