Ugukiza Imvune z’Intambara
ABRAHAM yamaze imyaka 20 ari mu ngabo z’abaroberi.a Mugabo yarahagaritse kurwana kandi ntazokwigera asubira kuja mu ntambara. Kukaba nkako, bamwebamwe mu bo bahora bankana ubu ni abagenzi somambike biwe. Ni igiki catumye ahinduka? Bibiliya ni yo yabitumye. Yarahaye Abraham icizigiro n’uguca mu kajisho, iramufasha kubona ivyo abantu bakora mu buryo bujanye n’uko Imana ibona ibintu. Bibiliya yaramukuyemwo icipfuzo yari afise co kurwana, hanyuma itangura gukiza umubabaro, intuntu, urwanko, be n’umururazi yari afise. Yasanze Bibiliya irimwo umuti ufise ububasha uvura umutima.
Bibiliya ifasha gute umuntu gukira imvune zo mu vy’akanyengetera? Ntiyoshoboye guhindura ivyari vyarashikiye Abraham. Mugabo, ugusoma n’ukuzirikana kw’Ijambo ry’Imana kwaratumye uburyo bwiwe bwo kwiyumvira buhura n’ubw’Umuremyi. Ubu arafise icizigiro ca kazoza, akagira n’ibintu bishasha ashira imbere. Ibintu bihambaye ku Mana vyacitse ibihambaye kuri we. Igihe ivyo vyatangura kuba, imvune zo mu mutima wiwe zaciye zitangura gukira. Ukwo ni ko Abraham yafashijwe kugira ngo ahinduke.
Yarisutse mu Ntambara y’Abanyagihugu
Abraham yavukiye muri Afirika mu myaka y’1930. Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, igihugu ciwe caratwawe n’igihugu kibanyi gikomeye, mugabo benshi mu basangiye igihugu na Abraham bashaka ukwikukira. Mu 1961, Abraham yariyunze ku muhari waharanira umwidegemvyo wateye intambara bwa barobere urwanya ca gihugu kibanyi gikomeye.
Abraham asigura ati: “Bari abansi bacu. Bategekanya kutwica, ari co gituma twatanguye kubica.”
Ubuzima bwa Abraham kenshi bwama buhakwa, ni co gituma mu 1982, inyuma y’imyaka 20 y’urugamba, yahungiye i Buraya. Ico gihe yari hafi gushikana imyaka 50, kandi akaba yasanze yifitiye umwanya, yarazirikanye ku ngendo y’ubuzima bwiwe. None ivyipfuzo vyiwe vyacitse iki? Kazoza kamubikiye iki? Abraham yarahuye na bamwebamwe mu Vyabona vya Yehova hanyuma atangura kwitaba amakoraniro yabo. Yaributse yuko muri Afirika mu myaka nk’ingahe imbere y’aho, yasomye agataragiti yahawe n’Icabona. Ako gataragiti kadondora iparadizo igiye kuza kw’isi be n’intwaro yo mw’ijuru yotegetse ubwoko-muntu. Ivyo vyobayeho koko?
Abraham avuga ati: “Muri Bibiliya, narize yuko iyo myaka yose namaze ndiko ndarwana yapfuye ubusa. Intwaro yonyene izotunganiriza umuntu wese ata mwana n’ikinono ni Ubwami bw’Imana.”
Abraham amaze igihe gito abatijwe bwa Cabona ca Yehova, umugabo umwe yitwa Robert yarahunze ava muri Afirika aja muri ca gisagara c’i Buraya Abraham yabamwo. Robert na Abraham bari bararwanye mu ntambara imwe mugabo mu migwi ihanganye. Robert yaribaza kenshi ivyerekeye intumbero nyakuri mu buzima. Yari umunyedini, kandi kubera yari amaze gusoma ibihimba vya Bibiliya, yari azi ko izina ry’Imana ari Yehova. Igihe Ivyabona bo mw’ishengero Abraham yarimwo basaba Robert kumufasha gutahura Bibiliya neza kuruta, yaravyemeye adahigimanze.
Robert asigura ati: “Kuva mu ntango, naratangajwe n’uburyo ivyo Vyabona bakoresha amazina ya Yehova na Yezu, bakemera icese yuko ari abantu batandukanye. Ivyo vyari bihuye n’ivyo nari maze kumenya muri Bibiliya. Ivyabona kandi bambara neza kandi bakagirira ubuntu abandi, bataravye ubwenegihugu. Ivyo bintu vyarankoze ku mutima cane.”
Abansi Bahinduka Abagenzi
Robert na Abraham, abahora bankana, ubu ni abagenzi somambike. Bakora bwa bamamaji b’igihe cose mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova. Abraham asigura ati: “Mu gihe c’intambara, kenshi naribaza ukuntu vyashoboka ko abantu bo mu bihugu bibanyi bankana—benshi muri bo bakaba bari mw’idini rimwe. Jewe na Robert twari mw’idini rimwe, yamara tukaja mu ntambara y’ukurwana hagati yacu. Ubu twempi turi Ivyabona vya Yehova, kandi ukwizera kwacu kwaratunywanishije.”
