Ibirimwo
15 Ndamukiza 2013
© 2013 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Uburenganzira bwose ni ubw’abagisohoye.
INTEGURO Y’UKWIGA
3-9 RUHESHI 2013
Niwungukire bimwe bishitse ku gusoma Bibiliya
URUPAPURO 7 • INDIRIMBO: 114, 113
10-16 RUHESHI 2013
Niwifashe wongere ufashe abandi biciye kw’Ijambo ry’Imana
URUPAPURO 12 • INDIRIMBO: 37, 92
17-23 RUHESHI 2013
‘Niwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo’
URUPAPURO 22 • INDIRIMBO: 70, 98
24-30 RUHESHI 2013
URUPAPURO 27 • INDIRIMBO: 129, 63
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Niwungukire bimwe bishitse ku gusoma Bibiliya
▪ Niwifashe wongere ufashe abandi biciye kw’Ijambo ry’Imana
Paulo yanditse ko “ijambo ry’Imana ari rizima kandi rigira ububasha.” (Heb. 4:12) Mugabo ubwo bubasha butugirira akamaro igihe gusa twiga Ijambo ry’Imana ryahumetswe tukongera tugashira mu ngiro ivyo ryigisha. Ibi biganiro birerekana uburyo ngirakamaro bwo kwiga Bibiliya be n’ukuntu tworeka ubukerebutsi buva ku Mana bukagira ico bukoze ku busuku bwacu no ku buzima bwacu.
▪ ‘Niwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo’
▪ ‘Ntudebukirwe’
Twaratewe agateka ko kuba mu bagize ishirahamwe ry’Imana riteye akoba ryo kw’isi no mw’ijuru. Ariko none dushobora gute gukora duhuza neza n’ivyo ririko rirarangura muri iki gihe? Ni ibiki bizodufasha kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova no kutadebukirwa? Ivyo biganiro birabisigura.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Baritanze babikunze—Muri Megizike
17 Tumaze imyaka 50 mu murimo w’igihe cose hafi ya cercle arctique
32 Wari ubizi?
KU GIPFUKISHO: Mu mashengero menshi, abavukanyi barakoranira hamwe isaha 1:30 zo mu gitondo canke imbere y’aho, ku bwo kwamamaza. Ntibagisha akaryo na kamwe ko kubwira inkuru nziza abantu kw’ibarabara
NÉPAL
ABANYAGIHUGU
26.620.809
ABAMAMAJI
1.667
INYIGISHO ZA BIBILIYA
3.265