ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/3 rup. 30-32
  • Ntukigere utakaza icizigiro!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntukigere utakaza icizigiro!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KWUMIRA KW’IBANGA BIRAHAMBAYE
  • AGACIRO KO KWAMBARA UMUNTU MUSHASHA
  • IMBUTO ZAMA IVYAMWA HACIYE IMYAKA
  • “Abakwumviriza” bazokizwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Urukundo ruratuma twihanganira urwanko
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/3 rup. 30-32

Ntukigere utakaza icizigiro

Woba umaze imyaka myinshi uri Icabona ca Yehova ukaba wipfuza ko uwo mwubakanye yifatanya nawe mu gusenga Yehova?

Canke woba waracitse intege igihe uwo mwigana Bibiliya, uwasa n’uwushimishwa mu ntango, yareka gushigikira ukuri?

Ibintu bikeyi vyabaye mu Bwongereza biraza kugufasha kubona igituma udakwiye kwigera utakaza icizigiro. Uraza kubona kandi ico wokora kugira “[uterere] umukate wawe ku buringanire bw’amazi” mu buryo bw’ikigereranyo, kugira ngo ufashe abantu batarakira neza ukuri.—Umus. 11:1.

KWUMIRA KW’IBANGA BIRAHAMBAYE

Ikintu gihambaye wokora ni ukwumira kw’ibanga. Urakeneye kwumira ku kuri no kuri Yehova. (Gus. 10:20) Ivyo ni vyo uwitwa Georgina yagize. Igihe yatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova mu 1970, umunega wiwe Kyriacos yarashavuye cane. Yaragerageje kumubuza, akankira Ivyabona kwinjira mu nzu akongera agatwara ibitabu ivyo ari vyo vyose vy’Ivyabona vya Yehova yaba abonye.

Igihe Georgina yatangura kwitaba amakoraniro y’ishengero, Kyriacos yararushirije gushavura. Umusi umwe yaragiye ku Ngoro y’Ubwami kugira avyure amahane. Mushiki wacu umwe amaze kubona ko Kyriacos avuga neza ikigiriki kurusha icongereza, yaraterefonye umuvukanyi w’Umugiriki wo mu rindi shengero kugira aze gufasha. Kyriacos yarakozwe ku mutima n’ukuntu uwo muvukanyi yamugaragarije umutima mwiza, bakaba mbere baramaze amezi nk’angahe bigana Bibiliya. Ariko mu nyuma Kyriacos yarahevye kwiga.

Georgina yaramaze imyaka irenga itatu arwanywa. Kyriacos yavuze yuko yomuhevye aramutse abatijwe. Ku musi Georgina yari kubatirizwako, yarasenze Yehova abigiranye ubwira amusaba ko Kyriacos atomuheba. Igihe Ivyabona baza kumutora ngo bamujane kw’iteraniro, Kyriacos yababwiye ati: “Nimube muragenda, turabakurikira mu muduga wacu.” Yaritavye ikiringo co mu gitondo, arabona umugore wiwe abatizwa.

Haciye nk’imyaka 40 Georgina abonanye n’Ivyabona, yarabonye umunega wiwe abatizwa

Inyuma y’aho, Kyriacos yaragabanije kumurwanya, maze buhorobuhoro aragira amahinduka akomeye. Haciye nk’imyaka 40 Georgina abonanye n’Ivyabona, yariboneye umunega wiwe abatizwa. Ni igiki none cafashije Kyriacos? Avuga ati: “Narahimbawe rwose no kuba Georgina yari ashikamye cane.” Georgina avuga ati: “Naho umunega wanje yandwanya, sinari kureka gusenga Imana yanje. Muri ico gihe cose, naguma nsenga Yehova, kandi sinigeze ntakaza icizigiro.”

