Ibirimwo
15 Mukakaro 2013
© 2013 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Uburenganzira bwose ni ubw’abagisohoye.
INTEGURO Y’UKWIGA
2-8 NYAKANGA 2013
URUPAPURO 3 • INDIRIMBO: 128, 101
9-15 NYAKANGA 2013
“Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”
URUPAPURO 9 • INDIRIMBO: 30, 109
16-22 NYAKANGA 2013
Kugaburira benshi biciye kuri bake
URUPAPURO 15 • INDIRIMBO: 108, 117
23-29 NYAKANGA 2013
“None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?”
URUPAPURO 20 • INDIRIMBO: 107, 116
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ “Tubwire: Ivyo bizoba ryari?”
▪ “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”
Ibi biganiro biraca irya n’ino ibice vyo muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25. Biravuga ibintu bitari bike vyaryohowe mu bijanye n’ukuntu twahora dutahura igihe ibintu bivugwa muri bwa buhanuzi bwa Yezu bwerekeye imisi ya nyuma be n’ibivugwa muri wa mugani wiwe werekeye ingano n’icatsi kibi vyabereyeko. Ivyo biganiro biraca irya n’ino kandi ukuntu twebwe ubwacu twokwungukira kuri ivyo bintu vyaryohowe.
▪ Kugaburira benshi biciye kuri bake
▪ “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?”
Igihe Yezu yaba ariko aragaburira ku gitangaro amasinzi y’abantu canke ariko aragaburira mu buryo bw’impwemu abayoboke biwe, yarakurikiza icitegererezo kinaka, ni ukuvuga ko yagaburira benshi biciye kuri bake. Ikiganiro ca mbere kirerekana abo bake yacishijeko mu kugaburira abayoboke biwe barobanuwe bo mu kinjana ca mbere. Ikiganiro ca kabiri kiraca irya n’ino iki kibazo gihambaye: Abo bake Kristu acishako mu kutugaburira muri iki gihe ni bande?
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
26 Uwuheruka kuja mu bagize Inama Nyobozi
KU GIPFUKISHO: Gushinga intahe inzu ku nzu i Bukimba, i Runda mu Rwanda
URWANDA
Ica kane c’Ivyabona bo muri ico gihugu baragira uruhara mu muce munaka w’umurimo w’ubutsimvyi, kandi ibindi Vyabona b’abanyamwete bamara incahagati y’amasaha 20 mu busuku buri kwezi
IVYABONA
22.734
INYIGISHO ZA BIBILIYA
52.123
ICIBUTSO MU 2012
69.582