Robert yongerako ati: “Ubwo ni bwo budasa. Ubu twegukira ukwizera gutuma tuba mu bagize ikivukano nyakuri. Ntitwokwigera dusubira kuja mu ntambara.” Bibiliya yaragize akosho gakomeye ku mitima y’abo bahora bankana. Urwanko n’umururazi vyagiye birabisa ukwizigirana n’ubugenzi.
Muri ico gihe nyene Abraham na Robert bari mu ntambara, iyindi misore ibiri yari ku mpande zihanganye z’ayandi matati hagati y’ibihugu bibiri bibanyi. Bibiliya haciye igihe gito yakoze nk’umuti ufise ububasha mu kuvura imitima yabo na bo. Gute?
Ica—Maze Upfe Rumaratiri
Gabriel, uwari yarerewe mu muryango wijukiye ivy’ugusenga, yigishijwe yuko igihugu c’amavukiro ciwe cari mu ntambara nyeranda. Kubera ico, ashikanye imyaka 19 y’amavuka, yarasavye avyishakiye kuja mu gisoda maze asaba kurungikwa ku rugamba. Yamaze amezi 13 ari mu rugamba rushushe, rimwe na rimwe akarwanira nko ku kirometero n’igice gusa uvuye aho umwansi ari. Avuga ati: “Ndibuka canecane igihe kimwe. Umukomanda wacu yatubwiye yuko umwansi yoshoboye gutera muri iryo joro. Twari dushungumiwe cane ku buryo twarashe vya muzinga vyacu ijoro ryose.” Yabona abantu bo mu gihugu kibanyi nk’abansi biwe, bakwiriye gupfa. “Iciyumviro canje kwari ukwica abantu benshi bashoboka. Maze, cokimwe na benshi mu bagenzi banje, nashaka gupfa rumaratiri.”
Ariko rero, mu nyuma Gabriel yaratahuye ko aruhira ubusa. Yarahungiye mu misozi, aca anyombanyomba ajabuka umupaka yinjira mu gihugu ataho cegamiye mu vy’iyo ndwano, maze afata urugendo rumushikana i Buraya. Yaguma abaza Imana igituma ubuzima bugoye ukuraho, nimba ingorane ari igihano kiva ku Mana. Yarahuye n’Ivyabona vya Yehova, abamweretse muri Bibiliya igituma ubuzima bwuzuye ingorane ukuraho muri iki gihe.—Matayo 24:3-14; 2 Timoteyo 3:1-5.
Uko Gabriel yarushiriza kwiga ibintu muri Bibiliya, ni ko yarushiriza gutahura yuko irimwo ukuri. “Narize yuko dushobora kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo. Emwe biratangaje, kuko ico ari ikintu nacambirwa igihe nari nkiri umwana.” Bibiliya yarahumurije Gabriel yongera iraruhurira umutima wiwe gushika ico gihe wari udugaraye. Imvune ziwe zo mu vy’akanyengetera zirushirije kuba izigera ibwina zaratanguye gukira. Ni co gituma igihe yahura na Daniel, uwo bahora bankana, Gabriel atiyumvisemwo urwanko namba. Mugabo ni igiki catumye Daniel aja i Buraya?
“Nimba vy’Ukuri Ubaho, Ndakwinginze Umfashe!”
Daniel yarezwe bwa Mugatolika kandi ashikanye imyaka 18 yarahamagariwe kuja mu gisoda. Yararungitswe kurwana muri ya ntambara nyene Gabriel yarimwo mugabo ku ruhande rw’ababarwanya. Begereje aho barwanira, Daniel yariko agendera mu kibulende igihe caraswa. Abagenzi biwe barishwe, na we yarakomeretse bimwe bikomeye yongera agirwa imbohe. Yamaze amezi mu bitaro no mw’ikambi imbere y’uko ajanwa mu gihugu ataho cegamiye muri iyo ndwano. Ari wenyene kandi yimpfumbereje, yiyumviriye ivy’ukwiyahura. Daniel yasavye Imana ati: “Nimba vy’ukuri ubaho, ndakwinginze umfashe!” Ku musi nyene ukurikira, Ivyabona vya Yehova baramugendeye kandi barashoboye kwishura vyinshi mu bibazo vyiwe. Amaherezo, yarafashe urugendo rwo kuja i Buraya bwa mpunzi. Daniel yarongeye kandi kwifatanya n’Ivyabona maze yiga Bibiliya. Ivyo yize vyaramukuyemwo amaganya n’umururazi.
