Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza—Abeza bose boba bazoja mw’ijuru?
IVYABONA VYA YEHOVA barakunda kuyaga n’abandi ibijanye na Bibiliya. Hoba hari ikintu kijanye na Bibiliya umaze kwibazako ibibazo? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza niwasubira guhura n’Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.
Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Mariko yagendeye umugabo twise Toma.
Abazoja mw’ijuru bazojayo gukora iki?
Mariko: Iyo uzirikanye ibijanye na kazoza, ubona ko ibintu bishobora kuzotera biba vyiza, ko bizokwunyuka, canke ko bizoguma uku nyene?
Toma: Jewe mbona ko bizoteba bikaba vyiza nitwigira mw’ijuru kubana n’Imana.
Mariko: Ico ni icizigiro ciza cane. Bibiliya iravuga vyinshi ku vyerekeye ukuntu mw’ijuru hameze be n’agateka ko kujayo. Woba umaze kuzirikana ku co abazoja mw’ijuru bazoja gukorayo?
Toma: Tuzobana n’Imana, tuyishemeze ibihe bidahera.
Mariko: Emwe, ico cizigiro ufise kirahimbaye. Igishimishije, Bibiliya ntivuga gusa ivyerekeye agateka abaja mw’ijuru bazoterwa, ariko iravuga n’ivyerekeye ibanga rihambaye bazoba bafise.
Toma: Uti ibanga?
Mariko: Egome, ni iri rivugwa ng’aha mu Vyahishuwe 5:10. Uwo murongo uvuga ku vyerekeye Yezu uti: “Wabagize ubwami n’abaherezi ku Mana yacu, kandi bazoganza isi.” Woba wabonye ga Toma ibanga abaja mw’ijuru bazoba bafise?
Toma: Umurongo uvuga ko bazoganza isi.
Mariko: Wumva atari iciyumviro gishimishije?
Bazoganza bande?
Mariko: Nimba rero abaja mw’ijuru bazoganza, wumva none hadategerezwa kuba hariho abo bazoganza? Nakare, wumva intwaro itagira abatwarwa yoba imaze iki?
Toma: Ndakwumva.
Mariko: Rero ikibazo cumvikana umuntu yoca abaza ni iki: Bazoganza bande?
Toma: Nibaza ko tuzoganza abantu bo kw’isi batazoba barapfa ngo baje mw’ijuru.
Mariko: Ivyo vyosa n’ivyumvikana, mu gihe abeza bose boba bazoja mw’ijuru. Ariko zirikana iki kindi ciyumviro: Vyoba bishoboka ko abantu bamwebamwe kandi beza batazoja mw’ijuru?
Toma: Jewe sindumva umukirisu n’umwe yemera ivyo.
Mariko: Mvyuye ico kibazo kubera ibivugwa aha muri Zaburi 37:29. Ubona wohasoma?
Toma: Nta kibazo. Havuga ngo: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”
Mariko: Urakoze. Woba wabonye aho abantu benshi beza bazoba?
Toma: Ngo bazoba kw’isi.
Mariko: Ni vyo, kandi ngo ntibazoyibako igihe gito gusa. Urabona ko umurongo wavuze ngo: “Bazoyibako ibihe bidahera.”
Toma: Ayo majambo ashobora kuba ashaka gusa kuvuga ko kw’isi hazokwama hariho abantu beza. Erega dupfuye tukaja mw’ijuru, duca dusubirirwa n’abandi bantu beza bagenda baravuka.
Mariko: Abatari bake ni ko kumbure botahura uwo murongo. Ariko none ntivyoba bishoboka ko uwo murongo ushaka kuvuga ikintu gitandukanye cane n’ico? Ubwo uwo murongo ntiwoba ushaka kwerekana ko abantu beza bazoba kw’isi ibihe bidahera?
Toma: Aho sinibaza ko ndiko ndagutahura.
Isi izoba Iparadizo
Mariko: Raba ico ikindi gihimba co muri Bibiliya kivuga ku bijanye n’ingene ubuzima buzoba bumeze kw’isi muri kazoza. Dusome mu Vyahishuwe 21:4. Ku bijanye n’abazoba bariho ico gihe, uwo murongo uvuga uti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.” Wumva ico cizigiro kidahimbaye?
Toma: Koko. Mugabo nibaza ko uwo murongo uriko uravuga ingene ubuzima buzoba bumeze mw’ijuru.
Mariko: Ni ivy’ukuri yuko abazoja mw’ijuru bazokwironkera imihezagiro nk’iyo. Ariko subira urabe uwo murongo. Ubona uvuga ko urupfu bizorugendera gute?
Toma: Ngo “urupfu ntiruzoba rukiriho.”
Mariko: Neza cane. Ndibaza ko nawe wemera yuko hamwe umuntu yovuga ko ikintu kitakiri ahantu kanaka ico kintu kiba carahigeze.
Toma: Ivyo birumvikana.
Mariko: Ariko mw’ijuru nta rupfu rwigeze rubaho, ndabeshe? Kw’isi gusa ni ho abantu bapfa.
