Ibirimwo
15 Ntwarante 2013
© 2013 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Uburenganzira bwose ni ubw’abagisohoye.
INTEGURO Y’UKWIGA
29 NDAMUKIZA 2013–5 RUSAMA 2013
Ku bakunda Yehova, “nta gitsitaza kihaba”
URUPAPURO 3 • INDIRIMBO: 45, 32
6-12 RUSAMA 2013
Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?
URUPAPURO 8 • INDIRIMBO: 62, 60
13-19 RUSAMA 2013
Ko ‘twamenye Imana,’ hasigaye iki?
URUPAPURO 13 • INDIRIMBO: 81, 135
20-26 RUSAMA 2013
Yehova ni we hantu hacu ho kuba
URUPAPURO 19 • INDIRIMBO: 51, 95
27 RUSAMA 2013–2 RUHESHI 2013
Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
URUPAPURO 24 • INDIRIMBO: 27, 101
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Ku bakunda Yehova, “nta gitsitaza kihaba”
Abakirisu bose bari mw’isiganwa ryo gusiganirwa agashimwe k’ubuzima budahera. Mugabo kubera igicumuro twarazwe, twese turatsitara. Iki kiganiro kizodufasha kumenya ibitsitaza bitanu congere gisigure ukuntu twotuma bitatubuza gutahukana intsinzi.
▪ Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?
Igitabu ca Yeremiya kiratubwira vyinshi ku vyerekeye umutima. Iki kiganiro kizodufasha kubona ico ari co ‘umutima utagenyerewe’ be n’ukuntu ushobora guteza akaga mbere n’abakirisu. Vyongeye, dushobora gute kugira ‘umutima wo kumenya’ Yehova?—Yer. 9:26; 24:7.
▪ Ko ‘twamenye Imana,’ hasigaye iki?
Ni intambwe izihe zishikana ku kumenya Imana no ku kumenywa na yo? Ni gute umukirisu abandanya gukura amaze kuba umuntu ahumuye mu vy’impwemu, kandi kubera iki? Iki kiganiro kizogufasha kwishura ivyo bibazo.
▪ Yehova ni we hantu hacu ho kuba
Tuba mw’isi iterekwa ivy’impwemu, yamara si ngombwa ngo dutekerwe n’ubwoba. Iki kiganiro kirerekana ukuntu Yehova we Mana yacu atubera ahantu ho kuba hatekanye kuruta ahandi hose.
▪ Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
Bisobanura iki kuba umwe mu bantu bitirirwa izina ry’Imana? Bisobanura iki kugendera muri iryo zina? Kandi Imana ibona gute abasuzugura izina ryayo? Iki kiganiro kirishura ivyo bibazo.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
18 Nuhozwe hanyuma uhoze abandi
29 Josèphe yoba vy’ukuri ari we yayanditse?
30 Ntukigere utakaza icizigiro
KU GIPFUKISHO: Finlande irafise inkengera ndende iriko utuzinga twinshi cane. Hariho kandi ibiyaga ibihumbi, na canecane hagati muri Finlande no mu buseruko bwaho. Abamamaji bamwebamwe baja gukorera igihe gito aho abamamaji bakenewe kuruta ahandi, boshobora gukoresha amato igihe bariko barashinga intahe
FINLANDE
ABANYAGIHUGU:
5.375.276
IGITIGIRI C’IVYABONA UBAGERERANIJE N’ABANYAGIHUGU MURI FINLANDE:
1 ku 283
ABATSIMVYI BASANZWE:
1.824