ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/11 rup. 3-4
  • Abantu boba bashobora kubaho igihe kingana iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu boba bashobora kubaho igihe kingana iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Utwigoro abantu bagize two kurwanya urupfu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ubuzima Budahera Bwoba vy’Ukuri Bushoboka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Turashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/11 rup. 3-4

Abantu boba bashobora kubaho igihe kingana iki?

KU WA 3 Ntwarante 1513, umugenzuzi w’uturere wo muri Esupanye yitwa Juan Ponce de León yarafashe urugendo rudasanzwe. Yafashe ubwato ava i Puerto Rico yizigiye gushikira izinga ryitwa Bimini. Inkuru z’ibitito zivuga yuko yariko arondera isoko ry’amazi ry’agatangaza, ari ryo ryiswe Iriba ry’ubuto. Mugabo yashikiye aho ubu bita leta ya Floride, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nawe uca wumva ko atigeze abona rya riba ritabaho.

Muri iki gihe, abantu muri rusangi ntibarenza imyaka 70 canke 80. Naho Bibiliya itanga urutonde rw’abantu barengeje rwose iyo myaka yo kubaho, igitabu kimwe (Livre Guinness des records 2002) kivuga yuko umuntu yaramvye kuruta abandi bose bigeze kubaho yamaze imyaka 122 n’imisi 164 (Itanguriro 5:3-32). Naho ari ukwo, umuhinga mu vy’inyifato ijana n’ukuntu umubiri ukora, ari we John Harris yavuze ati: “Ubushakashatsi buherutse kugirwa, ubu burasa n’ubutwereka yuko hazoshika igihe ubusaza, eka mbere n’urupfu ntibibe bicigira akagaramaruganda”. Abahinga batari bake bo mu kinjana ca 21 baravuga ivyo “kwegereza ukudahwera”, ivy’uko “gushika mu 2099 abantu bazoba bashoboye kubaho ikiringo kidahera”, ivy’“uko utugingo ngengabuzima tw’umuntu dushobora kuguma twongerekana ata guhagarara”, n’ibindi nk’ivyo.

Mu gitabu kimwe (The Dream of Eternal Life) canditswe n’uwitwa Mark Benecke, uwo mushingantahe avuga ati: “Umubiri nka wose uriyubura incuro zitari nke mu kiringo ubuzima bw’umuntu bumara. . . . Nk’inyuma y’imyaka indwi, tuba turi abantu bashasha koko”. Yamara rero, ivyo ntibibandanya ibihe vyose kubera yuko utugingo ngengabuzima tureka kwongerekana iyo tumaze gushikira igitigiri twashingiwe c’incuro twigabagura. Ariko iyo bitaba bimeze gutyo, Benecke avuga yuko “umubiri w’umuntu woshoboye kumara igihe kirekire cane uza uriyubura, eka mbere ukaguma wiyubura ibihe vyose”.

Iyumvire kandi ubushobozi bw’akumiza ubwonko bw’umuntu bufise. Ubushobozi bw’ubwonko burarengeye kure n’iyo ubwo dushobora gukoresha mu gihe kigufiya tumara. Nk’uko igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica) kibivuga, ubwonko bw’umuntu “bufise ubushobozi bwinshi cane kuruta ubwo umuntu umwe ashobora gukoresha mu buzima bwiwe” (Icasohowe mu 1976, Imbumbe ya 12, urupapuro rwa 998). Igitabu kimwe (How the Brain Learns) canditswe na David A. Sousa, kivuga giti: “Ni nk’aho ubushobozi ubwonko bufise bwo kubika amakuru butigera buhera”.—Urupapuro rwa 78, casohowe ubugira kabiri, ku burenganzira bwatanzwe mu 2001.

Ni kubera iki abashakashatsi badashobora gutora impamvu n’imwe ituma dupfa bafatiye ku kuntu umubiri ukora? Vyongeye, ni kubera iki ubwonko bw’umuntu bufise ubushobozi buteye akoba gutyo? Vyoba bishoboka ko twaremewe kuguma twironsa ubumenyi ibihe bidahera? Ni kubera iki hoho bidushobokera kwiyumvira ibijanye n’ubuzima budahera?

Bibiliya ivuga iti: “Kandi [Imana] yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, [kugira ngo] umuntu [nta]shobor[e] guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo” (Umusiguzi 3:11). Ayo majambo yerekana yuko Imana yadushizemwo iciyumviro co kubaho ibihe bidahera. Ku bw’ivyo, twokwama imisi yose dufise ikintu twiga ku vyerekeye Imana be n’ibikorwa yakoze. Hamwe twobaho imyaka amamiliyaridi adaharurwa, ni ukuvuga ibihe bidahera, twokwama dushoboye kwiga n’ibindi bintu ku bijanye n’ibikorwa bitangaje Imana yakoze.

Amajambo Yezu Kirisitu yavuze na yo nyene arerekana ko abantu bashobora kubaho ibihe bidahera. Yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3, ni twe dushimitse.). Weho bite? Woba ushaka kubaho ibihe bidahera?

[Amafoto ku rup. 3]

Juan Ponce de León yararondeye iriba ry’ubuto

[Abo dukesha ifoto]

Ponce de León: Harper’s Encyclopædia of United States History

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika