“Raba iyi shusho!”
Ni kangahe umaze kwibwira ayo majambo canke kuyabwira abandi igihe uzinguruye inomero nshasha y’iki kinyamakuru? Amashusho n’amafoto aryoheye ijisho ategurwa mu buryo bwitondewe, ashirwa muri ico kinyamakuru ku bw’intumbero kanaka. Ni ibintu bifasha kwigisha bituma twiyumvira tukongera tukagira inyiyumvo. Arashobora canecane kudufasha igihe dutegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi tukongera tukayigiramwo uruhara.
Nk’akarorero, nuzirikane ku catumye ishusho ya mbere yo muri buri kiganiro co kwiga itorwa ku bw’ico kiganiro. Yerekana iki? Ifitaniye isano gute n’umutwe w’ico kiganiro canke icanditswe c’ishimikiro? Ku bijanye n’ayandi mashusho, nuzirikane ku kuntu imwimwe yose ifitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru kiriko kirihwezwa be n’ukuntu yerekeye ubuzima bwawe.
Uwuyobora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi akwiye guha ishengero akaryo ko kugira ico bavuze kw’ishusho imwimwe yose, ko kuvuga ukuntu ijanye n’icigwa canke ukuntu igira ico ibakozeko umwe wese ku giti ciwe. Mu bihe bimwebimwe, haratangwa akajambo kw’ishusho kayihuza n’ingingo kanaka. Ku yandi mashusho, uwuyobora yoshobora guhitamwo ingingo vyoba vyiza bafatiyeko kugira ngo bagire ico bavuze kw’ishusho yinaka. Muri ubwo buryo, bose bazokwungukira bimwe bishitse ku vyakozwe kugira ngo umusomyi afashwe kubona ivyigwa biri mw’Ijambo ry’Imana.
Umuvukanyi umwe yabivuze muri ubu buryo ati: “Umaze gusoma ikiganiro canditswe mu buryo bwiza igitangaza, amashusho aca amera nk’ubuki ku mukate.”