Gabriel na Daniel ubu ni abagenzi bafatanye mu nda, bunze ubumwe mu kivukano co mu buryo bw’impwemu ari Ivyabona vya Yehova babatijwe. Gabriel avuga ati: “Urukundo nkunda Yehova n’ubumenyi bwerekeye Bibiliya vyaramfashije kubona ibintu nk’uko abibona. Daniel ntakiri umwansi wanje. Iyaba ari mu myaka iheze, nomwishe ata kabuza. Bibiliya yaranyigishije igihushanye cane n’ivyo—kugira umutima ukunze wo gupfa ku bwiwe.”
Daniel avuga ati: “Narabonye abantu bo mu madini atandukanye n’abafise ubwenegihugu butandukanye bariko baricana. Kandi bari abantu bari mw’idini rimwe bari mu migwi ihanganye mu ntambara bicana. Igihe nabona ivyo, niyumvisemwo ko Imana ari yo yobibazwa. Ubu ndazi yuko Shetani ari we ari inyuma y’intambara zose. Jewe na Gabriel ubu turasangiye ukwizera. Ntituzokwigera dusubira kurwana!”
“Ijambo ry’Imana [Ni] Rizima, Rifise Ubukuba”
Ni kuki Abraham, Robert, Gabriel, na Daniel bahindutse mu buryo butangaje? Bashoboye gute kurandurana n’imizi urwanko n’intuntu vyari vyarashinze imizi mu mitima yabo?
Umwe wese muri abo bagabo yarasomye ukuri kwo muri Bibiliya, arakuzirikanako yongera arakwiga, iyo Bibiliya na yo ikaba ari “[n]zima, [i]fise ubukuba.” (Abaheburayo 4:12) Uwandikishije Bibiliya ni Umuremyi w’ubwoko-muntu, uwuzi ukuntu yoshobora kwosha mu vyiza umutima w’umuntu ari n’ugushaka kwumviriza no kwiga. “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka.” Igihe umusomyi aretse ubwiwe akarongorwa na Bibiliya, araronka imico n’ingingo ngenderwako bishasha. Atangura kwiga ukuntu Yehova abona ibintu. Iyo ngendo irazana ivyiza vyinshi, harimwo ugukizwa imvune z’intambara.—2 Timoteyo 3:16.
Ijambo ry’Imana risigura yuko ata gihugu, ibara ry’urukoba canke ubwoko bwiza canke bubi kuruta ibindi. “Imana [n]tirobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.” Umusomyi yemera ivyo arafashwa buhorobuhoro gutsinda inyiyumvo z’urwanko rushingiye kw’ibara ry’urukoba canke ku gihugu.—Ivyakozwe 10:34, 35.
Ubuhanuzi bwa Bibiliya burerekana yuko Imana vuba igiye gusubiriza uru runkwekwe rw’ubutegetsi bw’abantu n’Ubwami bwayo butwarwa na Mesiya. Biciye kuri iyo ntwaro, Imana “[i]ca intambara gushitsa ku mpera y’isi.” Inzego zikokeza intambara zikongera zigahimiriza abantu kurwana muri zo zizokurwaho. Abahitanwa n’intambara bazozuka maze bahabwe akaryo ko gushobora kubaho kw’isi y’iparadizo. Nta n’umwe azoba agikeneye guhunga uwuteye canke uwucinyiza.—Zaburi 46:9; Daniyeli 2:44; Ivyakozwe 24:15.
Ku vyerekeye abantu bazoba babaho muri ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire . . . Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa.” Nta cononekara canke gikomereka kitazovurwa. Kugira ukwizera muri mwene ico cizigiro bigenda buhorobuhoro bikura intuntu n’umubabaro mu mutima w’umuntu.—Yesaya 65:21-23.
Bibiliya vy’ukuri ni umuti ufise ububasha uvura umutima. Inyigisho zayo ziramaze gukiza imvune z’intambara. Abahora bankana barunze ubumwe mu kivukano kimwe mpuzamahanga. Ubwo buryo bw’ugukiza buzobandanya mu runkwekwe rushasha rw’Imana gushika aho hatazoba hakiriho urwanko n’umururazi, umubabaro n’intuntu mu mitima y’abantu. Umuremyi asezerana yuko “ivya mbere [bitazokw]ibukwa, kandi [bita]zoruha vyiyumvirwa.”—Yesaya 65:17.
[Akajambo k’epfo]
a Amazina amwamwe muri iki kiganiro yarahinduwe.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 3]
“Muri Bibiliya, narize yuko iyo myaka yose namaze ndiko ndarwana yapfuye ubusa”
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Bibiliya irashobora kugira akosho gakomeye ku mitima y’abahora bankana
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Urwanko n’umururazi vyagiye birabisa ukwizigirana n’ubugenzi
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Igihe umusomyi aretse ubwiwe akarongorwa na Bibiliya, araronka imico n’ingingo ngenderwako bishasha
[Ifoto ku rup. 6]
Abahora bankana, ubu barunze ubumwe mu kivukano mpuzamahanga
[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]
Ikambi y’impunzi: UN PHOTO 186811/J. Isaac