AGACIRO KO KWAMBARA UMUNTU MUSHASHA

Ikindi kintu cofasha uwo mwubakanye ni ukuba utsimbataza kamere za gikirisu. Intumwa Petero yakebuye abakenyezi bakirisu ati: “Muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo.” (1 Pet. 3:1) Uwitwa Christine yarabayeho yisunga iyo mpanuro, naho vyasavye imyaka myinshi kugira ngo agondoze umunega wiwe. Igihe yaba Icabona, ubu hakaba haciye imyaka irenga 20, umunega wiwe John yabona ko adakeneye Imana mu buzima bwiwe. Naho John atipfuza kuja mu vy’idini, yarabona ko ivyo Christine yari asigaye yemera vyari bihambaye cane kuri we. Avuga ati: “Narabona ko vyatuma agira agahimbare. Yararushirije gushikama no kuba umuntu yizigirwa, kandi ivyo vyaramfashije mu bihe vyinshi bigoye.”

Christine ntiyigeze ahata umunega wiwe ngo aje mw’idini yarimwo, uno akaba yiyemerera ati: “Christine yarabona kuva mu ntango ko vyoba vyiza andetse, kandi abigiranye ukwihangana yarandetse kugira ngo nige buhorobuhoro.” Igihe Christine yaba abonye mu Munara w’Inderetsi canke muri Be maso! ibiganiro bivuga ikintu azi ko coshimisha John, nk’ibivuga ivya siyansi n’ivyaremwe, yaca abimwereka, akamubwira ati: “Nibaza ko iki kiganiro kiza kugushimisha.”

Mu nyuma, John yarakukurutse maze atangura gukora mu busitani. Kubera ko yari afise umwanya wiyongereye wo kuzirikana ibibazo bihambaye cane mu buzima, yaratanguye kwibaza ati: ‘Twoba twabayeho biciye ku bintu vyagiye biriyadukiza, canke twaremwe ku bw’intumbero kanaka?’ Umusi umwe, hari umuvukanyi yakunda kuyaga na John yamubajije ati: “Ubona gute wize Bibiliya?” John avuga ati: “Kubera ko nari naratanguye kwemera Imana, naravyemeye.”

Ese ukuntu vyabaye ngirakamaro kuba Christine atigeze atakaza icizigiro! Amaze imyaka 20 asenga asaba yuko John yokwemera ukuri, John yarabatijwe. Ubu barasukurira Yehova n’umwete bari kumwe. John avuga ati: “Hariho ibintu bibiri canecane vyangondoje, ivyo na vyo bikaba ari umutima mwiza n’ubugenzi Ivyabona bagaragaza. Kandi igihe wubakanye n’Icabona ca Yehova, uba uri kumwe n’umuntu w’intahemuka, w’umwizigirwa kandi azira ubwikunzi.” Egome, Christine yarashize mu ngiro ya majambo ari muri 1 Petero 3:1, kandi vyaragenze neza!

IMBUTO ZAMA IVYAMWA HACIYE IMYAKA

Tuvuge iki ku bijanye n’abatohoji ba Bibiliya boshobora gutakaza ugushimishwa bari bafise mu ntango babitumwe n’imvo kanaka? Umwami Salomo yanditse ati: “Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke; kuko utazi aho bizokunda, ko ari aha canke hariya, canke nimba hompi hazoba heza cokimwe.” (Umus. 11:6) Rimwe na rimwe imbuto z’ukuri zirafata imyaka myinshi kugira ngo zikure. Naho ari ukwo, impera n’imperuka umuntu yoshobora gutahura ko bihambaye yuko yiyegereza Imana. (Yak. 4:8) Egome, umusi uri izina hari aho wokwibonera ikintu giteye umunezero utari witeze.

Rimbura ivyerekeye Alice, uwimukiye mu Bwongereza avuye mu Buhindi. Mu 1974 yaratanguye kwiga Bibiliya. Yavuga igihindi mugabo yipfuza kurushiriza kumenya icongereza. Alice yaramaze imyaka nk’ingahe yiga Bibiliya, kandi yaritavye amakoraniro makeyi mw’ishengero ry’icongereza. Yari azi ko ivyo yariko ariga ari ukuri mugabo ntiyabona ko bihambaye. N’ikindi kandi, yaritwararika cane ivy’amahera no kuja mu manza. Yahavuye aheba kwiga.

