WARI UBIZI?
Urusengero rw’i Yeruzalemu rwoba rwarigeze rusubira kwubakwa inyuma ya 70 G.C.?
YEZU yavuze ko ata buye ryo ku rusengero rwa Yehova ryosigaye rigeretse ku rindi, ubwo buhanuzi bukaba bwarangutse igihe ingabo z’Abaroma zari ziyobowe na Titus zatikiza Yeruzalemu mu 70 G.C. (Mat. 24:2) Mu nyuma, Umwami w’abami Julien yarateguye ivyo gusubira kwubaka urwo rusengero.
Julien yiswe umwami w’abami wa nyuma w’Uburoma w’umupagani. Uwo mwishwa wa Konsitantino Mukuru yaronse icitwa ngo ni inyigisho ya gikirisu. Yamara, amaze kugirwa umwami w’abami mu 361 G.C., yarahevye ku mugaragaro iyo nyigisho be n’ubukirisu bwononekaye bwo mu gihe ciwe, aba umupagani. Ibitabu vya kahise bimwita “wa Muhuni.”
Julien yaranka urunuka ubukirisu. Imvo imwe yabituma ishobora kuba yari iy’uko igihe yari afise imyaka itandatu, yabonye abaserukira ubwo bukirisu bagandagura se wiwe n’incuti ziwe. Nk’uko abahinga mu vya kahise ka Ekleziya babivuga, Julien yararemesheje Abayuda gusubira kwubaka urusengero rwabo, yizigiye ko ivyo vyokwerekanye yuko Yezu yari umuhanuzi w’ikinyoma.a
Kuba Julien yarateguye ivyo gusubira kwubaka urwo rusengero ni ntakekeranywa. Abahinga mu vya kahise baraharira barondera kumenya nimba vy’ukuri yaratanguye ico gikorwa co gusubira kurwubaka no kumenya icatumye kitabandanya, nimba caratanguye. Ariko rero hariho ikintu kizwi neza. Julien yishwe haciye imyaka idashika ibiri ari ku butegetsi, maze uwo mugambi wiwe ujana na we.
Ishusho ya rwa rusengero nk’uko rushobora kuba rwari rumeze mu gihe ca Yezu, ikaba iri hejuru y’ikibanza rwahoramwo kera
a Yezu ntiyavuze ko urwo rusengero rutokwigeze rusubira kwubakwa ahubwo yavuze ko rwotikijwe, ivyo bikaba vyabaye mu 70 G.C.