Toma: Ni vyo, ariko . . . Sinzi, nzovyiyumvira nitonze.
Mariko: Urabona Toma, Bibiliya yigisha ko abeza bamwebamwe gusa ari bo bazoja mw’ijuru, abandi benshi bakaba ng’aha kw’isi ibihe bidahera. Ndazi neza ko umaze kwumva aya majambo azwi cane avuga ngo: “Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.”—Matayo 5:5, Bibiliya Yera.
Toma: Ni vyo, ndamaze kuyumva kenshi bayasoma aho nsenga.
Mariko: Nimba abatekereza bazoragwa isi, ntibica none bisobanura ko kw’isi hazoba abantu? Abazoba kw’isi bazokwironkera ya mihezagiro ivugwa mu Vyahishuwe. Bazokwibonera ingene isi yacu ihinduka rwose kubera ko Imana izokuraho ikintu kibi cose, eka mbere n’urupfu.
Toma: Ndabona ico ushaka kuvuga, mugabo sinibaza ko umurongo umwe canke ibiri gusa yo muri Bibiliya yokwemeza ko ivyo uvuga ari vyo.
Mariko: Emwe, ntubeshe. Mu vy’ukuri, hari ivyanditswe vyinshi bivuga ingene ubuzima buzoba bumeze kw’isi muri kazoza. Hari akanya ufise ngo nkwereke umwe mu mirongo nkunda cane?
Toma: Ego, ndafise iminota mikeyi.
‘Umubisha ntazoba akiriho’
Mariko: Kare twasomye umurongo wa 29 wa Zaburi ya 37. Reka dusubire muri iyo zaburi. Ubu hoho dusome umurongo wa 10 n’uwa 11. Woshima kuhasoma?
Toma: Egome. Hagira hati: “Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”
Mariko: Urakoze. Ubona umurongo wa 11 uvuga ko “abatekereza,” ari bo beza, bazoba hehe?
Toma: Havuga ko “bazokwigabira isi.” Ariko rero je mbona ko uyu murongo uvuga ibintu biba muri iki gihe kuko abeza baba kw’isi muri iki gihe.
Mariko: Ni vyo. Mugabo urabona ko uwo murongo uvuga kandi ko abeza bazokwinovora “amahoro menshi.” Ariko nta mahoro menshi tubona kw’isi muri iki gihe, ndabeshe?
Toma: Ni vyo, nta yariho.
Mariko: Uti none uwo muhango uzoranguka gute? Noshobora kubitangira aka karorero: Dufate ko ufise inzu nini cane. Bamwebamwe mu bayipanzemwo ni abantu beza; bitwararika inzu babamwo kandi babana neza n’abandi. Kuba bagupangiye usanga biguhimbara. Ariko abandi bobo ni abapangayi babi; baronona inzu kandi bakabuza amahoro ababanyi babo. None nka hamwe abo bapangayi babi bokwanka guhindura ingendo, wokora iki?
Toma: Noca ndabirukana.
Mariko: Ivyo nyene ni vyo Imana igiye kuzokorera abantu babi tubona muri iki gihe. Subira urabe umurongo wa 10. Uvuga uti: “Umubisha [ntazoba] akiriho.” Mu yandi majambo, twovuga ko Imana izokwirukana abo bantu babuza amahoro abandi. Abeza bazoca rero bashobora kwibera kw’isi mu mahoro. Ndabona ko iki ciyumviro c’uko abeza bazoba kw’isi ibihe bidahera hari ukuntu coba gitandukanye n’ivyo wari warigishijwe.
Toma: Emwe, aho nsenga sindumva bigisha ico kintu.
Mariko: Kandi nk’uko wabivuze, kuraba umurongo umwe canke ibiri ijanye n’ico kibazo ntibihagije. Mu vy’ukuri, dukeneye kwihweza ico Bibiliya yose ivuga ku bijanye na kazoza k’abantu beza. Ariko uravye ivyanditswe twasomye uno musi, woba wibaza yuko bishoboka ko abeza bamwe bazoja mw’ijuru, abandi beza bakaba ng’aha kw’isi ibihe bidahera?
Toma: Sinzi neza. Mugabo mvugishije ukuri mbona umengo ni ko biri ndavye ivyanditswe twasomye. Nzobandanya kubizirikanako.
Mariko: Igihe uzoba uriko urabizirikana, hari ibindi bibazo vyoshika ukibaza. Nk’akarorero, bizogendera gute abeza babayeho imbere yacu? Bose boba baragiye mw’ijuru? Nimba batagiyeyo, ubu bari hehe?
Toma: Ivyo ni ibibazo vyiza.
Mariko: Hari ibintu bibiri noshima kugira. Ubwa mbere, nagomba nkwandikire ivyanditswe bikeyi bijanye n’ico kibazo.a Ubwa kabiri, noshima kuzogaruka tukaganira kuri ivyo vyanditswe igihe uzoba umaze kubisoma no kubizirikanako. Uvyumva gute?
Toma: Numva bitomoye. Urakoze.
[Akajambo k’epfo]