Haciye nk’imyaka 30, uwitwa Stella, uno akaba ari we yahora yigisha Alice Bibiliya, yararonse ikete yamwandikiye. Ryagira riti: “Ndazi neza ko uri buhimbarwe no kumenya ko uwo wigishije Bibiliya kuva mu 1974 yabatijwe kw’ihwaniro ry’intara riheruka. Waragize uruhara ruhambaye cane mu buzima bwanje. Warateye urubuto rw’ukuri muri jewe, kandi naho ico gihe ntari niteguye kwiyegurira Imana, naragumije urwo rubuto rw’ukuri mu muzirikanyi wanje no mu mutima wanje.”

Ikete Stella yandikiwe na Alice rigira riti: “Ndazi neza yuko uri buhimbarwe no kumenya ko uwo wigishije Bibiliya kuva mu 1974 yabatijwe kw’ihwaniro ry’intara riheruka”

Ni igiki cari carabaye? Alice asigura yuko yatuntuye cane aho umugabo wiwe apfiriye mu 1997. Yarasenze Imana. Mu minuta cumi, Ivyabona babiri bavuga ururimi rw’igipunjabi baramugendeye i muhira maze bamusigira ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye? Alice yabonye ko isengesho ryiwe ryishuwe aca ashika ku ciyumviro c’uko akwiye kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko none yari kubakura he? Yarubutse ku gatabu yahora yandikamwo utuntu karimwo aderese y’ishengero ry’igipunjabi Stella yari yaramuhaye. Alice yaragiye ku Ngoro y’Ubwami maze yakiranwa igishika n’abavukanyi be na bashiki bacu bavuga igipunjabi. Avuga ati: “Narabandanije kwiyumvamwo ico gishika kandi catumye intuntu nari mfise igabanuka.”

Yaratanguye kwitaba amakoraniro adahorereza yongera arasubira kwiga Bibiliya, aramenya kuvuga no gusoma neza igipunjabi. Mu 2003 yarabatijwe. Ikete yandikiye Stella ryasozera uku: “Ndagushimiye cane kuba warateye izo mbuto, hakaba haciye imyaka 29, no kuba warampaye akarorero keza nkurikiza.”

“Ndagushimiye cane kuba warateye izo mbuto, hakaba haciye imyaka 29, no kuba warampaye akarorero keza nkurikiza.”—Alice

Ni igiki wokwigira kuri ivyo bintu? Vyoshobora gufata igihe kirekire kuruta uko wari uvyiteze, mugabo nimba umuntu ashonje mu buryo bw’impwemu, ari inziraburyarya kandi akaba yicisha bugufi, Yehova azoreka ukuri gukurire mu mutima wiwe. Niwibuke ivyo Yezu yavuze mu kigereranyo yatanze, ati: “Imbuto . . . zi[r]amera hanyuma zigakura, mu buryo [umubivyi] atazi. Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze.” (Mrk. 4:27, 28) Iryo kura riba buhorobuhoro kandi rikaba ‘ubwaryo.’ Mu vy’ukuri, umwamamaji w’Ubwami wese ntamenya ukuntu ivyo vyoshobora kugenda. Nubandanye rero kubiba imbuto nyinshi. Woshobora kwimbura vyinshi.

Vyongeye, ntiwibagire yuko isengesho rihambaye. Georgina na Christine bagumye basenga Yehova. ‘Niwashishikara gusenga’ kandi ntiwigere utakaza icizigiro, “inyuma y’imisi myinshi” woshobora kwongera kuronka “umukate” watereye ku buringanire bw’amazi.—Rom. 12:12; Umus. 11:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika