Ibirimwo
15 Kigarama 2013
© 2013 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
INTEGURO Y’UKWIGA
3-9 RUHUHUMA 2014
Niwirinde ‘kunyiganyizwa ningoga ngo uve ku kwiyumvira kwawe’
URUPAPURO 6 • INDIRIMBO: 65, 59
10-16 RUHUHUMA 2014
Woba uzogira ivyo utanze ku bw’Ubwami?
URUPAPURO 11 • INDIRIMBO: 40, 75
17-23 RUHUHUMA 2014
URUPAPURO 17 • INDIRIMBO: 109, 18
24 RUHUHUMA 2014–2 NTWARANTE 2014
URUPAPURO 22 • INDIRIMBO: 99, 8
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Niwirinde ‘kunyiganyizwa ningoga ngo uve ku kwiyumvira kwawe’
Ese ukuntu bihambaye ko tutareka ngo duhendwe mu kwemera yuko ivyiyumviro biteye amakenga be n’ivyiyumviro bidafise ishingiro ari ukuri! Mu gitabu ca mbere n’ica kabiri vy’Abatesalonika, turahasanga ingabisho ziza ku gihe kibereye ku bwacu.
▪ Woba uzogira ivyo utanze ku bw’Ubwami?
Turakeneye kwitanga cane kugira ngo duteze imbere ivyungura Ubwami. Muri iki kiganiro turagira ico twigiye ku bimazi vyatangwa muri Isirayeli ya kera. Turihweza kandi uburorero bw’abantu benshi muri iki gihe bagira ivyo batanze kugira ngo bashigikire Ubwami.
▪ ‘Ivyo bize bibabere Icibutso’
▪ ‘Muragire ibi mu kunyibuka’
Nko mu kiringo kimwe c’umwaka, Abayuda barahimbaza Pasika abakirisu b’ukuri na bo bagahimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Ni kubera iki dukwiye kumenya ibijanye na Pasika? Tumenya gute igihe Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zikwiye guhimbarizwako, kandi zikwiye gusobanura iki kuri twebwe twese?
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Yehova yarabakingiye mu bitutu vy’imisozi
27 Ukuntu wokwihangana igihe upfakaye
32 Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi wo mu 2013
KU GIPFUKISHO: Ni urugamba rukomeye gushobora gushikira abantu basabagiye muri iyo mirambi iriko ibitandara (kopjes), imwimwe ikaba iriko ibitandara amahero. Mugabo abavukanyi bariko barabigira mu runani rw’imirambi rwa Matobo i Matabeleland muri Zimbabwe
ZIMBABWE
ABANYAGIHUGU:
12.759.565
ABAMAMAJI:
40.034
INYIGISHO ZA BIBILIYA:
90.894
Abanyagihugu bo muri Zimbabwe barakunda gusoma ibisohokayandikiro vyacu. Tugize incahagati, buri Cabona atanga ibinyamakuru 16 ku kwezi